Samweli wa mbere
2 Maze Hana arasenga, avuga ati:
Ndavuga ata bwoba, nkigamba abansi banje,
kuko mpimbarwa n’ingene ukiza.
2 Nta mweranda ariho ameze nkawe Yehova.
Nta n’umwe ameze nkawe+,
kandi nta gitandara kiriho kimeze nk’Imana yacu+.
3 Nimureke kuvugana ubwibone.
Ntihagire na kimwe muvugana ubwishime,
kuko Yehova ari Imana izi vyose+.
Arasuzuma ata karenganyo ivyo abantu bakora.
5 Abahora barya neza babwirizwa guca ingero ngo baronke ico barya*,
mugabo abari bashonje, inzara barabaza+.
7 Yehova arashoboye gutuma umuntu akena canke atunga+.
Arashoboye kumumanura canke kumushira hejuru+.
8 Ashira hejuru umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu,
akaduza umworo amukuye mu kirundo c’umunyota*+,
kugira abicarike hamwe n’abanyacubahiro,
abahe ikibanza c’iteka.
9 Arinda ibirenge vy’intahemuka ziwe+.
Nayo ababisha, azobahonereza mu mwiza+,
kuko inkomezi atari zo zituma umuntu atsinda+.
11 Maze Elikana asubira iwe i Rama. Wa mwana na we atangura gukorera Yehova+ ahagarikiwe n’umuherezi Eli.
12 Abahungu ba Eli bari abantu babi+, batubaha Yehova. 13 Hari ibintu abaherezi bari bafitiye uburenganzira ku mashikanwa abantu baba batanze+. Iyo rero umuntu ashikanye ikimazi, umusuku w’umuherezi yahengera inyama ziriko ziratogota, akaza afise icaruzo c’amenyo atatu. 14 Yaca acumita ico caruzo mu gisafuriya, mu nkono y’ikigōmbo* kimwe canke bibiri, canke mu kindi combo batekamwo. Ikintu cose nya caruzo caduza, umuherezi yaca agitwara. Ivyo ni vyo bagirira Abisirayeli bose baza i Shilo. 15 N’imbere y’uko nyene gutanga ikimazi aturira ikinure ngo gifumbe umwotsi+, umusuku w’umuherezi yaraza akamubwira ati: «Zana inyama zo kwokereza umuherezi. Ashaka mbisi, ntashaka izitogosheje.» 16 Nya muntu amubwiye ngo: «Reka babanze baturire ikinure gifumbe umwotsi+, uheze utware izo ushaka* zose», uwo musuku yaca avuga ati: «Oya. Zimpe ubu nyene, wanse ndazitware ku nguvu.» 17 Igicumuro ca nya basuku kiba igikomeye cane imbere ya Yehova+, kuko abo bagabo bakengera amashikanwa ahabwa Yehova.
18 Nayo Samweli yakorera+ imbere ya Yehova yambaye* efodi* yera+, naho yari akiri agahungu. 19 Kandi buri mwaka, nyina yaramukorera agahuzu katagira amaboko, akakamuduganira igihe yaba azananye n’umugabo wiwe i Shilo gushikana ikimazi batanga buri mwaka+. 20 Eli ahezagira Elikana n’umugore wiwe, avuga ati: «Yehova aguhe umwana kuri uyu mugore mu kibanza c’uwo mwahaye* Yehova+.» Nuko basubira iwabo. 21 Yehova yitwararika Hana maze avyara abandi bana+: abahungu batatu n’abakobwa babiri. Wa muhungu Samweli abandanya gukurira imbere ya Yehova+.
22 Nayo Eli yari ashaje cane. Yari yarumvise ibintu vyose abahungu biwe bakorera+ Abisirayeli bose be n’ingene baryamana n’abagore bakorera ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+. 23 Yababwira ati: «Kubera iki muguma mukora ibintu nk’ivyo? Ibintu numva abantu bose babavugako ni bibi. 24 Oya bane banje, amakuru numva mu bantu ba Yehova si meza. 25 Umuntu acumuye kuri mugenziwe yoshobora kuronka uwumusabira kuri Yehova*. Ariko umuntu acumuye kuri Yehova+, ni nde yomusengera?» Mugabo ntibumviriza se wabo, kuko Yehova yari yiyemeje kubica+. 26 Nayo wa muhungu Samweli yaguma akura, agashimwa na Yehova n’abantu+.
27 Nuko umuntu w’Imana araza, abwira Eli ati: «Ibi ni vyo Yehova avuze: “Mbega sinihishuriye neza umuryango* wa sokuruza wawe igihe bari abashumba ba Farawo* mu Misiri+? 28 Ni we yatowe mu miryango yose ya Isirayeli+ ngo ambere umuherezi, atange ibimazi ku gicaniro canje+, aturire imibavu* yongere ankorere yambaye efodi. Kandi umuryango wa sokuruza wawe nawuhaye amashikanwa yose bashikanisha umuriro, atangwa n’Abisirayeli+. 29 Kubera iki none musuzugura* ibimazi n’amashikanwa nategetse ko banshikanira ku nzu yanje+? Kubera iki uguma utera iteka abahungu bawe kunduta, mukaguma mwirira ibipande vyiza cane vy’amashikanwa yose abantu banje b’Abisirayeli batanga, mukivyibuhira+?
30 Ni co gituma jewe Yehova Imana ya Isirayeli ngize nti: ‘Ni ivy’ukuri ko navuze yuko umuryango wawe n’umuryango wa sokuruza wawe yonkoreye* ibihe vyose+.’ Mugabo ubu jewe Yehova mvuze nti: ‘Ntibishoboka, kuko abantera iteka ari bo nzotera iteka+, ariko abansuzugura nzobasuzugura.’ 31 Ehe raba, mu misi iri mbere wewe n’umuryango wa sokuruza wawe nzobaka inkomezi* kugira ngo ntihazogire umuntu wo mu muryango wawe ashikira imyaka y’ubusaza+. 32 Igihe nzogirira neza Isirayeli, wewe uzoguma ubona umwansi mu nzu yanje+. Kandi mu muryango wawe nta mutama azosubira kubonekamwo. 33 Nzoreka umugabo umwe wo mu muryango wawe agume ankorera ku gicaniro canje. Azotuma amaso yawe aruha, agutere n’intuntu*. Mugabo benshi mu muryango wawe bazokwicwa n’inkota+. 34 Ibizoshikira abahungu bawe babiri Hofuni na Finehasi, ni vyo bizokubera ikimenyetso: bompi bazopfira umusi umwe+. 35 Nzoca ngena umuherezi w’umwizigirwa+. Azokora ivyo umutima wanje ugomba*, kandi abamukomokako bazoba abaherezi ibihe vyose*. Azokwama ari umuherezi* w’uwo narobanuje amavuta. 36 Uwuzosigara wese mu muryango wawe azoza amupfukamire kugira arabe ko yoronka amahera n’ico arya. Azomubwira ati: ‘Ndagusavye unshinge kimwe mu bikorwa vy’abaherezi, ndabe ko noronka ico ndya*+.’”»