ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 13
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Ibizoshikira abahanuzi b’ikinyoma (1-16)

        • Impome zisize ishwagara zizogwa (10-12)

      • Ibizoshikira abahanuzikazi b’ikinyoma (17-23)

Ezekiyeli 13:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu mutima wabo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mik 3:5; Zf 3:4
  • +Yr 14:14; 23:16

Ezekiyeli 13:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 23:32

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/1999, rup. 24-25

    1/5/1997, rup. 16

Ezekiyeli 13:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 22:30
  • +Yes 2:12; Yw 1:15

Ezekiyeli 13:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 29:31, 32

Ezekiyeli 13:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 22:28

Ezekiyeli 13:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 14:14; 28:15, 16; 29:8, 9
  • +Ezk 6:13; 11:10

Ezekiyeli 13:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga ko bubaka uruhome rw’indani rudakomeye, bakarusiga ishwagara kugira ruboneke ko rukomeye.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 6:13, 14
  • +Yes 30:10; Ezk 22:28

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/1999, rup. 24-25

Ezekiyeli 13:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «nawe rubura uzogwa.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 27:8

Ezekiyeli 13:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 37:19

Ezekiyeli 13:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 30:12, 13

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/5/1997, rup. 16

Ezekiyeli 13:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 6:13, 14; 28:1-4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/5/1997, rup. 16

Ezekiyeli 13:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga udutambara tw’ivy’amageza twambarwa ku nkokora canke ku bikonjo.

Ezekiyeli 13:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mik 3:11
  • +Yr 23:14

Ezekiyeli 13:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 6:13

Ezekiyeli 13:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ata mubabaro.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 27:14
  • +Yr 23:14
  • +Yr 23:16, 17

Ezekiyeli 13:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 18:10, 14; Yr 27:9; Mik 3:6

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 13:2Mik 3:5; Zf 3:4
Ezk. 13:2Yr 14:14; 23:16
Ezk. 13:3Yr 23:32
Ezk. 13:5Ezk 22:30
Ezk. 13:5Yes 2:12; Yw 1:15
Ezk. 13:6Yr 29:31, 32
Ezk. 13:8Ezk 22:28
Ezk. 13:9Yr 14:14; 28:15, 16; 29:8, 9
Ezk. 13:9Ezk 6:13; 11:10
Ezk. 13:10Yr 6:13, 14
Ezk. 13:10Yes 30:10; Ezk 22:28
Ezk. 13:11Yes 27:8
Ezk. 13:12Yr 37:19
Ezk. 13:15Yes 30:12, 13
Ezk. 13:16Yr 6:13, 14; 28:1-4
Ezk. 13:19Mik 3:11
Ezk. 13:19Yr 23:14
Ezk. 13:21Ezk 6:13
Ezk. 13:22Yr 27:14
Ezk. 13:22Yr 23:14
Ezk. 13:22Yr 23:16, 17
Ezk. 13:23Gus 18:10, 14; Yr 27:9; Mik 3:6
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 13:1-23

Ezekiyeli

13 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi bw’ibizoshikira abahanuzi ba Isirayeli+, ubwire abavuga ubuhanuzi bikuriye mu mutwe*+ uti: “Nimwumve ijambo rya Yehova. 3 Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Baragowe abahanuzi b’ibijuju bakurikira umutima wabo bwite, kandi ata co beretswe+! 4 Ewe Isirayeli, abahanuzi bawe basigaye bameze nk’imbwebwe mu bihomvagurike. 5 Ntimuzoja aho inzitiro z’amabuye zasambutse ngo muhasanurire Abisirayeli+ ku buryo Isirayeli idahunga urugamba ku musi wa Yehova+.’ 6 ‘Beretswe ibinyoma, bavuga ubuhanuzi bw’ububeshi, barya bavuga ngo: “Ibi ni vyo Yehova avuze”, kandi Yehova ubwiwe atabatumye, maze bakarindira ko ivyo bavuze bishika+. 7 Mbega igihe muvuga ngo: “Ibi ni vyo Yehova avuze”, kandi jewe ata co navuze, ntimuba mweretswe ibinyoma, mukavuga ubuhanuzi bw’ububeshi?’”

8 “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘“Ko mwavuze ibinyoma, mukerekwa ivy’ububeshi, ni co gituma ngira ndabarwanye”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze+.’ 9 Abahanuzi berekwa ibinyoma bakavuga ubuhanuzi bw’ububeshi, nzobahanisha ukuboko kwanje+. Ntibazoba mu bagenzi banje somambike. Ntibazokwandikwa mu gitabu c’Abisirayeli canke ngo bagaruke mu gihugu ca Isirayeli. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Umukama Segaba Yehova+. 10 Ivyo bizoba kubera bahubije abantu banje, bakavuga ngo: ‘Hari amahoro!’ kandi ata mahoro ahari+. Igihe hubatswe uruhome rudakomeye, barusiga ishwagara*+.”

11 Bwira abarusiga ishwagara yuko ruzogwa. Hazoza imvura y’isegenya hagwe n’urubura*, maze ibihuhusi bikomeye vy’umuyaga birusenyurire hasi+. 12 Kandi urwo ruhome nirwatemba, muzobazwa ngo: “Ivyo mwari mwarusize biri hehe+?”

13 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Kubera uburake bwanje, nzotuma hatera ibihuhusi bikomeye vy’umuyaga, kubera ishavu ryanje hatere imvura y’isegenya, hatere n’urubura kubera ubushangashirwe bwanje buhonya. 14 Nzosenyura uruhome mwasize ishwagara, rushike hasi, n’umushinge warwo uje ahabona. Igisagara nicatemba muzohonera muri co. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”

15 “Ninarekurira uburake bwanje bwose kuri urwo ruhome no ku barusize ishwagara, mwebwe nzobabwira nti: ‘Rwa ruhome ntirukiriho, kandi n’abarusize ntibakiriho+. 16 Abahanuzi ba Isirayeli ntibakiriho, bamwe babwira ubuhanuzi Yeruzalemu, bakerekwa yuko izogira amahoro kandi ata mahoro ahari+’”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

17 Ewe mwana w’umuntu, hindukira urabe abakobwa bo mw’ihanga ryanyu bavuga ubuhanuzi bikuriye mu mutwe, uvuge ubuhanuzi bw’ibizobashikira. 18 Ubabwire uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Baragowe abagore bashona udutambara two kwambara ku maboko*, bagahingura n’ibitambara vyo gutwikira imitwe y’ubunini butandukanye kugira ngo bahige ubuzima bw’abantu! Mbega muriko muhiga ubuzima bw’abantu banje, mugabo mukarondera kuzigama ubwanyu? 19 Mbega muhebe mumpumanye mu bantu banje kubera amashi ya sayiri no kubera udusigazwa tw’umukate+? Mwica abatari bakwiye gupfa mukazigama abatari bakwiye kubaho, mukabigira biciye ku binyoma mubwira abantu banje, na bo bakavyumviriza+.’”

20 Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ngira ndwanye udutambara twanyu yemwe bagore, utwo mukoresha mu guhiga abantu nk’aho umenga ni inyoni. Nzodutabura ndadukure ku maboko yanyu, ndekure abo muhiga nk’inyoni. 21 Nzotabura ibitambara vyanyu vyo kwitwikira, nkure abantu banje mu maboko yanyu, kandi ntibazosubira guhigwa namwe. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+. 22 Kuko mwavunye umutima umugororotsi bivuye ku binyoma vyanyu+ kandi jewe ata maganya* namuteza, mutera intege umubisha+ ku buryo adahindukira ngo ave mu ngeso ziwe mbi kugira ngo abeho+. 23 Ni co gituma mwa bagore mwe, mutazosubira kwerekwa ibinyoma canke ngo mukore ivy’ukuragura+. Nzokura abantu banje mu maboko yanyu, kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika