ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 8
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Abantu bakurikira ingendo ya benshi (1-7)

      • Ata jambo rya Yehova nta bukerebutsi (8-17)

      • Yeremiya atuntuzwa n’ugusenyuka kw’Ubuyuda (18-22)

        • «Mbega i Gileyadi nta mavuta yo kuvura ariyo?» (22)

Yeremiya 8:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 4:19; 2Bm 17:16; 21:1, 3; Yr 19:13; Ezk 8:16; Zf 1:4, 5
  • +Yr 16:4

Yeremiya 8:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 5:3

Yeremiya 8:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 5:1

Yeremiya 8:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ibihe vyako vyashinzwe.»

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «n’umusambi.»

  • *

    Canke «kwimuka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 1:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 6 2016 rup. 8-9

    Umunara w’Inderetsi,

    1/8/2002, rup. 32

Yeremiya 8:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «inyigisho.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «agasaruzo.» Raba Insiguro y’amajambo (Agasaruzo).

  • *

    Canke «abanyamabanga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 8:1

Yeremiya 8:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 29:14

Yeremiya 8:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:30; Zf 1:13
  • +Yes 56:11; Ezk 33:31; Mik 3:11
  • +Yr 5:31; 6:12-15; 27:9; Int 2:14; Ezk 22:28

Yeremiya 8:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «barenzako.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ugusenyuka kw’umukobwa w’abantu banje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 23:16, 17; Ezk 13:10

Yeremiya 8:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 3:3
  • +Yr 23:12

Yeremiya 8:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 4:5
  • +Yr 9:15; 23:15; Int 3:19

Yeremiya 8:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 4:10; 14:19

Yeremiya 8:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ku mukobwa w’abantu banje.»

Yeremiya 8:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «kw’umukobwa w’abantu banje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 4:19, 20; 14:17

Yeremiya 8:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).

  • *

    Canke «muganga.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa w’abantu banje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 37:25
  • +Yr 30:12, 13
  • +Yr 30:17; 33:4, 6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/6/2010, rup. 21-22

    Yeremiya, rup. 134-135

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 8:2Gus 4:19; 2Bm 17:16; 21:1, 3; Yr 19:13; Ezk 8:16; Zf 1:4, 5
Yer. 8:2Yr 16:4
Yer. 8:5Yr 5:3
Yer. 8:6Yr 5:1
Yer. 8:7Yes 1:3
Yer. 8:8Yes 8:1
Yer. 8:9Yes 29:14
Yer. 8:10Gus 28:30; Zf 1:13
Yer. 8:10Yes 56:11; Ezk 33:31; Mik 3:11
Yer. 8:10Yr 5:31; 6:12-15; 27:9; Int 2:14; Ezk 22:28
Yer. 8:11Yr 23:16, 17; Ezk 13:10
Yer. 8:12Yr 3:3
Yer. 8:12Yr 23:12
Yer. 8:14Yr 4:5
Yer. 8:14Yr 9:15; 23:15; Int 3:19
Yer. 8:15Yr 4:10; 14:19
Yer. 8:21Yr 4:19, 20; 14:17
Yer. 8:22It 37:25
Yer. 8:22Yr 30:12, 13
Yer. 8:22Yr 30:17; 33:4, 6
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 8:1-22

Yeremiya

8 Yehova avuze ati: «Ico gihe amagufa y’abami b’Ubuyuda, ay’abatware baho, ay’abaherezi, ay’abahanuzi n’ay’ababa i Yeruzalemu azokurwa mu mva zabo. 2 Azosanzwa munsi y’izuba, ukwezi n’ingabo zose zo kw’ijuru. Ivyo bintu barabikunze barabikorera, barabikurikira, barabirondera bongera baravyunamira+. Ayo magufa ntazokwegeranywa canke ngo ahambwe. Azoba nk’intabire isanzaye kw’isi+.

3 Abazoba basigaye muri uyu muryango mubi, aho nzoba narabasanzarije hose, bazohitamwo urupfu aho guhitamwo ubuzima», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.

4 «Uze ubabwire uti: “Yehova avuze ati:

‘Mbega bazogwa ntibasubire guhaguruka?

Hamwe umwe yogaruka, uwundi we ntiyogaruka?

 5 Kubera iki aba bantu b’i Yeruzalemu baguma bampemukira?

Bumiye ku bubeshi.

Baranse kugaruka+.

 6 Narateze ugutwi nguma numviriza, nsanga nta kintu c’ukuri bavuga.

Nta muntu n’umwe yigaye ububisha bwiwe canke ngo yibaze ati: “Ibi nakoze ni ibiki+?”

Umwe wese aguma asubira gukurikira ingendo ya benshi, nk’ifarasi yirasa mu rugamba.

 7 Mbere n’agasoza kaguruka mu kirere karazi ibihe vyako*.

Intunguru n’intamba n’imarankoni* birubahiriza igihe cavyo co kugaruka*.

Ariko abantu banje bo ntibamenya igihe jewe Yehova nzobacira urubanza+.’”

 8 “Mushobora mute kuvuga ngo: ‘Turi inkerebutsi, tukagira n’amategeko* ya Yehova’?

Honyene ikaramu* y’ikinyoma+ y’abanditsi* yandikishwa ibinyoma gusa.

 9 Abantu b’inkerebutsi baramaramaye+.

Baragize ubwoba kandi bazofatwa.

Barataye ijambo rya Yehova.

None ubukerebutsi bafise ni ubuhe?

10 Ku bw’ivyo, abagore babo nzobaha abandi bagabo,

imirima yabo ndayihe abandi+.

Kuko kuva ku muto gushika ku mukuru, umwe wese yironderera inyungu mbi+,

kandi kuva ku muhanuzi gushika ku muherezi, bose bakoresha uruyeri+.

11 Kandi bagerageza kuvura nabinabi* aho abantu banje bavunitse*, bakavuga bati:

‘Hari amahoro! Hari amahoro!’,

kandi ata mahoro ariho+.

12 Boba bamaramazwa n’ibintu bishisha bakora?

Ntibamaramara namba.

Ntibazi n’ico ari co kugira isoni+.

Ku bw’ivyo, bazogwa mu baguye.

Ninabahana bazotsitara+”, ni ko Yehova avuze.

13 Yehova avuze ati: “Ninabegeranya nzobaherengeteza.

Nta nzabibu zizosigara ku muzabibu, nta nsukoni zizosigara ku giti c’umusukoni, kandi amababi azokabirana.

Ibintu nabahaye bazobitakaza.”»

14 «Kubera iki twicaye ng’aha?

Ingo dukoranire hamwe, tuje mu bisagara bikingijwe ibihome+ dupfireyo.

Kuko Yehova Imana yacu azoturandura,

kandi atunywesha amazi arimwo ishano+

kubera ko twacumuye kuri Yehova.

15 Twari twiteze amahoro mugabo nta ciza cabonetse.

Twari twiteze igihe co gukira mugabo hari ubwoba bwinshi+.

16 Ugupfuhagira kw’amafarasi y’umwansi kwumvikana kuva i Dani.

Igihugu cose kiratigita

cumvise ijwi ry’ukwanaga kw’impfizi z’amafarasi yiwe.

Abansi baraza bakarotsa igihugu n’ibiri muri co vyose,

igisagara n’abakibamwo.»

17 «Kuko ngiye kubarungikamwo inzoka,

inzoka z’ubumara zidashobora kugotwa,

kandi ari ukubakomora zizobakomora», ni ko Yehova avuze.

18 Mfise intuntu idashobora guhera.

Umutima wanje urarwaye.

19 Hari ijwi ry’ugutabaza rivuye mu gihugu ca kure,

rivuye ku bantu bo mw’ihanga ryacu*,

riti: «Mbega Yehova ntari i Siyoni?

Umwami waho wewe si yo ari?»

«Kubera iki none bambabaje mu gusenga ibishusho bibajwe,

bagasenga imana z’inyamahanga ata co zimaze?»

20 «Iyimbura riraheze n’ici rirarangiye,

mugabo ntitwigeze turokorwa!»

21 Ndajanjaguritse kubera ugusenyuka kw’abantu bo mw’ihanga ryacu*+.

Numva ncitse intege.

Ndajorewe.

22 Mbega i Gileyadi nta mavuta yo kuvura* ariyo+?

Canke hoho, nta muvuzi* ariyo+?

Kubera iki none abantu bo mw’ihanga ryacu* batakize+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika