ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 2
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Isirayeli iheba Yehova igasenga izindi mana (1-37)

        • Isirayeli imeze nk’umuzabibu w’icaduka (21)

        • Impuzu ziwe ziriko ibirabagu vy’amaraso (34)

Yeremiya 2:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «wankunda urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Hs 2:15
  • +Kv 24:3
  • +Gus 2:7

Yeremiya 2:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 19:6; Gus 7:6
  • +Kv 17:8, 13

Yeremiya 2:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 5:4; Mik 6:3
  • +Gus 32:21
  • +Zb 115:4, 8

Yeremiya 2:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 14:30
  • +Gus 1:1; 32:9, 10
  • +Gus 8:14, 15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/5/2003, rup. 8

Yeremiya 2:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 13:26, 27; Gus 6:10, 11; 8:7-9
  • +Lw 18:24; Gh 35:33; Zb 78:58; 106:38; Yr 16:18

Yeremiya 2:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 2:12; Int 4:13
  • +Ezk 34:7, 8
  • +1Bm 18:19; Yr 23:13

Yeremiya 2:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 20:35; Mik 6:2

Yeremiya 2:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu bihugu vyo ku nkengera y’amazi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 10:2, 4
  • +It 25:13; Zb 120:5; Yr 49:28

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2007, rup. 9

Yeremiya 2:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 106:20

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2007, rup. 9

Yeremiya 2:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Bashobora kuba bimvye mu rutare.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 36:9; Yr 17:13; Ivh 22:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 68-69

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2007, rup. 10

    1/12/2003, rup. 32

Yeremiya 2:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 5:29; Yr 4:7

Yeremiya 2:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «Memfisi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 46:19
  • +Yr 43:4, 7; 46:14; Ezk 30:18

Yeremiya 2:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 28:9; 2Ng 7:19, 20

Yeremiya 2:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ishami ry’uruzi Nili.

  • *

    Ni uruzi Efurate.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 30:2; 31:1; Int 5:6; Ezk 16:26; 17:15
  • +2Bm 16:7; Hs 5:13

Yeremiya 2:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 4:18
  • +Yr 5:22

Yeremiya 2:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «navunaguye ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:13
  • +1Bm 14:22, 23; Ezk 6:13
  • +Kv 34:15; Ezk 16:15, 16

Yeremiya 2:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 15:17; Zb 80:8; Yes 5:1
  • +Yes 5:4

Yeremiya 2:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ibintu bimeze nk’umunyu bakoresha mu kumesa no mu kwoza ibintu.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 16:17

Yeremiya 2:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kubera icipfuzo gikomeye ifise.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ukwezi kwayo.»

Yeremiya 2:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «imana z’inyamahanga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 18:12
  • +Yes 2:6; Yr 3:13
  • +Yr 44:17

Yeremiya 2:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezr 9:7

Yeremiya 2:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 44:13
  • +2Ng 29:6; Yr 32:33
  • +Abc 10:13-15; Zb 78:34; 106:47; Yes 26:16; Hs 5:15

Yeremiya 2:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:37, 38
  • +Yr 11:13

Yeremiya 2:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 5:1; 9:2; Dn 9:11

Yeremiya 2:30

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 28:20-22; Yes 9:13
  • +Yes 1:5; Yr 5:3; Zf 3:2
  • +2Ng 36:15, 16; Neh 9:26; Ivk 7:52

Yeremiya 2:31

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «wa yaruka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:15

Yeremiya 2:32

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni imikanda y’ibisharizo umugeni yambara mu gikiriza ku musi w’ubugeni.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 106:21; Yes 17:10; Yr 18:15; Hs 8:14

Yeremiya 2:33

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 33:9

Yeremiya 2:34

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 21:16; Zb 106:38; Yes 10:1, 2; Mt 23:35
  • +Kv 22:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/5/1997, rup. 22

Yeremiya 2:36

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 30:3; Yr 37:7
  • +2Ng 28:20, 21

Yeremiya 2:37

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 13:19

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 2:2Hs 2:15
Yer. 2:2Kv 24:3
Yer. 2:2Gus 2:7
Yer. 2:3Kv 19:6; Gus 7:6
Yer. 2:3Kv 17:8, 13
Yer. 2:5Yes 5:4; Mik 6:3
Yer. 2:5Gus 32:21
Yer. 2:5Zb 115:4, 8
Yer. 2:6Kv 14:30
Yer. 2:6Gus 1:1; 32:9, 10
Yer. 2:6Gus 8:14, 15
Yer. 2:7Gh 13:26, 27; Gus 6:10, 11; 8:7-9
Yer. 2:7Lw 18:24; Gh 35:33; Zb 78:58; 106:38; Yr 16:18
Yer. 2:81Sm 2:12; Int 4:13
Yer. 2:8Ezk 34:7, 8
Yer. 2:81Bm 18:19; Yr 23:13
Yer. 2:9Ezk 20:35; Mik 6:2
Yer. 2:10It 10:2, 4
Yer. 2:10It 25:13; Zb 120:5; Yr 49:28
Yer. 2:11Zb 106:20
Yer. 2:13Zb 36:9; Yr 17:13; Ivh 22:1
Yer. 2:15Yes 5:29; Yr 4:7
Yer. 2:16Yr 46:19
Yer. 2:16Yr 43:4, 7; 46:14; Ezk 30:18
Yer. 2:171Ng 28:9; 2Ng 7:19, 20
Yer. 2:18Yes 30:2; 31:1; Int 5:6; Ezk 16:26; 17:15
Yer. 2:182Bm 16:7; Hs 5:13
Yer. 2:19Yr 4:18
Yer. 2:19Yr 5:22
Yer. 2:20Lw 26:13
Yer. 2:201Bm 14:22, 23; Ezk 6:13
Yer. 2:20Kv 34:15; Ezk 16:15, 16
Yer. 2:21Kv 15:17; Zb 80:8; Yes 5:1
Yer. 2:21Yes 5:4
Yer. 2:22Yr 16:17
Yer. 2:25Yr 18:12
Yer. 2:25Yes 2:6; Yr 3:13
Yer. 2:25Yr 44:17
Yer. 2:26Ezr 9:7
Yer. 2:27Yes 44:13
Yer. 2:272Ng 29:6; Yr 32:33
Yer. 2:27Abc 10:13-15; Zb 78:34; 106:47; Yes 26:16; Hs 5:15
Yer. 2:28Gus 32:37, 38
Yer. 2:28Yr 11:13
Yer. 2:29Yr 5:1; 9:2; Dn 9:11
Yer. 2:302Ng 28:20-22; Yes 9:13
Yer. 2:30Yes 1:5; Yr 5:3; Zf 3:2
Yer. 2:302Ng 36:15, 16; Neh 9:26; Ivk 7:52
Yer. 2:31Gus 32:15
Yer. 2:32Zb 106:21; Yes 17:10; Yr 18:15; Hs 8:14
Yer. 2:332Ng 33:9
Yer. 2:342Bm 21:16; Zb 106:38; Yes 10:1, 2; Mt 23:35
Yer. 2:34Kv 22:2
Yer. 2:36Yes 30:3; Yr 37:7
Yer. 2:362Ng 28:20, 21
Yer. 2:372Sm 13:19
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 2:1-37

Yeremiya

2 Yehova yambwiye ati: 2 «Genda utangarize Yeruzalemu uti: “Yehova avuze ati:

‘Ndibuka neza ukuntu wanyiyumvamwo cane* ukiri muto+,

nkibuka urukundo wankunda igihe nari ndakureheje+

n’ingene wankurikiye igihe nagucisha mu bugaragwa,

mu gihugu batabibamwo imbuto+.

 3 Isirayeli yari ikintu ceranda kuri jewe Yehova+, umwimbu wanje wa mbere.’”

“Uwo wese yarondera kumurotsa yaba yikwegeye icaha.

Ivyago vyaramuzako”, ni ko Yehova avuze+.»

 4 Nimwumve ijambo rya Yehova, yemwe abakomoka kuri Yakobo,

namwe miryango y’ihanga rya Isirayeli mwese.

 5 Yehova avuze ati:

«Ni ikosa irihe ba sogokuruza banyu bambonyeko+,

ku buryo baja kure yanje,

bagakurikira ibigirwamana ata co bimaze+, na bo ubwabo bagasigara ata co bamaze+?

 6 Ntibabajije bati: “Yehova ari hehe,

Umwe yadukura mu gihugu ca Misiri+,

akaducisha mu gahinga,

mu gihugu c’ubugaragwa+ n’ivyobo,

mu gihugu c’uruzuba+ n’umwiza w’umuzitanya,

mu gihugu abantu badacamwo

canke ngo babemwo?”

 7 Naciye ndabazana mu gihugu c’imirima y’ivyamwa,

kugira ngo murye ivyamwa vyaco n’ibintu vyiza vyaco+.

Mugabo mwaraje muhumanya igihugu canje.

Icibare canje mwakigize ikintu gishisha+.

 8 Abaherezi ntibabajije bati: “Yehova ari hehe+?”

Abajejwe amategeko ntibamenye.

Abungere barangararije+,

abahanuzi na bo bavuga ubuhanuzi mw’izina rya Bayali+,

bakurikira imana ata co zobamariye.

 9 “Ni co gituma nzobandanya kubaburanya+”, ni ko Yehova avuze,

“mburanye n’abana b’abana banyu.”

10 “Enda nimujabuke muje mu mazinga* y’i Kitimu+ mwirabire.

Emwe, nimurungike intumwa i Kedari+ maze muvyihweze mwitonze,

murabe ko hari ikintu nk’iki cabaye.

11 Mbega hari ihanga ryigeze gukaba imana zaryo, rikazikaba ibitari imana?

Mugabo abantu banje bwite bafashe ubuninahazwa bwanje babukaba ibitagira akamaro+.

12 Ewe wa juru we, nubirabe wumirwe.

Hinda agashitsi utekerwe n’ubwoba budasanzwe”, ni ko Yehova avuze,

13 “kuko abantu banje bakoze ibintu bibiri bibi:

barampevye, jewe soko ry’amazi y’ubuzima+,

bongera biyimbira* amatangi,

amatangi yatobotse adashobora kubika amazi.”

14 “Mbega Isirayeli ni umusuku canke umushumba yavukiye mu rugo?

Kubera iki none yasahuwe?

15 Intambwe z’imikangara* zimuroherako+.

Zaramutontomeyeko.

Zatumye igihugu ciwe gicika akajoreza.

Ibisagara vyiwe vyaraturiwe, bisigara ata wubibamwo.

16 Abantu b’i Nofu*+ n’i Tahapanesi+ barisha ku mutwe wawe.

17 None ivyo si wewe wavyikwegeye

mu guheba Yehova Imana yawe+

kandi ari we yari akuyoboye mu nzira ucamwo?

18 Kubera iki none ushaka gufata inzira ija mu Misiri+

kugira ngo unywe amazi ya Shihori*?

Kubera iki ushaka gufata inzira ija i Ashuri+

kugira ngo unywe amazi ya rwa ruzi runini*?

19 Ububisha bwawe bwari bukwiye kugukosora,

ubuhemu bwawe bukagutoza indero.

Numenye rero wongere utahure yuko guheba Yehova Imana yawe

ari ikintu kibi kandi kibishe+.

Ntiwerekanye ko untinya+”, ni ko Umukama Segaba Yehova Nyeningabo avuze.

20 “Kuva kera navunaguye igiti wikoreza imizigo*+,

mvutagura n’iminyororo yawe.

Mugabo wavuze uti: ‘Sinzogukorera.’

Nkako waryama utambikije ku murambi muremure wose no munsi y’igiti gitotahaye cose+,

ukora ubumaraya+.

21 Naguteye uri umuzabibu mwiza utukura+, wose ugizwe n’imbuto zirobanuye.

None vyagenze gute ngo uhinduke umbere imivyaro y’umuzabibu w’icaduka+?”

22 “Naho wokwiyuhagiza ivyitwa alikali*, ugakoresha n’isabuni nyinshi,

ikosa ryawe ryoguma ari ikirabagu mu maso yanje+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

23 Ushobora gute kuvuga ngo: “Sinihumanije

kandi sinakurikiye za Bayali”?

Raba ukuntu wigenza mu mubande.

Zirikana ku vyo wakoze.

Umeze nk’inyana y’ingamiya inyaruka,

iguma yiruka irya n’ino itagira iyo ija.

24 Umeze nk’indogobwa yo mw’ishamba imenyereye agahinga,

imotera umuyaga kubera inambu*.

Ni nde yoyibuza ishaka kwima?

Iziyirondera zose ntizizokwirirwa ziriruhisha.

Ikiringo cayo* nicagera zizoyironka.

25 Geza aho, ntuze ugere aho ugenda utambaye ibirato,

n’umuhogo wawe ukicwa n’inyota.

Mugabo wavuze uti: “Yaco wiruhishiriza ubusa+.

Nikundiye abanyamahanga*+

kandi sinzobava inyuma+.”

26 Abisirayeli baramaramaye

nka kurya igisuma kimaramara iyo gifashwe.

Baramaramaye bo hamwe n’abami babo, abatware babo,

abaherezi babo n’abahanuzi babo+.

27 Babwira igiti bati: “Uri dawe+”,

bakabwira ibuye bati: “Ni wewe wamvyaye.”

Mugabo jewe banteye ibitugu aho kumpanga amaso+.

Nibashikirwa n’ivyago bazovuga bati:

“Ingo udukize+.”

28 None za mana zanyu mwihinguriye ziri hehe+?

Nizize nimba zishobora kubakiza mu vyago murimwo,

kuko imana zanyu zisigaye ari nyinshi nk’ibisagara vyanyu, yemwe abo mu Buyuda+!

29 “Kubera iki mubandanya kundwanya?

Kubera iki mwangararije mwese+?”, ni ko Yehova avuze.

30 Narakubise abahungu banyu ntihagira ikivamwo+.

Ntibemeye gutozwa indero+.

Inkota yanyu bwite ni yo yamaze abahanuzi banyu+,

nka kurya kw’intambwe irondera ico irya.

31 Mwa bantu* mwe, nimuzirikane ivyo Yehova avuga.

Noba nsigaye meze nk’ubugaragwa ku Bisirayeli

canke igihugu c’umwiza uruhisha?

Kubera iki aba bantu banje bavuze bati: “Twiyererera mu mwidegemvyo.

Ntituzokwongera kukugarukako+”?

32 Mbega umwigeme w’isugi yokwibagira udusharizo twiwe,

umugeni akibagira imikanda* yiwe?

Yamara abantu banje bo, bamaze imisi itagira uko ingana baranyibagiye+.

33 Ese ukuntu ukorana ubuhinga mu kurondera abakunzi wa mugore we!

Wimenyereje gukora ububisha+.

34 Mbere n’impuzu zawe ziriko ibirabagu vy’amaraso y’aboro ata co bazira+.

Sinabafashe bariko baramena inzu,

ariko amaraso yabo nayasanze ku mpuzu zawe zose+.

35 Mugabo uvuga uti: “Ndera.

Ni ukuri ntakinshavuriye.”

Ngira rero ndaguhane

kubera ko uvuga ngo: “Sinacumuye.”

36 Kubera iki uri mahindagu mugabo ukamenga nta co bikubwiye?

Misiri na yo nyene izokumaramaza+

nk’uko Ashuri yakumaramaje+.

37 Ni co gituma kandi uzogenda wikoreye amaboko+,

kuko Yehova yanse abo wari wizigiye.

Nta co bazokumarira.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika