Samweli wa mbere
24 Sawuli akiva kurwanya Abafilisitiya, bamumenyesha ko Dawidi ari mu bugaragwa bw’i Eni-Gedi+.
2 Sawuli aca atora abagabo b’intwari 3.000 muri Isirayeli yose, baja guhiga Dawidi n’abantu biwe mu bitandara bihanamye bibako impene zo mu misozi. 3 Sawuli ashika ahantu hari impongore z’intama zubakishijwe amabuye zari iruhande y’inzira. Aho hantu hari isenga. Sawuli yinjirayo kwitabara*, mu gihe Dawidi n’abantu biwe bari bicaye hirya cane muri iryo senga+. 4 Abantu ba Dawidi bamubwira bati: «Uyu musi Yehova akubwiye ati: “Ng’uyu umwansi wawe ndamuguhaye+, mugire uko ushaka.”» Maze Dawidi arahaguruka, agegena buhorobuhoro agace k’epfo k’impuzu itagira amaboko ya Sawuli. 5 Mugabo Dawidi amaze kubikora, umutima* wiwe uramwagiriza+ kubera yari acacuye agace k’epfo k’impuzu ya Sawuli. 6 Abwira abantu biwe ati: «Kubera ko ntinya Yehova, sinokwubahuka gukorera ikintu nk’ico umwami wanje, uwo Yehova yarobanuje amavuta*. Sinokwubahuka kumugirira nabi kuko Yehova yamurobanuje amavuta+.» 7 Dawidi avuze ivyo, abuza* abantu biwe kugirira nabi Sawuli. Nayo Sawuli ava muri iryo senga, aragenda.
8 Dawidi na we araheza ava muri iryo senga, maze ahamagara Sawuli n’ijwi rirenga ati: «Mwami wanje, databuja+!» Sawuli ahindukiye, Dawidi aca aramwunamira, mu maso hiwe hashika hasi. 9 Dawidi abwira Sawuli ati: «Kubera iki wumviriza amabwire y’abavuga ko ndondera kukugirira nabi+? 10 Uyu musi uriboneye ingene Yehova yari akumpaye mw’isenga. Hari uwavuze ngo tukwice+, ariko nakwumviye akagongwe nca mvuga nti: “Sinogirira nabi umwami wanje, kuko Yehova yamurobanuje amavuta+.” 11 Ehe raba dawe, mfise agace k’epfo k’impuzu yawe itagira amaboko. Igihe nagacacura nari kukwica, ariko sinakwishe. Urabona neza rero ko ntipfuza kukugirira nabi canke kukugarariza. Kandi nta caha nagukoreye+ naho wewe uguma umpiga ngo unyice+. 12 Yehova naducire urubanza twe nawe+, kandi Yehova akwihore kubera ivyo unkorera+. Nayo jewe, nta n’urwara nzokurya+. 13 Aba kera barayamaze ngo: “Ububisha buva ku babisha.” Jewe nta rwara nzogenda ndakuriye. 14 Mbega umwami wa Isirayeli yaje kurondera nde? Uriko uhiga jewe? Erega ndi imbwa ipfuye, imbaragasa imwe rudende+. 15 Yehova nabe umucamanza, kandi aze aducire urubanza twe nawe. Azokwihweza ivyanje amburanire+. Azoncira urubanza akunkize.»
16 Dawidi akirangiza kumubwira ayo majambo, Sawuli aca avuga ati: «Iryo jwi ni rwawe ga mwananje Dawidi+?» Maze Sawuli atangura kurira araboroga. 17 Abwira Dawidi ati: «Uri intungane kundusha kuko wangiriye neza, ariko jewe nkwishura ikibi+. 18 Uyu musi uranyeretse ko unyipfuriza ineza, kuko utanyishe kandi Yehova yari yaguhaye akaryo ko kunyica+. 19 Hari uwobona umwansi wiwe akamureka akigira impore? Yehova azoguhemba ivyiza+ kubera ivyo unkoreye uyu musi. 20 Ubu ndamenye ko utazobura kuba umwami+ kandi ko ku ntwaro yawe ubwami bwa Isirayeli buzoramba. 21 Ndagusavye rero undahire mw’izina rya Yehova+ yuko ninapfa utazohonya uruvyaro* rwanje be n’uko utazozimanganya izina ryanje mu muryango wa dawe+.» 22 Nuko Dawidi arahira Sawuli, maze Sawuli asubira iwe+. Dawidi n’abantu biwe na bo basubira mu kibanza binyegezamwo+.