Imigani
3 Ntuze unohokere ibifungurwa vyiwe biryoshe,
kuko ari ivyo kurya vy’uburyarya.
4 Ntiwiyahagure kugira uronke ubutunzi+.
Vyihoze, werekane ko ufise ubwenge*.
5 Uraburaba ukabubura aho wabubonye+,
kuko butabura kumera amababa nk’inkona, maze bukigurukira mu kirere+.
Akubwira ngo «irya, unywe», ariko ntibiba bivuye ku mutima*.
8 Ivyo wariye uzobidahwa,
kandi uzoba wamuhayagirije ubusa.
12 Nushire umutima ku gutozwa indero,
kandi utege ugutwi amajambo y’ubwenge.
13 Ntureke gutoza indero umwana*+.
Ntazopfa ngo ni uko umukubise inkoni.
14 Ukwiye kumukubita inkoni
kugira umukize urupfu.
17 Ntugirire ishari abacumuzi mu mutima wawe+,
ahubwo tinya Yehova burinde bwira+.
18 Uzoheza ugire kazoza keza+,
kandi uzokwamana icizigiro.
20 Ntube mu banywa umuvinyu urenze urugero+,
canke mu barya inyama nyinshi babigiranye umunoho+,
21 kuko imborerwa n’abakunzi b’inda bazoshikirwa n’ubukene+,
kandi agatiro kazokwambika umuntu imishambara.
23 Gura* ukuri kandi ntiwigere ukugurisha+,
kandi ubigire gutyo nyene ku bukerebutsi, indero n’ugutegera+.
24 Se w’umugororotsi ntazobura kunezerwa.
Uwuvyaye umwana aciye ubwenge azomuhimbarirwa.
25 So wawe na nyoko wawe bazohimbarwa,
emwe uwakwibarutse azohimbarwa.
29 Ni nde afise amagorwa? Ni nde afise amaganya?
Ni nde ari n’amahane? Ni nde ari n’imyidogo?
Ni nde afise ibikomere ata mvo? Ni nde afise amaso atukura*?
31 Ntukwegakwegwe n’akabara gatukura k’umuvinyu,
canke ukuntu ubiragira mu gikombe n’ukuntu umanuka neza mu muhogo.
32 Kuko amaherezo ukomora nk’inzoka,
ukarekura ubumara nk’imamba.
34 Uzomera nk’umuntu aryamye hagati mu kiyaga,
nk’umuntu aryamye hejuru ku giti gifata igitambara c’ubwato*.
35 Uzovuga uti: «Barankubise ariko sinavyumva*.
Barampuraguye ariko sinabimenya.
Mbega nzovyuka ryari+?
Ese icompa akandi kavinyu*!»