Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Yedutuni*. Ni zaburi ya Dawidi.
62 Emwe, ndarindiriye Imana ncereje.
Ni yo nkesha ubukiriro bwanje+.
2 Ni yo gitandara canje n’ubukiriro bwanje, ubuhungiro bwanje butekanye*+.
Sinzokwigera nyiganyizwa ngo ntembe+.
3 Muzogeza ryari kuguma mutera umuntu kugira mumwice+?
Mwese muteye akaga nk’uruhome ruhengamye, uruhome rw’amabuye rugira ruhenuke*.
Bahezagira n’iminwa yabo, ariko mu mitima bakavuma+. (Sela*)
7 Ubukiriro bwanje n’ubuninahazwa bwanje ndabikesha Imana.
Imana ni yo gitandara canje gikomeye n’ubuhungiro bwanje+.
8 Nimuyizigire ibihe vyose mwa bantu!
Nimuyisukire ibiri ku mutima wanyu+.
Imana ni yo buhungiro bwacu+. (Sela)
Ubashize ku munzane bose, bahwahutse kuruta impemu+.
10 Ntukishimire ibiva mu kunyaga,
canke ngo wizigire ibiva mu busuma.
Ubutunzi bwawe nibwongerekana, ntuze ubushireko umutima+.
11 Imana yarabivuze rimwe, kandi naravyumvise incuro zibiri:
Inkomezi ni iz’Imana+.