ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 62
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Zaburi: ibirimwo

      • Ubukiriro nyakuri buva ku Mana

        • «Ndarindiriye Imana ncereje» (1, 5)

        • «Nimusukire Imana ibiri ku mitima yanyu» (8)

        • Abantu ni impemu gusa zitumuka (9)

        • Ntiwizigire ubutunzi (10)

Zaburi 62:akajambo k’intangamarara

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Zaburi 62:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 37:39; 68:19; Yes 12:2

Zaburi 62:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ahantu hanje hataramutse hatekanye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 18:2
  • +Zb 37:23, 24; 2Kr 4:8, 9

Zaburi 62:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «mwese, nk’aho yoba ari uruhome ruhengamye, uruhome rw’amabuye rugira ruhenuke.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 38:12

Zaburi 62:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kugira bamukure mu buninahazwa bwiwe.»

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 5:9; 28:3; 55:21

Zaburi 62:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 43:5; Mik 7:7
  • +Zb 62:1, 2; 71:5

Zaburi 62:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 16:8; Img 10:30

Zaburi 62:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 95:1; Yes 26:4

Zaburi 62:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 1:15
  • +Img 14:26

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 1 2021 rup. 10

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 9

Zaburi 62:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 60:11
  • +Yes 40:15

Zaburi 62:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 6:10-12; Yb 31:24, 28; Img 11:4, 28; 23:4, 5; Mt 6:19, 24; Mr 8:36; Lk 12:15; 1Tm 6:17; 1Yh 2:16

Zaburi 62:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yb 9:4; Nah 1:3; Ivh 19:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwiyegereze, rup. 40

    Umunara w’Inderetsi,

    1/6/2006, rup. 11

Zaburi 62:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 36:7; 86:15; Mik 7:18
  • +Yb 34:11; Img 24:12; Rm 2:6; 2Kr 5:10; Gl 6:7; 2Tm 4:14; Ivh 20:12, 13; 22:12

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Zab. 62:1Zb 37:39; 68:19; Yes 12:2
Zab. 62:2Zb 18:2
Zab. 62:2Zb 37:23, 24; 2Kr 4:8, 9
Zab. 62:3Zb 38:12
Zab. 62:4Zb 5:9; 28:3; 55:21
Zab. 62:5Zb 43:5; Mik 7:7
Zab. 62:5Zb 62:1, 2; 71:5
Zab. 62:6Zb 16:8; Img 10:30
Zab. 62:7Zb 95:1; Yes 26:4
Zab. 62:81Sm 1:15
Zab. 62:8Img 14:26
Zab. 62:9Zb 60:11
Zab. 62:9Yes 40:15
Zab. 62:10Gus 6:10-12; Yb 31:24, 28; Img 11:4, 28; 23:4, 5; Mt 6:19, 24; Mr 8:36; Lk 12:15; 1Tm 6:17; 1Yh 2:16
Zab. 62:11Yb 9:4; Nah 1:3; Ivh 19:1
Zab. 62:12Zb 36:7; 86:15; Mik 7:18
Zab. 62:12Yb 34:11; Img 24:12; Rm 2:6; 2Kr 5:10; Gl 6:7; 2Tm 4:14; Ivh 20:12, 13; 22:12
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Zaburi 62:1-12

Zaburi

Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Yedutuni*. Ni zaburi ya Dawidi.

62 Emwe, ndarindiriye Imana ncereje.

Ni yo nkesha ubukiriro bwanje+.

 2 Ni yo gitandara canje n’ubukiriro bwanje, ubuhungiro bwanje butekanye*+.

Sinzokwigera nyiganyizwa ngo ntembe+.

 3 Muzogeza ryari kuguma mutera umuntu kugira mumwice+?

Mwese muteye akaga nk’uruhome ruhengamye, uruhome rw’amabuye rugira ruhenuke*.

 4 Baja inama kugira bamutembagaze mu kibanza ciwe co hejuru*.

Bahimbarwa n’ibinyoma.

Bahezagira n’iminwa yabo, ariko mu mitima bakavuma+. (Sela*)

 5 Emwe, ndarindiriye Imana ncereje+,

kuko ari yo ituma ngira icizigiro+.

 6 Ni yo gitandara canje n’ubukiriro bwanje, ubuhungiro bwanje butekanye.

Sinzokwigera nyiganyizwa+.

 7 Ubukiriro bwanje n’ubuninahazwa bwanje ndabikesha Imana.

Imana ni yo gitandara canje gikomeye n’ubuhungiro bwanje+.

 8 Nimuyizigire ibihe vyose mwa bantu!

Nimuyisukire ibiri ku mutima wanyu+.

Imana ni yo buhungiro bwacu+. (Sela)

 9 Abantu ni impemu gusa zitumuka.

Abana b’abantu ni uruhendo gusa+.

Ubashize ku munzane bose, bahwahutse kuruta impemu+.

10 Ntukishimire ibiva mu kunyaga,

canke ngo wizigire ibiva mu busuma.

Ubutunzi bwawe nibwongerekana, ntuze ubushireko umutima+.

11 Imana yarabivuze rimwe, kandi naravyumvise incuro zibiri:

Inkomezi ni iz’Imana+.

12 Urukundo* na rwo nyene ni rwawe, ewe Yehova+,

kuko wishura umuntu wese ibihuye n’ibikorwa vyiwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika