Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
2 Uko bukeye, ijwi ryavyo ridudubiza nk’amazi,
uko bwije na ho rigahishura ubumenyi.
3 Nta rurimi canke amajambo bivuga.
Ijwi ryavyo ntiryumvikana.
Imana yubakiye izuba ihema mw’ijuru.
5 Rimeze nk’umukwe asohotse ava mu cumba ciwe,
rinezerwa nk’umugabo w’intwari ariko ariruka mu nzira.
6 Riva ku mpera imwe y’ijuru
rikazunguruka gushika ku yindi mpera+.
Nta na kimwe kidashikirwa n’ubushuhe bwaryo.
7 Itegeko rya Yehova riratunganye+, rituma umuntu agarura agatege+.
Ivyibutswa vya Yehova ni ivyo kwizigirwa+, bicisha ubwenge umuntu atazi utuntu n’utundi+.
8 Ivyagezwe vya Yehova biragororotse, bituma umutima unezerwa+.
Amabwirizwa ya Yehova ntiyanduye, atuma amaso akayangana+.
9 Ugutinya Yehova+ kuratyoroye, kwamaho ibihe vyose.
Imanza za Yehova ni iz’ukuri, zose ziragororotse+.
10 Ni ivyo kwipfuza kuruta inzahabu,
kuruta inzahabu nyinshi nzizanziza*+,
kandi birasosa kuruta ubuki+, ubuki butemba mu bimamara.
12 Ni nde yoshobora kumenya amakosa yiwe bwite+?
Numbabarire ibicumuro nakoze ntabizi.