Abagalatiya
3 Yemwe Bagalatiya b’imburabwenge, ni nde yaboheje nabi ukuraho+, mwebwe mwari mwareretswe ku mugaragaro Yezu Kristu amanitswe ku giti+? 2 Nshaka kubabaza* iki kintu kimwe gusa: mbega mwaronse impwemu biciye ku bikorwa bisabwa n’amategeko canke mwayironse kubera mwizeye ivyo mwumvise+? 3 Mwakabaye muri imburabwenge bigeze iyo? Ko mwatanguye muyoborwa n’impwemu*, mugomba musozere muyoborwa n’umubiri*+? 4 None ya mibabaro myinshi mwaciyemwo, mwayigiriye ubusa? Nizere ko mutayigiriye ubusa. 5 None umwe abaronsa impwemu akanakorera ibikorwa vy’ububasha+ muri mwebwe, yoba abigira kubera mukora ibikorwa bisabwa n’amategeko canke abigira kubera mwizera ivyo mwumvise? 6 Mwibuke ko na Aburahamu «yizeye Yehova*, abonwa ko ari umugororotsi*+.»
7 Murazi ata gukeka yuko abisunga ukwizera ari bo bana ba Aburahamu+. 8 Kubera ko Ivyanditswe vyari vyarerekanye imbere y’igihe yuko abantu bo mu mahanga Imana yobise abagororotsi biciye ku kwizera, vyaramenyesheje Aburahamu inkuru nziza imbere y’igihe, bivuga biti: «Amahanga yose azohezagirwa biciye kuri wewe+.» 9 Abisunga ukwizera rero bariko barahezagirirwa hamwe na Aburahamu, we yari afise ukwizera+.
10 Abo bose biheka ku bikorwa bisabwa n’amategeko bariko umuvumo, kuko vyanditswe ngo: «Aravumwe uwo wese ataguma mu bintu vyose vyanditswe mu muzingo w’amategeko ngo abikore+.» 11 Vyongeye, biribonekeza neza yuko ata n’umwe yitwa umugororotsi imbere y’Imana biciye ku mategeko+, kuko «umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera+.» 12 Amategeko rero ntashingiye ku kwizera. Ahubwo handitswe ngo: «Umuntu wese yubahiriza ivyo bintu azobeshwaho na vyo+.» 13 Kristu yaraducunguye+, atubohora+ umuvumo w’amategeko mu gucika umuvumo mu kibanza cacu, kuko vyanditswe ngo: «Umuntu wese amanitswe ku giti ni ikivume+.» 14 Ivyo vyabaye kugira ngo umuhezagiro wa Aburahamu uze ku mahanga biciye kuri Kristu Yezu+, ngo turonke ya mpwemu yasezeranywe+ biciye ku kwizera kwacu.
15 Bavukanyi, ngira nkoreshe ikigereranyo abantu batahura: isezerano rimaze kwemezwa, naho ryoba ryemejwe n’umuntu gusa, nta n’umwe arikuraho canke ngo agire ivyo aryongerako. 16 Imihango rero yabwiwe Aburahamu n’uruvyaro* rwiwe+. Ntihavuga ngo: «No ku mvyaro* zawe» nk’aho zoba ari nyinshi. Ahubwo havuga nk’aho ari rumwe hati: «No ku ruvyaro* rwawe», ari rwo Kristu+. 17 Ico mvuga kandi ni iki: amategeko yaje inyuma y’imyaka 430+ ntakuraho isezerano Imana yari yaremeje canke ngo akureho uwo muhango. 18 Kuko nimba intoranwa Imana itanga iyitanga yishimikije amategeko, ntiba icishimikije umuhango. Yamara Imana yahaye intoranwa Aburahamu n’umutima ukunze biciye ku muhango+.
19 None amategeko ahari kubera iki? Yongeweko kugira ngo ibicumuro bije ahabona+, kugeza uruvyaro* rwari rwarahawe umuhango rushitse+. Kandi ayo mategeko yashikirijwe biciye ku bamarayika+, acishwa mu kuboko kw’umuhuza+. 20 Yamara rero nta muhuza ahaba igihe hari umuntu umwe gusa. Mugabo Imana yari yonyene igihe yatanga uwo muhango. 21 None amategeko yoba arwanya imihango Imana yatanze? Habe namba! Kuko iyo haza kuba haratanzwe amategeko ashoboye gutanga ubuzima, ubugororotsi buba vy’ukuri bwarabonetse biciye ku mategeko. 22 Mugabo Ivyanditswe vyaratanze ibintu vyose ngo biganzwe n’igicumuro, kugira ngo umuhango uva ku kwizera Yezu Kristu uhabwe abafise ukwizera.
23 Ariko imbere y’uko ukwizera gushika, twarindwa n’amategeko, tukaba twari twashikirijwe ayo mategeko ngo atuganze, mu kurindira ukwizera kwagira guhishurwe+. 24 Amategeko rero yatubereye umurezi* atujana kuri Kristu+ kugira ngo twitwe abagororotsi biciye ku kwizera+. 25 Mugabo ubu ko ukwizera kwashitse+, ntitukirabwa n’umurezi*+.
26 Mu vy’ukuri, mwese muri abana b’Imana+ biciye ku kwizera Kristu Yezu+. 27 Kuko mwese ababatijwe muri Kristu mwambaye Kristu+. 28 Nta Muyuda ariho canke Umugiriki+, nta mushumba canke uwidegemvya+, nta mugabo canke umugore+, kuko mwese muri umwe mu bumwe na Kristu Yezu+. 29 Vyongeye, ko mwegukira Kristu, muri uruvyaro* rwa Aburahamu vy’ukuri+, ba samuragwa+ b’umuhango yahawe+.