Zaburi
Ni zaburi ya Dawidi.
101 Nzoririmba urukundo rwawe n’ubutungane bwawe.
Ewe Yehova, nzokuririmbira amashemezo*.
2 Nzokwiyubara kandi ngume ndi intungane*.
None uzontabara ryari?
Nzogendera mu nzu yanje mfise umutima utunganye+.
3 Sinzoshira imbere y’amaso yanje ikintu na kimwe kitagira akamaro.
Umuntu yishira hejuru kandi yibona,
sindamwihanganira.
6 Nzoraba ryiza abizigirwa bo kw’isi,
kugira bibanire nanje.
Abantu b’intungane* ni bo bazonkorera.
7 Nta muntu w’indyarya azoba mu nzu yanje,
kandi nta mubeshi azohagarara imbere yanje.