Abanyefeso
3 Ku bw’ivyo, jewe Pawulo, imbohe+ ya Kristu Yezu ku bwanyu mwebwe abanyamahanga . . . 2 ngira ngo mwarumvise ivyerekeye ibanga* najejwe+ ku neza yanyu ry’ubuntu buhebuje* bw’Imana, 3 yuko biciye ku guhishurirwa, namenyeshejwe ibanga ryeranda, nk’uko navyanditse muri make imbere y’aha. 4 Ibi rero nimwabisoma muraza kwibonera ko ntahura ibanga ryeranda+ rya Kristu. 5 Mu bihe vya kera*, iryo banga ntiryamenyeshejwe abana b’abantu nk’uko ubu ryahishuriwe intumwa nyeranda z’Imana n’abahanuzi bayo, biciye ku mpwemu+. 6 Iryo banga ni iry’uko abanyamahanga bobaye ba samuragwa cokimwe natwe, na bo bakaba ibihimba vy’umubiri umwe+ be n’abasangira natwe wa muhango, mu bumwe na Kristu Yezu biciye ku nkuru nziza. 7 Nabaye umusuku w’ivyo hisunzwe ya ngabire ya gusa y’ubuntu buhebuje bw’Imana nahawe biciye ku gikorwa c’ububasha bwayo+.
8 Jewe umuntu ari hasi kuruta uwo hasi mu beranda bose+, narahawe ubwo buntu buhebuje+, kugira menyeshe amahanga inkuru nziza yerekeye imihezagiro y’akaburarugero ya Kristu 9 no kugira ngo mfashe umuntu wese kubona ingene ibijanye n’ibanga ryeranda biyoborwa+. Iryo banga ryamaze igihe kirekire rinyegejwe n’Imana, yo yaremye ibintu vyose. 10 Ivyo vyabaye kugira ngo ubu, biciye kw’ishengero+, ubukerebutsi bw’Imana bwigaragaza mu buryo bwinshi cane, bumenyeshwe intwaro n’ubukuru biri mu bibanza vyo mw’ijuru+. 11 Ivyo birahuye n’umugambi w’ibihe bidahera yatunganije ku bijanye na Kristu+, ari we Yezu Umukama wacu. 12 Biciye kuri we turavugana umwidegemvyo kandi turashobora kwegera Imana ata kidutangira+, umutima uri mu nda kubera ko tumwizera. 13 Ndabasavye rero ntimucike intege kubera amakuba ndimwo ku bwanyu, kuko asobanura ubuninahazwa kuri mwebwe+.
14 Ku bw’ivyo, ndapfukamira Data, 15 umwe imiryango yose mw’ijuru no kw’isi ikesha izina ryayo. 16 Nsenga Imana yo ifise ubuninahazwa bwinshi ngo ikoreshe ububasha impwemu yayo itanga kugira itume mukomera mu mutima*+. 17 Nsenga kandi ngo biciye ku kwizera kwanyu, Kristu abe mu mitima yanyu mu rukundo+. Ese mwoshinga imizi+ mukaba n’abafashe ku mushinge+, 18 ngo mwe n’aberanda bose mushobore vy’ukuri gutahura bimwe bishitse ubwaguke n’uburebure bw’amakika, ubw’amahagarara n’ubw’amajepfo, 19 no kumenya urukundo rwa Kristu+ rurengeye ubumenyi, kugira ngo muronke ku bwinshi* umusesekara Imana itanga.
20 Umwe rero ashobora gukora ibirenze, birengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira+, biciye ku bubasha bwiwe buriko bukorera muri twebwe+, 21 naninahazwe biciye kw’ishengero no kuri Kristu Yezu imyaka yose* gushika ibihe bidahera. Amen.