Malaki
4 «Ehe raba wa musi uraje, uje waka nk’ifuru+. Ico gihe, abita imbere bose n’abakora ivy’ububisha bose bazoba nk’ibishakara. Uwo musi uriko uraza uzobatikiza koko», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «kandi ntuzobasigariza umuzi canke ishami. 2 Ariko mwebwe abubaha* izina ryanje, izuba ry’ubugororotsi rizobarasirako, imishwarara* yaryo ibakize. Muzokwikina amatavu nk’inyana zivyibushe.»
3 «Kandi muzohonyanga ababisha, kuko bazocika nk’umukungugu munsi y’ibirenge vyanyu ku musi nzogira ico nkoze», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
4 «Nimwibuke ya mategeko y’umusavyi wanje Musa, ya mabwirizwa n’ingingo nashinze, bimwe natangiye i Horebu kugira ngo Abisirayeli bose babigamburuke+.
5 Ehe ndabarungikiye umuhanuzi Eliya+ imbere y’uko wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova ushika+. 6 Azogarukana umutima wa ba sebibondo ku bana+, n’umutima w’abana kuri ba se, kugira ngo simpave nza gutera isi nkayitikiza.»
(Ivyanditswe vy’igiheburayo n’igiharameya bigarukira aha. Haca hakurikira Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu)