Abakorinto ba mbere
2 Ni co gituma bavukanyi, igihe naza iwanyu kubamenyesha ibanga ryeranda+ ry’Imana ntaje mfise imvugo y’agahebuza+ canke ubukerebutsi bw’agahebuza. 2 Kuko igihe nari kumwe namwe nafashe ingingo yo kutavuga* ikintu na kimwe kiretse Yezu Kristu, no kuba yarishwe amanitswe ku giti+. 3 Kandi naje iwanyu ngoyagoya, mfise ubwoba, njugumira cane. 4 Imvugo nakoresha n’ivyo namamaza ntivyarimwo amajambo y’ubukerebutsi anyura, ahubwo vyagaragaza impwemu n’ububasha+, 5 kugira ngo ntimwizere ubukerebutsi bw’abantu, ahubwo mwizere ububasha bw’Imana.
6 Twebwe rero tuvuga ivyerekeye ubukerebutsi mu bahumuye+, mugabo si ubukerebutsi bw’iyi si* canke ubw’abatware b’iyi si, bamwe babwirizwa kuvaho+. 7 Ahubwo tuvuga ubukerebutsi bw’Imana butekeye mw’ibanga ryeranda+, ubukerebutsi bwanyegejwe, ubwo Imana yateguye kera ibi bihe* bitarabaho, kugira turonke ubuninahazwa. 8 Ubwo bukerebutsi nta n’umwe mu batware b’iyi si* yabumenye+, kuko iyo babumenya batari kwica* wa Mukama w’ubuninahazwa. 9 Mugabo nk’uko vyanditswe: «Ijisho ntiryabonye, n’ugutwi ntikwumvise, eka n’ibintu Imana yateguriye abayikunda ntivyiyumviriwe mu mutima w’umuntu+.» 10 Ni twebwe Imana yabihishuriye+ biciye ku mpwemu yayo+, kuko impwemu isesangura ibintu vyose, mbere n’ibintu vyimbitse vy’Imana+.
11 Kanatsinda, ni nde mu bantu azi ivyiyumviro vy’umuntu, atari impwemu yiwe? N’ivyiyumviro vy’Imana nta n’umwe yabimenye atari impwemu yayo. 12 Ariko twebwe ntitwaronse impwemu y’isi, ahubwo twaronse impwemu iva ku Mana+, kugira tumenye ibintu Imana yaduhaye n’umutima ukunze. 13 Ivyo bintu ni vyo nyene tuvuga. Ntitubivuga mu majambo yigishwa n’ubukerebutsi bw’abantu+, ahubwo tubivuga mu majambo yigishwa n’impwemu+, tugasigura ibintu vy’impwemu dukoresheje amajambo y’impwemu*.
14 Mugabo umuntu w’umubiri ntiyemera* ibintu vy’impwemu y’Imana, kuko ari ubupfu kuri we. Kandi ntashobora kubimenya, kuko bisuzumwa mu buryo bw’impwemu. 15 Ariko umuntu w’impwemu arasuzuma ibintu vyose+, mugabo we nta muntu n’umwe amusuzuma. 16 Nakare, «ni nde yamenye ivyiyumviro* vya Yehova* ngo amwigishe+?» Mugabo twebwe, turafise ivyiyumviro* vya Kristu+.