ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 15
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Ngoma: ibirimwo

      • Ibintu Asa yahinduye (1-19)

2 Ngoma 15:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «azobafasha mumuronke.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yak 4:8
  • +Yes 55:6
  • +1Ng 28:9; Heb 10:38

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2012, rup. 9-10

2 Ngoma 15:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «imisi myinshi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 33:8, 10; 2Ng 17:8, 9; Mal 2:7

2 Ngoma 15:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «arabafasha baramuronka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 106:43, 44; Yes 55:7

2 Ngoma 15:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «nta mahoro yariho ku wasohoka canke ku winjira.»

2 Ngoma 15:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:15, 48

2 Ngoma 15:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «amaboko yanyu ntakoroke.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 1:9; 1Ng 28:20

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2012, rup. 9

2 Ngoma 15:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:24
  • +2Ng 8:12

2 Ngoma 15:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 11:16; 30:25

2 Ngoma 15:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 4:29; 2Bm 23:3; Neh 10:28, 29

2 Ngoma 15:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 22:20

2 Ngoma 15:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «arabafasha baramuronka.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 15:2
  • +Img 16:7

2 Ngoma 15:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umugore w’iteka.»

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 15:9, 10
  • +Gus 13:6-9
  • +1Bm 15:13, 14

2 Ngoma 15:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

  • *

    Canke «n’umutima ukwiye.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu misi yiwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 22:43
  • +1Bm 14:22, 23; 2Bm 14:3, 4; 23:19, 20
  • +1Bm 8:61

2 Ngoma 15:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 7:51; 15:15; 1Ng 26:26

2 Ngoma 15:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 14:1

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Ngo. 15:2Yak 4:8
2 Ngo. 15:2Yes 55:6
2 Ngo. 15:21Ng 28:9; Heb 10:38
2 Ngo. 15:3Gus 33:8, 10; 2Ng 17:8, 9; Mal 2:7
2 Ngo. 15:4Zb 106:43, 44; Yes 55:7
2 Ngo. 15:6Gus 28:15, 48
2 Ngo. 15:7Yos 1:9; 1Ng 28:20
2 Ngo. 15:82Bm 23:24
2 Ngo. 15:82Ng 8:12
2 Ngo. 15:92Ng 11:16; 30:25
2 Ngo. 15:12Gus 4:29; 2Bm 23:3; Neh 10:28, 29
2 Ngo. 15:13Kv 22:20
2 Ngo. 15:152Ng 15:2
2 Ngo. 15:15Img 16:7
2 Ngo. 15:161Bm 15:9, 10
2 Ngo. 15:16Gus 13:6-9
2 Ngo. 15:161Bm 15:13, 14
2 Ngo. 15:171Bm 22:43
2 Ngo. 15:171Bm 14:22, 23; 2Bm 14:3, 4; 23:19, 20
2 Ngo. 15:171Bm 8:61
2 Ngo. 15:181Bm 7:51; 15:15; 1Ng 26:26
2 Ngo. 15:192Ng 14:1
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Ngoma 15:1-19

Ngoma za kabiri

15 Maze impwemu y’Imana iza kuri Azariya mwene Odedi. 2 Nuko aja guhura na Asa amubwira ati: «Ewe Asa namwe mwese bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini, nimunyumvirize. Yehova nimwamugumako na we azobagumako+, kandi nimwamurondera muzomuronka*+. Mugabo nimwamuheba azobaheba+. 3 Abisirayeli bamaze igihe kirekire* badakorera Imana y’ukuri, batigishwa n’abaherezi, badakurikiza n’amategeko+. 4 Mugabo igihe bari mu marushwa, bararondeye Yehova Imana ya Isirayeli baramuronka*+. 5 Muri ivyo bihe nta washobora gufata urugendo ngo ashike amahoro*, kuko hari imidurumbanyo myinshi mu mihingo yose y’igihugu. 6 Ihanga ryarasambura irindi, igisagara kigasambura ikindi, kuko Imana yabateza amarushwa y’ubwoko bwose, bigatuma haba imivurungano+. 7 Ariko mwebwe nimukomere ntimucike intege*+, kuko muzoronka impera ku gikorwa canyu.»

8 Asa akimara kwumva ayo majambo n’ubuhanuzi bw’umuhanuzi Odedi, agira umutima rugabo. Maze akuraho ibigirwamana bisesemye mu karere kose k’Ubuyuda+ n’aka Benyamini, no mu bisagara yari yarafashe mu karere k’imisozi ka Efurayimu. Asanura n’igicaniro ca Yehova cari imbere y’ibaraza rya Yehova+. 9 Maze akoraniriza hamwe abantu bose bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini, n’abanyamahanga bifatanije na bo bavuye mu karere ka Efurayimu, aka Manase n’aka Simeyoni+. Abo banyamahanga bavuye muri Isirayeli bomokera iwe ari benshi, aho baboneye ko Yehova Imana yiwe ari kumwe na we. 10 Bakoranira i Yeruzalemu mu kwezi kugira gatatu, mu mwaka ugira 15 Asa ari umwami. 11 Kuri uwo musi, bashikanira Yehova ibimazi bakuye ku vyo basahuye. Bamushikaniye inka 700 n’intama 7.000. 12 Vyongeye, bagira isezerano ryo kurondera Yehova Imana ya ba sekuruza n’umutima wabo wose n’ubuzima bwabo bwose+. 13 Bemeranya ko uwo wese atazorondera Yehova Imana ya Isirayeli azokwicwa, yaba umuto canke uwuhambaye, yaba umugabo canke umugore+. 14 Nuko barahira imbere ya Yehova n’ijwi rirenga, bavuza impundu bongera bavuza inzumbete n’inzamba. 15 Abo mu Buyuda bose baranezerwa kubera iyo ndahiro, kuko bari barahiye n’umutima wabo wose. Bararondeye Yehova n’umwete baramuronka*+, na we aguma abaha amahoro* impande zose+.

16 Umwami Asa yaranakuye inakuru Mayaka+ mu kibanza co kuba umugabekazi*, kuko yari yarakoze ikigirwamana giteye isoni yakoresha mu gusenga inkingi nyeranda y’igiti*+. Ico kigirwamana giteye isoni Asa yaragisituye, aragisya, maze agituririra mu mwonga Kidironi+. 17 Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo* ntivyakuweho+ muri Isirayeli+. Naho ari ukwo, Asa yagumye akorera Imana n’umutima wiwe wose*, mu buzima bwiwe* bwose+. 18 Yarazanye mu nzu y’Imana y’ukuri ibintu se yari yareguriye Imana n’ivyo we ubwiwe yeguriye Imana: uri ifeza, inzahabu n’ibindi bikoresho+. 19 Nta ntambara yasubiye kuba gushika mu mwaka ugira 35 Asa ari umwami+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika