ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Ngoma 28
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

1 Ngoma: ibirimwo

      • Ijambo rya Dawidi ku bijanye no kwubaka urusengero (1-8)

      • Ivyo Dawidi yabwiye Salomo. Amuha imigero (9-21)

1 Ngoma 28:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 27:1
  • +Kv 18:25
  • +1Ng 27:25, 29
  • +1Ng 3:1-9
  • +1Ng 11:10

1 Ngoma 28:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 132:3-5
  • +1Ng 22:2-4

1 Ngoma 28:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 17:4
  • +1Ng 22:7, 8

1 Ngoma 28:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 16:1, 13; 2Sm 7:8; Zb 89:20
  • +It 49:10; 1Ng 5:2; Zb 60:7
  • +Rs 4:22
  • +1Sm 13:14; 16:11, 12

1 Ngoma 28:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 3:1-9
  • +1Ng 22:9
  • +1Ng 17:14; 2Ng 1:8

1 Ngoma 28:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 7:13, 14

1 Ngoma 28:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 12:1; 1Bm 6:12
  • +1Ng 17:13, 14; Zb 72:8

1 Ngoma 28:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 6:3

1 Ngoma 28:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «n’umutima ukwiye.»

  • *

    Canke «n’umutima ukunze.»

  • *

    Canke «impengamiro», «intumbero.»

  • *

    Canke «azogufasha kumuronka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 10:12
  • +1Sm 16:7; 1Ng 29:17; Img 17:3; Ivh 2:23
  • +Gus 31:21; Zb 139:2
  • +Mt 7:7; Heb 11:6; Yak 4:8
  • +Gus 31:17; 2Ng 15:2; Heb 10:38

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 58

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2015, rup. 14

    1/11/2010, rup. 30

    15/10/2008, rup. 7

    15/2/2005, rup. 19

    Niwiyegereze, rup. 242

1 Ngoma 28:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «n’inzu y’umufuniko w’impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Umufuniko w’impongano).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 8:5
  • +2Ng 3:4
  • +Lw 16:2; 1Bm 6:19

1 Ngoma 28:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «yararonse biciye ku mpwemu.»

  • *

    Canke «ivyagizwe vyeranda.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 6:36; 7:12
  • +1Ng 9:26; 26:20

1 Ngoma 28:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 24:1

1 Ngoma 28:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 4:7

1 Ngoma 28:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni imikate y’ishikanwa.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 4:8, 19

1 Ngoma 28:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «amabirika.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 7:48, 50

1 Ngoma 28:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 7:48
  • +Zb 18:10
  • +Kv 25:20; 1Sm 4:4; 1Bm 6:23

1 Ngoma 28:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kwa Yehova kwari kuri jewe.»

  • *

    Canke «ugutahura kwimbitse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 25:9, 40
  • +1Ng 28:11

1 Ngoma 28:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 31:6; Yos 1:6, 9; Rm 8:31
  • +Yos 1:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    9/2017, rup. 28-29, 32

1 Ngoma 28:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 24:1
  • +1Ng 24:20
  • +Kv 36:1, 2
  • +1Ng 22:17; 28:1

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

1 Ngo. 28:11Ng 27:1
1 Ngo. 28:1Kv 18:25
1 Ngo. 28:11Ng 27:25, 29
1 Ngo. 28:11Ng 3:1-9
1 Ngo. 28:11Ng 11:10
1 Ngo. 28:2Zb 132:3-5
1 Ngo. 28:21Ng 22:2-4
1 Ngo. 28:31Ng 17:4
1 Ngo. 28:31Ng 22:7, 8
1 Ngo. 28:41Sm 16:1, 13; 2Sm 7:8; Zb 89:20
1 Ngo. 28:4It 49:10; 1Ng 5:2; Zb 60:7
1 Ngo. 28:4Rs 4:22
1 Ngo. 28:41Sm 13:14; 16:11, 12
1 Ngo. 28:51Ng 3:1-9
1 Ngo. 28:51Ng 22:9
1 Ngo. 28:51Ng 17:14; 2Ng 1:8
1 Ngo. 28:62Sm 7:13, 14
1 Ngo. 28:7Gus 12:1; 1Bm 6:12
1 Ngo. 28:71Ng 17:13, 14; Zb 72:8
1 Ngo. 28:8Gus 6:3
1 Ngo. 28:9Gus 10:12
1 Ngo. 28:91Sm 16:7; 1Ng 29:17; Img 17:3; Ivh 2:23
1 Ngo. 28:9Gus 31:21; Zb 139:2
1 Ngo. 28:9Mt 7:7; Heb 11:6; Yak 4:8
1 Ngo. 28:9Gus 31:17; 2Ng 15:2; Heb 10:38
1 Ngo. 28:11Heb 8:5
1 Ngo. 28:112Ng 3:4
1 Ngo. 28:11Lw 16:2; 1Bm 6:19
1 Ngo. 28:121Bm 6:36; 7:12
1 Ngo. 28:121Ng 9:26; 26:20
1 Ngo. 28:131Ng 24:1
1 Ngo. 28:152Ng 4:7
1 Ngo. 28:162Ng 4:8, 19
1 Ngo. 28:171Bm 7:48, 50
1 Ngo. 28:181Bm 7:48
1 Ngo. 28:18Zb 18:10
1 Ngo. 28:18Kv 25:20; 1Sm 4:4; 1Bm 6:23
1 Ngo. 28:19Kv 25:9, 40
1 Ngo. 28:191Ng 28:11
1 Ngo. 28:20Gus 31:6; Yos 1:6, 9; Rm 8:31
1 Ngo. 28:20Yos 1:5
1 Ngo. 28:211Ng 24:1
1 Ngo. 28:211Ng 24:20
1 Ngo. 28:21Kv 36:1, 2
1 Ngo. 28:211Ng 22:17; 28:1
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
1 Ngoma 28:1-21

Ngoma za mbere

28 Maze Dawidi akoraniriza i Yeruzalemu abatware bose bo muri Isirayeli. Bari aba: abatware b’imiryango, abakuru b’imigwi+ y’abakorera umwami, abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100+, abakuru bajejwe amatungo yose n’ibitungwa vy’umwami+ n’abahungu biwe+, hamwe n’abakozi bo ku kirimba n’abagabo bose b’intwari kandi bashoboye ibikorwa+. 2 Nuko umwami Dawidi arahaguruka, avuga ati:

«Benewacu, bantu banje, nimunyumvirize. Naripfuje cane kwubaka inzu izokwama ibamwo isandugu y’isezerano rya Yehova, ikaba n’intebe y’ibirenge vy’Imana yacu+. Kandi naravyiteguriye+. 3 Mugabo Imana y’ukuri imbwira iti: “Ntuzokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+, kuko warwanye intambara nyinshi ugasesa amaraso+.” 4 Ariko mu rugo rwose rwa dawe, Yehova Imana ya Isirayeli ni jewe yatoye ngo mbe umwami wa Isirayeli ibihe vyose+. Yatoye Yuda ngo abe indongozi+, mu muryango wa Yuda atora urugo rwa dawe+, maze mu bahungu ba dawe aba ari jewe ashima kugira mbe umwami wa Isirayeli yose+. 5 Mu bahungu banje bose na ho, narirya Yehova yampaye benshi+, yatoye umuhungu wanje Salomo+ ngo yicare ku ntebe y’ubwami ya Yehova, aganze Isirayeli+.

6 Yambwiye ati: “Umuhungu wawe Salomo ni we azokwubaka inzu yanje n’ibigo vyanje kubera ko namutoye ngo abe umwana wanje, nanje mbe se+. 7 Niyihatira kwubahiriza amabwirizwa yanje n’ingingo zose nashinze+ nk’uko ariko arabigira, nzokomeza ubutegetsi bwiwe gushika ibihe vyose+.” 8 Ibi rero ni vyo mvuze, kandi ndabivugiye imbere ya Isirayeli yose, ari ryo shengero rya Yehova, kandi ndabivuze n’Imana yacu yumva: nimwitwararike kurondera gutahura amabwirizwa yose ya Yehova Imana yanyu no kuyakurikiza. Muzoheza mugume muri iki gihugu ciza+ mwongere mukirage abana muzovyara, kibabere intoranwa yamaho.

9 Nawe Salomo mwananje, nurondere kumenya Imana ya so kandi uyikorere n’umutima wawe wose*+ be n’umutima uhimbawe*, kuko Yehova asuzuma imitima yose+ akamenya imigambi* yose umuntu afise mu mutima n’ivyiyumviro vyiwe+. Niwamurondera uzomuronka*+ mugabo niwamuheba na we azoguheba ibihe vyose+. 10 Numenye rero ko ari wewe Yehova yatoye ngo wubake inzu izoba ikibanza ceranda. Gira umutima rugabo, ujeko ukore.»

11 Nuko Dawidi aha umuhungu wiwe Salomo imigero+ y’ibaraza+ n’iy’ivyumba vy’urusengero, ushizemwo n’ivyumba vy’ububiko, ivyumba vyo hejuru, ivyumba vy’indani muri rwo n’icumba Imana yatangiramwo ikigongwe*+. 12 Amuha imigero y’ibintu vyose yari yarahishuriwe n’Imana* ku bijanye n’ibigo+ vy’inzu ya Yehova, uburiro bwobaye buri irya n’ino yayo, ububiko bw’itunga ry’inzu y’Imana y’ukuri n’ububiko bw’ivyeguriwe Imana*+. 13 Amuha n’amabwirizwa ajanye n’imigwi y’abaherezi+ n’iy’Abalewi, ayajanye n’ibikorwa vyose vyo ku nzu ya Yehova be n’ayajanye n’ibikoresho vyose vy’igikorwa co ku nzu ya Yehova. 14 Amubwira n’uburemere bw’inzahabu, ni ukuvuga inzahabu y’ibikoresho vyose bigenewe ibikorwa bitandukanye, n’uburemere bw’ibikoresho vyose vy’ifeza bigenewe ibikorwa bitandukanye. 15 Amubwira n’uburemere bw’ivyo baterekako amatara vy’inzahabu+ n’amatara yavyo y’inzahabu, amubwira n’uburemere bw’ivyo baterekako amatara vy’ifeza n’amatara yavyo y’ifeza. Uburemere bw’ico baterekako amatara n’amatara yaco bwavana n’ico bazobikoresha. 16 Amubwira n’uburemere bw’inzahabu izokorwamwo imeza imwimwe yose mu meza z’imikate igerekeranye*+ n’uburemere bw’ifeza izokorwamwo imeza z’ifeza. 17 Amubwira uburemere bw’inzahabu itavanze izokorwamwo amakanya, amabakure n’amajage*. Amubwira n’uburemere bw’imwimwe yose mu mabakure matomato y’inzahabu+ n’ubw’imwimwe yose mu mabakure matomato y’ifeza. 18 Amubwira n’uburemere bw’inzahabu ityoroye izokorwamwo igicaniro c’imibavu+ n’ishusho igereranya umukogote+, ni ukuvuga abakerubi+ bakozwe mu nzahabu bashanje amababa, bakabera igitutu isandugu y’isezerano rya Yehova. 19 Dawidi avuga ati: «Yehova yaramfashije* ampa ubukerebutsi* bw’ingene nkwiye kwandika+ amakuru yose ajanye n’iyo migero+.»

20 Maze Dawidi abwira umuhungu wiwe Salomo ati: «Gira umutima rugabo kandi ukomere, ujeko ukore. Ntutinye canke ngo uranduke umutima, kuko Yehova Imana yawe, we Mana yanje, ari kumwe nawe+. Ntazoguta canke ngo aguhebe+. Azogumana nawe gushika igikorwa cose kijanye n’inzu ya Yehova kirangiye. 21 Imigwi y’abaherezi+ n’iy’Abalewi+ iriteguriye gukora ibikorwa vyose vyo ku nzu y’Imana y’ukuri. Urafise n’abakozi b’abahanga bazokora igikorwa ico ari co cose babikunze+, ukagira n’abatware+ n’abantu bose bazokora ivyo uzobabwira vyose.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika