Ni zaburi ya Asafu+.
50 Yehova, Imana iruta izindi mana+ aravuze.
Akoranije isi yose,
kuva mu buseruko gushika mu burengero.
2 Imana yasayanganye iri i Siyoni, igisagara c’ubwiza butagira akanenge+.
3 Imana yacu izoza, kandi ntishobora kuguma icereje+.
Imbere yayo hari umuriro utema ugatongora+,
kandi irya n’ino yayo hari igihuhusi gikaze+.
4 Ikoranije ijuru n’isi+
kugira icire urubanza abantu bayo+. Ivuze iti:
5 «Nyegeraniriza intahemuka zanje,
abagiranira nanje isezerano biciye ku bimazi+.»
6 Ijuru riratangaza ubugororotsi bwayo,
kuko Imana ubwayo ari Umucamanza+. (Sela)
7 Imana ivuze iti: «Nyumviriza bantu banje, ngira mvuge.
Ewe Isirayeli, ngira ndakwagirize+.
Jewe ndi Imana, Imana yawe+.
8 Singuhana kubera ibimazi vyawe,
canke kubera amashikanwa aturirwa uko yakabaye wama unshikanira+.
9 Nta mpfizi zo mu nzu yawe nkeneye,
canke impene zo mu ruhongore rwawe+.
10 Kuko ibikoko vyose vyo mw’ishamba ari rwanje+,
mbere n’ibiba ku misozi ibihumbi.
11 Ndazi inyoni zose zo ku misozi+.
Ibikoko bidaharurika vyo mu gahinga vyose ni rwanje.
12 Hamwe noba nshonje, sinobikubwira
kuko isi n’ibiri kuri yo vyose ari rwanje+.
13 Mbega norya inyama z’impfizi z’inka,
canke nkanywa amaraso y’impene+?
14 Ahubwo nushikanire Imana ugukenguruka+,
kandi ushitse ivyo waraganiye Musumbavyose+.
15 Nuntabaze ku musi w’ivyago+.
Nzogutabara maze nawe uninahaze+.»
16 Ariko Imana izobwira umubisha iti:
«Ni nde yaguhaye uburenganzira bwo kuvuga amategeko yanje+
canke isezerano ryanje+?
17 Kuko wanka gukosorwa,
ukaguma usuzugura amajambo yanje+.
18 Ubonye umusuma uramushima+,
kandi uguma ugendana n’abarenga ibigo.
19 Akanwa kawe kaguma gakwiragiza ibibi,
kandi ikinyoma ntikiva ku rurimi rwawe+.
20 Uricara ukavuga nabi uwo muvukana+,
ugashira ahabona amakosa ya mwenewanyu.
21 Ivyo warabikoze nguma nihoreye,
uca wibaza ko meze nkawe.
Ubu rero ngira ndaguhane
kandi nshire ahabona ivyo ndakwagiriza+.
22 Nimubizirikane rero, mwebwe mwibagira Imana+,
kugira sindabatabagure ata wuhari wo kubatabara.
23 Uwushikana ugukenguruka nk’ikimazi ciwe ni we aninahaza+,
kandi uwiyemeje gukora ibigororotse
nzomuha kubona ubukiriro Imana itanga+.»