10 Ubuzima bwanje buranshisha+.
Ngira nsuke amaganya yanje yose,
mvuge ndundumiwe mu mutima!
2 Nzobwira Imana nti: “Ntunkubite intahe mu gahanga.
Mbwira igituma uriko urandwanya.
3 Mbega hari ico bikwungura kuncinyiza,
ugasuzugura igikorwa c’amaboko yawe+,
ariko ugashigikira imigambi y’ababisha?
4 Mbega ufise amaso y’inyama,
canke ubona nk’uko umuntu buntu abona?
5 Mbega imisi yawe ingana n’iy’abantu
canke imyaka yawe ingana n’iy’umuntu+,
6 ku buryo uguma urondera ikosa ryanje,
ukaguma uhiga igicumuro canje+?
7 Urazi ko ata kosa mfise+,
kandi nta woshobora kundokora mu kuboko kwawe+.
8 Amaboko yawe ni yo yambumbabumvye arandema+,
ariko raba ugira unkureho!
9 Ndagusavye wibuke ko wandemye mw’ibumba+,
ariko raba ugira unsubize mu mukungugu+.
10 Mbega ntiwansutse nk’amata,
ugatuma mvura nk’amavuta y’inka?
11 Waranyambitse urukoba n’inyama,
umfatanisha amagufa n’imitsi+.
12 Warampaye ubuzima, unyereka urukundo.
Warankingiye wongera urambungabunga+.
13 Ariko ibi ni vyo wateguye kunkorera mu mpisho.
Ndazi ko ivyo bintu biriko biva iwawe.
14 Iyo mba naracumuye, uba warabimenye+,
kandi ntiwompariye ikosa ryanje.
15 Noba nigorewe hamwe noba ndi mw’ikosa!
Kandi naho noba ndi intungane, sinoduza umutwe+
kuko nuzuye ibimaramare n’umubabaro+.
16 Hamwe noduza umutwe, woca umpiga nk’intambwe+,
ugasubira kundwanya ukoresheje ububasha bwawe.
17 Uzana ivyabona bishasha vyo kunyagiriza,
ishavu umfitiye rikongerekana,
ivyago na vyo bikaguma bikurakuranwa kuri jewe.
18 Kubera iki none wankuye mu nda ya mama+?
Mba naripfiriye ntihagire n’ijisho rimbona.
19 Vyari kumera nk’aho ntigeze mbaho,
bari guca bampamba nkiva mu nda.”
20 Mbega imisi nsigaje si mikeyi+? Imana ninyirekere.
Ninkureko amaso yayo kugira nduhuke gatoyi+.
21 Imbere y’uko nigira (kandi sinzogaruka+)
mu gihugu c’umwiza w’umuzitanya+,
22 mu gihugu c’umwijima w’umuzimagiza,
igihugu c’igitutu cijimye n’akajagari,
aho umuco waho umeze nk’umwiza.»