12 Uwukunda indero aba akunda ubumenyi+,
ariko uwanka gukosorwa ntagira ubwenge+.
2 Yehova arakunda umuntu mwiza,
ariko uwupanga gukora ikibi azomukubita intahe mu gahanga+.
3 Ububisha ntibushobora gutuma umuntu atekana+,
ariko umugororotsi ntazokwigera arandurwa.
4 Umugore abishoboye ni urugori ku mugabo wiwe+,
ariko umugore akora ibiteye isoni ni nk’indwara ituma amagufa yiwe abungwa+.
5 Ivyiyumviro vy’abagororotsi biragororotse,
ariko impanuro z’ababisha zirazimiza.
6 Amajambo y’ababisha ni umutego wica+,
ariko akanwa k’abagororotsi karabakiza+.
7 Iyo ababisha bakuweho ntibasubira kubaho,
ariko inzu y’abagororotsi izoguma ihagaze+.
8 Umuntu yiyubara mu vyo avuga arashemezwa+,
ariko uwufise umutima ugoramye arasuzugurwa+.
9 Umuntu yopfuma yubahwa buhoro ariko afise umusuku,
hako yishira hejuru kandi atagira n’ico arya+.
10 Umugororotsi aritaho ibitungwa vyiwe+,
ariko umubisha n’iyo agize impuhwe haba harimwo ububisha.
11 Uwurima itongo ryiwe azohaga ibifungurwa+,
ariko uwishinga ibintu bitagira akamaro ntagira ubwenge.
12 Umubisha yipfuza ivyo abandi banyakibi bafashe,
ariko umuzi w’abagororotsi urama ivyamwa.
13 Amajambo mabi y’umunyakibi ni yo amubera umutego+,
ariko umugororotsi aririnda ivyago.
14 Amajambo ava mu kanwa k’umuntu atuma ahaga ivyiza+,
kandi ibikorwa vy’amaboko yiwe bituma aronka impera.
15 Ikijuju kibona yuko inzira yaco igororotse+,
ariko umunyabwenge aremera impanuro+.
16 Ikijuju cerekana ishavu ryaco ubwo nyene+,
ariko umunyabwenge arirengagiza igitutsi.
17 Icabona cizigirwa kivuga ukuri,
ariko icabona c’ikinyoma kivuga ububeshi.
18 Amajambo umuntu avuze atiyumviriye ameze nk’ugucumita kw’inkota,
ariko ururimi rw’umunyabwenge ruravura+.
19 Iminwa ivuga ukuri izokwamaho ibihe vyose+,
ariko ururimi rubesha rumara akanya gato gusa+.
20 Umutima w’abategura ikibi wuzuyemwo ibinyoma,
ariko abaremesha amahoro bifitiye umunezero+.
21 Nta kibi na kimwe kizoshikira umugororotsi+,
ariko ababisha bazoshikirwa n’ivyago vyinshi+.
22 Umuntu avuga ibinyoma arashisha Yehova+,
ariko umuntu w’umwizigirwa aramuhimbara.
23 Umunyabwenge arahisha ivyo azi,
ariko umutima w’ikijuju usuka ubujuju bwaco+.
24 Ukuboko kw’abanyamwete kuzoganza+,
ariko amaboko y’ibinebwe azokora ibikorwa vy’agahato+.
25 Amaganya mu mutima w’umuntu arawuremera+,
ariko ijambo ryiza rirawunezereza+.
26 Umugororotsi arasuzuma uburagiro bwiwe,
ariko inzira y’ababisha irabazimiza.
27 Ibinebwe ntivyiruka inyuma y’ico bihiga+,
ariko umwete ni ubutunzi bw’agaciro.
28 Inzira y’ubugororotsi ishikana ku buzima+,
kandi muri yo nta rupfu ruhari.