Daniyeli
10 Mu mwaka ugira gatatu Kuro+ umwami w’Ubuperesi ari ku ngoma, hari ubutumwa Daniyeli, uwitwa kandi Beluteshazari+ yahishuriwe. Ubwo butumwa bwari ubw’ukuri kandi bwari bwerekeye amatati akomeye. Ubwo butumwa yarabutahuye kandi arafashwa gutegera ivyo yari yabonye.
2 Ico gihe, jewe Daniyeli nari maze indwi zitatu zuzuye ngandaye+. 3 Namaze indwi zitatu zuzuye ntarya indya ziryoshe. Nta nyama canke umuvinyu nashira mu kanwa, kandi nta n’amavuta nisiga. 4 Ku musi ugira 24 w’ukwezi kwa mbere, nari ku nkengera ya rwa ruzi runini ari rwo Tigiri*+. 5 Ndaramuye amaso, nagiye mbona umugabo yambaye impuzu y’ilino*+, akenyeye mu kiyunguyungu umukaba w’inzahabu y’i Ufazi. 6 Umubiri wiwe warakayangana nk’ibuye ryitwa kirizolito+, mu maso hiwe haraca ibibatsi nk’umuravyo, amaso yiwe na yo yari ameze nk’ibimuri. Amaboko yiwe n’ibirenge vyiwe vyari bimeze nk’umujumpu usenye neza+, kandi ijwi ryiwe ryari rimeze nk’ijwi ry’isinzi ry’abantu. 7 Jewe Daniyeli ni je jenyene nabonye iryo yerekwa. Abo twari kumwe ntibaribonye+. Ahubwo barajugumiye cane, baca biruka kwinyegeza.
8 Naciye nsigara ndi jenyene. Igihe nerekwa ivyo bintu bikomeye, numvise inguvu zitanguye kumperamwo. Narijiriwe mu maso, intege zose ziramperamwo+. 9 Hanyuma numva ariko aravuga, ariko nkimwumva naciye ngwa hasi nubamye, ndatakaza ubwenge+. 10 Maze numva ukuboko kurankozeko kuramvyura+, nca nishimikiza amaboko n’amavi. 11 Aca ambwira ati:
«Ewe Daniyeli, muntu ukundwa cane*+, niwumvirize amajambo ngira nkubwire. Haguruka rero, kuko natumwe kuri wewe.»
Ambwiye gutyo, nca ndahaguruka ndiko ndajugumira.
12 Araheza ambwira ati: «Ewe Daniyeli, ntutinye+. Amajambo yawe yarumviswe uhereye umusi wiyemeza kurondera ugutahura, ukongera ukicisha bugufi imbere y’Imana yawe. Ni co gituma naje+. 13 Ariko umuganwa+ w’ubwami bw’Ubuperesi yamaze imisi 21 andwanya. Mugabo Mikayeli*+, umwe mu baganwa bakurubakuru*, yaciye aza kuntabara. Ico gihe nari ng’aho iruhande y’abami b’Ubuperesi. 14 Nzanywe rero no kugufasha gutahura ibizoshikira ihanga ryawe mu misi y’iherezo+, kuko ivyo weretswe bizoranguka muri kazoza+.»
15 Ambwiye ayo majambo, naciye nunama, mera nka nyamuragi. 16 Maze uwusa n’umuntu yaciye ankora ku minwa+, nca nteranura akanwa, mbwira uwari ahagaze imbere yanje nti: «Mukama wanje, ndiko ndajugumira kubera ivyo neretswe, nta n’utuguvu ngifise+. 17 Bishobotse gute ngo jewe umushumba wawe mvugane na wewe, ga mukama wanje+? Erega utuguvu twose twaheze, nta n’impemu ngisigaranye+.»
18 Umwe asa n’umuntu aca yongera kunkorako, arankomeza+. 19 Araheza ambwira ati: «Ntutinye+, ewe muntu ukundwa cane+! Gira amahoro+. Nukomere, emwe ukomere cane.» Akiriko aramvugisha, naciye numva utuguvu tugarutse, maze mvuga nti: «Vuga mukama wanje, kuko wankomeje.»
20 Aca ambwira ati: «Urazi igituma naje kukuraba? Ubu ngira nsubire kurwana na wa muganwa w’Ubuperesi+. Ninamara kugenda, umuganwa w’Ubugiriki azoca aza. 21 Ariko ngira mbanze ndakumenyeshe ivyanditswe mu gitabu c’ukuri. Nta n’umwe anshigikiye muri ivyo atari Mikayeli+, umuganwa wanyu+.