Imigani
24 Ntiwumvire agashari abantu b’inkozi z’ikibi,
kandi ntiwipfuze kwifatanya na bo+,
2 kuko baguma biyumvira ibintu vy’ububisha,
bakaguma bavuga ibibi bagomba gukora.
12 Hamwe wovuga uti: «Ivyo nta vyo twari tuzi»,
mbega umwe asuzuma imitima* ntazobimenya+?
Emwe, umwe akwitegereza azobimenya
kandi azohemba umuntu wese yisunze ivyo yakoze+.
13 Mwananje, rya ubuki kuko ari bwiza.
Ubuki bwo mu kimamara buraryoshe.
14 Ariko kandi umenye ko ubukerebutsi ari bwiza kuri wewe+.
Niwaburonka uzogira kazoza keza,
kandi uzokwamana icizigiro+.
15 Ntubunde iruhande y’inzu y’umugororotsi ufise intumbero mbi.
Ntusambure ahantu hiwe aruhukira.
16 Kuko umugororotsi yoshobora kugwa incuro indwi, mugabo azohaguruka+.
Ariko ababisha bazotsitazwa n’ivyago+.
17 Umwansi wawe niyagwa, ntuze uhimbarwe,
kandi niyatsitara, ntuze unezerwe mu mutima+.
18 Ahandiho Yehova azobibona bimubabaze,
maze ace areka kumushavurira+.
19 Ntushavure* kubera inkozi z’ikibi,
kandi ntiwumvire agashari ababisha,
20 kuko abanyakibi ata kazoza bagira+
kandi itara ry’ababisha rizozima+.
21 Mwananje, tinya Yehova n’umwami+.
None ni nde azi ivyago bazobateza*+?
23 Aya majambo na yo nyene ni ay’abanyabwenge:
si vyiza kugira nkunzi mu rubanza+.
24 Uwubwira umubisha ngo «uri umugororotsi+»,
abantu bazomuvuma kandi amahanga azomwiyamiriza.
26 Abantu bazosoma umuntu avugisha ukuri mu kwishura*+.
28 Ntiwagirize mugenzawe ibintu bitagira ishingiro+.
Ntukoreshe iminwa yawe mu guhenda abandi+.
31 Nasanze wuzuyemwo ivyatsi bibi.
Wari wuzuyemwo ivyatsi vy’ibisuru,
kandi uruhome rwawo rw’amabuye rwari rwarasambutse+.
32 Naravyitegereje kandi ndabizirikana.
Narabibonye maze ndahakura iki cigwa: