Imigani
2 Mwananje, niwakira neza amajambo yanje
kandi ukabika muri ntibate amabwirizwa yanje+,
2 mu gutega ugutwi ubukerebutsi+
no mu gushira umutima ku gutahura+,
3 vyongeye, niwahamagara ugutegera+
kandi ugashira ijwi hejuru urondera ugutahura+,
4 niwaguma ubirondera nk’uwurondera ifeza+
kandi ukaguma ubirondera nk’uwurondera itunga ryanyegejwe+,
5 uzoheza utahure ico ari co gutinya Yehova+
kandi uzomenya Imana+.
9 Uzoheza kandi utahure ibintu bigororotse, bitunganye kandi vy’ukuri,
utahure n’inzira nziza iyo ari yo+.
10 Ubukerebutsi nibwinjira mu mutima wawe+
kandi ubumenyi bukaguhimbara+,
11 ubushobozi bwo kwiyumvira buzogukingira+,
ugutahura na kwo kukuzigame,
12 kugira bikurinde inzira mbi
n’abantu bavuga ibigoramye+,
13 bikurinde abantu bava mu nzira igororotse
kugira bagendere mu nzira y’umwiza+,
14 abantu banezerwa no gukora ibibi,
bagahimbarwa n’ibibi vy’agahomerabunwa,
15 abagendera mu nzira zigoramye
kandi buzuye amanyanga mu vyo bakora vyose.
16 Bizokurinda umugore w’igitandero*,
bikurinde amajambo asosa* y’umugore w’igihumbu*+,
17 ata umugenzi somambike* wo mu bukumi bwiwe+,
akibagira isezerano yagiranye n’Imana yiwe.
18 Kuko inzu yiwe inyika ija mu rupfu,
kandi inzira ziwe zijana mu kuzimu+.