Abami ba kabiri
6 Umusi umwe abana b’abahanuzi+ babwira Elisha bati: «Urabona ko aha hantu tubanye nawe hasigaye ari hato cane. 2 Turagusavye utureke tuje ku ruzi Yorodani, umwe wese muri twebwe ateme igiti, hanyuma twubakeyo inzu yo kubamwo.» Abishura ati: «Nimugende.» 3 Mugabo umwe muri bo amubaza ati: «Ubona wojana natwe*?» Yishura ati: «Ego turajana.» 4 Nuko ajana na bo, maze bashitse kuri Yorodani batangura guca ibiti. 5 Umwe muri bo ariko araca igiti, ishoka irarokoka igwa mu mazi. Aca arasemerera ati: «Yoo databuja, ndagowe ishoka y’abandi!» 6 Nya muntu w’Imana y’ukuri aca amubaza ati: «Yaguye he?» Arahamwereka. Uwo muntu w’Imana aca atema ingegene y’igiti ayitererayo, ya shoka ica irareremba. 7 Amubwira ati: «Yikureyo.» Aca atuma ukuboko arayitora.
8 Igihe kimwe, umwami wa Siriya aja gutera Abisirayeli+. Agisha inama intwazangabo* ziwe, azibwira ati: «Tuzokambika aha n’aha.» 9 Maze wa muntu w’Imana y’ukuri+ arungikira umwami wa Isirayeli ubutumwa bugira buti: «Uragaba ntuce aha n’aha kuko ari ho Abasiriya baza gukambika.» 10 Umwami wa Isirayeli aca arungika ubutumwa bwo kuburira ababa nya hantu Elisha wa muntu w’Imana y’ukuri yari yamubwiye. Elisha yaguma aburira umwami, na we akaza aririnda kuja aho yamubwiye+. Kandi ivyo ntivyabaye rimwe canke kabiri.
11 Maze umwami* wa Siriya araraka, aca atumako intwazangabo ziwe, azibwira ati: «Muri twebwe hari uwushigikiye umwami wa Isirayeli. Ndakeneye kumumenya.» 12 Umwe muri izo ntwazangabo amwishura ati: «Nta n’umwe mwami. Umuhanuzi wo muri Isirayeli yitwa Elisha ni we abwira umwami wa Isirayeli n’ivyo uvugira mu cumba uryamamwo+.» 13 Umwami aca ababwira ati: «Nimugende muperereze iyo ari kugira ngo ndungike abaja kumufata.» Mu nyuma bamumenyesha ko Elisha ari i Dotani+. 14 Ako kanya aca arungikayo amafarasi n’imikogote y’intambara n’ingabo nyinshi cane. Bashikayo mw’ijoro, maze bakikuza igisagara.
15 Umusuku wa nya muntu w’Imana y’ukuri avyuka kare mu gitondo maze asohoka hanze. Agize atya abona ingabo zikikuje ico gisagara hamwe n’amafarasi n’imikogote y’intambara. Nya musuku aca amubwira ati: «Turagowe, databuja! Tugire iki?» 16 Amwishura ati: «Ntutinye+ kuko abari kumwe natwe ari benshi kuruta abari kumwe na bo+.» 17 Elisha aca atangura gusenga ati: «Ewe Yehova, ndakwinginze wugurure amaso yiwe kugira ngo abone+.» Yehova aca yugurura amaso ya nya musuku, maze abona akarere k’imisozi kose kuzuye amafarasi n’imikogote y’intambara vyaka umuriro+, bikikuje Elisha+.
18 Abasiriya batangura kwegera aho Elisha ari. Elisha aca asenga Yehova ati: «Ndakwinginze aba bantu* ubateze uruhumyi+.» Abateza rero uruhumyi nk’uko Elisha yari abisavye. 19 Elisha ababwira rero ati: «Iyi nzira mwafashe si yo, n’iki gisagara mwajemwo si co. Ingo nje kubereka uwo murondera.» Ariko abajana i Samariya+.
20 Bashitse i Samariya, Elisha avuga ati: «Yehova, ndagusavye wugurure amaso y’aba bantu babone.» Yehova aca abugurura amaso, basanga bari hagati mu gisagara ca Samariya. 21 Umwami wa Isirayeli ababonye, abwira Elisha ati: «Ndabice ga dawe? Ndabice?» 22 Ariko amubwira ati: «Ntubice. Wokwica abo wafatishije inkota n’umuheto? Bahe ivyo barya* n’amazi banywa+, baheze basubire kwa shebuja.» 23 Nuko umwami abatereka inzimano idasanzwe, bararya baranywa, bahejeje abarungika kwa shebuja. Utugwi tw’abambuzi tw’Abasiriya+ ntitwigeze dusubira kugaruka mu gihugu ca Isirayeli.
24 Mu nyuma, Beni-Hadadi umwami wa Siriya akoranya ingabo* ziwe zose aja kwugariza Samariya+. 25 Maze hatera inzara ikomeye+ i Samariya. Abasiriya baguma bahugarije gushika n’aho umutwe w’indogobwa+ usigara ugurwa ifeza 80, amase y’inuma na yo angana n’ica kane c’ingero ya kabu* akagurwa ifeza 5. 26 Umusi umwe umwami wa Isirayeli yariko aragendagenda ku ruzitiro rw’igisagara, maze umugore umwe aramuririra ati: «Mfasha mwami!» 27 Umwami amwishura ati: «Yehova atagufashije, nokura hehe ivyo ndagufashisha? Ndabikure ku mbuga yo mu murima* canke mu ruganiro rw’umuvinyu canke rw’amavuta?» 28 Umwami aca amubaza ati: «Ufise ingorane iyihe?» Na we ati: «Uyu mugore yambwiye ati: “Zana umuhungu wawe tumurye uyu musi, rwanje tuzomurye ejo+.” 29 Nuko duteka umuhungu wanje, turamurya+. Umusi ukurikira ndamubwira nti: “Zana nawe umuhungu wawe tumurye.” Mugabo aramunyegeza.»
30 Umwami akimara kwumva amajambo y’uwo mugore, aca yitaburirako impuzu+. Ariko ararengana ku ruzitiro rw’igisagara, abantu babona ko yambaye igunira munsi y’impuzu ziwe. 31 Hanyuma avuga ati: «Imana izobimpanire bimwe bikomeye, ninarara ntaciye umutwe Elisha mwene Shafati+!»
32 Elisha yari yicaye mu nzu iwe, yicaranye n’abashingantahe. Umwami arungika intumwa kwa Elisha ngo imwitangire imbere. Ariko uwo muntu atarashika, Elisha abwira nya bashingantahe ati: «Uyu muhungu w’umwicanyi+ arungitse umuntu ngo ance umutwe. Nimwabona ashitse, muce mwugara umuryango kugira ntiyinjire. Mbega ntimwumva ibirenge vya shebuja aje amukurikira?» 33 Elisha akiriko aravugana na bo, nya ntumwa iba irashitse. Umwami na we ashitse, avuga ati: «Yehova ni we yaduteje ibi vyago. Kubera iki nokwirirwa ndarindira ko Yehova adufasha?»