ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 4
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Itanguriro: ibirimwo

      • Kayini na Abeli (1-16)

      • Abakomoka kuri Kayini (17-24)

      • Seti n’umuhungu wiwe Enoshi (25, 26)

Itanguriro 4:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 1:28
  • +1Yh 3:10-12; Yud 11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2013, rup. 12-13

    Niwigane, rup. 10-11

Itanguriro 4:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 23:35

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2013, rup. 13-14

    1/2/2002, rup. 20

    Niwigane, rup. 11-12

Itanguriro 4:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/2/2002, rup. 19

Itanguriro 4:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 13:12
  • +Heb 11:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2015, rup. 20

    1/1/2013, rup. 14-15

    1/2/2002, rup. 19

    1/9/2000, rup. 7-8

    Niwigane, rup. 14

Itanguriro 4:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2013, rup. 15

    1/2/2002, rup. 20

    Niwigane, rup. 16

Itanguriro 4:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «wobura gushirwa hejuru?»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/4/2014, rup. 28

    1/2/2002, rup. 20

    Be maso!,

    10/2011, rup. 24

Itanguriro 4:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 23:35; 1Yh 3:10-12; Yud 11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2013, rup. 15

    15/9/2002, rup. 28

    Niwigane, rup. 16

Itanguriro 4:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/2/2002, rup. 20

Itanguriro 4:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 12:24

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nugume mu rukundo rw’Imana, rup. 90

    “Urukundo rw’Imana,” rup. 74-75

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 100-101

    Umunara w’Inderetsi,

    15/6/2004, rup. 14

Itanguriro 4:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 9:5

Itanguriro 4:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Rishobora kuba ryari itegeko rigabisha abantu ngo ntibice Kayini.

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2004, rup. 29

    1/2/2002, rup. 20-21

Itanguriro 4:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «igihugu ca Nodi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 2:8

Itanguriro 4:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 5:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    8/2016, rup. 10

    Umunara w’Inderetsi,

    1/9/2010, rup. 25

    1/1/2004, rup. 29

Itanguriro 4:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 4:15

Itanguriro 4:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «uwagenywe», «uwashizweho.»

  • *

    Canke «yangeneye.»

  • *

    Canke «uruvyaro.» Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 5:3; 1Ng 1:1
  • +It 4:8; Mt 23:35; Heb 11:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/2/2009, rup. 13

Itanguriro 4:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 5:6; Lk 3:23, 38

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 1 2017 rup. 10

    Umunara w’Inderetsi,

    1/9/2005, rup. 15-16

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ita. 4:1It 1:28
Ita. 4:11Yh 3:10-12; Yud 11
Ita. 4:2Mt 23:35
Ita. 4:4Kv 13:12
Ita. 4:4Heb 11:4
Ita. 4:8Mt 23:35; 1Yh 3:10-12; Yud 11
Ita. 4:10Heb 12:24
Ita. 4:11It 9:5
Ita. 4:16It 2:8
Ita. 4:17It 5:4
Ita. 4:24It 4:15
Ita. 4:25It 4:8; Mt 23:35; Heb 11:4
Ita. 4:25It 5:3; 1Ng 1:1
Ita. 4:26It 5:6; Lk 3:23, 38
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Itanguriro 4:1-26

Itanguriro

4 Nuko Adamu aryamana n’umugore wiwe Eva maze asama inda+. Eva ahejeje kuvyara Kayini+, aca avuga ati: «Mvyaye umuhungu mfashijwe na Yehova.» 2 Mu nyuma avyara mwenewabo Abeli+.

Abeli aba umwungere, Kayini na we aba umurimyi. 3 Haciye igihe, Kayini azana ku vyo yimbuye mu murima kugira abishikanire Yehova. 4 Abeli na we ashikana bimwebimwe mu vyavutse ubwa mbere mu bitungwa vyiwe+ hamwe n’ibinure vyavyo. Yehova ashima Abeli n’ishikanwa ryiwe+, 5 ariko ntiyashima Kayini n’ishikanwa ryiwe. Kayini aca arashavura cane, arijirirwa. 6 Maze Yehova abwira Kayini ati: «Kubera iki ushavuye cane kandi wijiriwe? 7 Aho wohindura ugakora ivyiza ntiwoshimwa*? Ariko nutahindura, hari igicumuro kibunze ku muryango kandi gishaka kukwigarurira. Ubwo uraza kugitsinda?»

8 Inyuma y’ivyo, Kayini abwira mwenewabo Abeli ati: «Tujane mu gahinga.» Nuko bamaze gushikayo, Kayini asimbira kuri mwenewabo Abeli aramwica+. 9 Mu nyuma Yehova abaza Kayini ati: «Mwenewanyu Abeli ari hehe?» Na we amwishura ati: «Sinzi. Mbaye umurinzi wa mwenewacu?» 10 Aca amubwira ati: «Wakoze ibiki? Umve! Amaraso ya mwenewanyu ariko arasemerera antakambira iyo ari mw’ivu+. 11 Ubu rero uravumwe, urirukanywe muri aka karere k’isi yasamitse akanwa ngo inywe amaraso ya mwenewanyu washeshe n’ukuboko kwawe+. 12 Niwarima isi, ntizokwimbuka. Uzoba icangazi n’impunzi mw’isi.» 13 Kayini aca abwira Yehova ati: «Igihano c’ikosa ryanje kiraremereye cane. 14 Uyu musi uranyirukanye muri aka karere kandi sinzosubira kukwegera. Ngiye kuba icangazi n’impunzi mw’isi, kandi uwuzombona wese ntazobura kunyica.» 15 Yehova amwishura ati: «Ku bw’ivyo, uwuzokwica Kayini wese azovyishura incuro indwi.»

Yehova aca ashiraho ikimenyetso* kugira ngo umuntu wese azobona Kayini ntamwice. 16 Kayini aca ava imbere ya Yehova, aja kuba mu gihugu c’ubuhungiro* mu buseruko bwa Edeni+.

17 Inyuma y’aho, Kayini aryamana n’umugore wiwe+. Nuko asama inda maze avyara Henoki. Kayini araheza yubaka igisagara maze acita izina ry’umuhungu wiwe Henoki. 18 Mu nyuma Henoki avyara Iradi. Iradi yavyaye Mehuyayeli, Mehuyayeli avyara Metushayeli, Metushayeli na we avyara Lameki.

19 Lameki yarongoye abagore babiri. Uwa mbere yitwa Ada, uwa kabiri na we Zila. 20 Ada avyara Yabali. Ni we yatanguje ivyo kuba mu mahema no kworora ibitungwa. 21 Mwenewabo yitwa Yubali. Ni we yatanguje ivyo kuvuza inanga n’umwironge. 22 Zila na we avyara Tubali-Kayini. Ni we yahingura ibikoresho vy’ubwoko bwose bikozwe mu mujumpu no mu cuma. Mushiki wa Tubali-Kayini yitwa Nayama. 23 Lameki rero abwira aya majambo abagore biwe, Ada na Zila ati:

«Nimunyumvirize, yemwe bagore ba Lameki,

nimutege ugutwi ijambo ryanje:

Nishe umugabo kubera yankomerekeje,

emwe, umugabo akiri muto kubera yankubise.

24 Nimba Kayini abwirizwa guhorwa incuro 7+,

Lameki rero ni incuro 77.»

25 Adamu yongera kuryamana n’umugore wiwe maze avyara umuhungu. Eva amwita Seti*+ kuko yibwira ati: «Imana impaye* uwundi mwana* mu kibanza ca Abeli, kuko Kayini yamwishe+.» 26 Seti na we nyene avyara umuhungu maze amwita Enoshi+. Ico gihe ni ho abantu batangura kwambaza izina rya Yehova.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika