Abaheburayo
3 Nuko rero bavukanyi beranda musangiye uguhamagarirwa ijuru*+, muzirikane ya ntumwa akaba n’umuherezi mukuru twemera*, ari we Yezu+. 2 Yari umwizigirwa ku wamugenye+, nk’uko na Musa yari umwizigirwa mu nzu yose y’Imana+. 3 Abonwa* ko abereye ubuninahazwa+ kuruta Musa, kubera yuko uwubaka inzu afise iteka kuruta nya nzu. 4 Mu bisanzwe, inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo Imana ni yo yubatse ibintu vyose. 5 Musa rero yari umusuku w’umwizigirwa mu nzu yose y’Imana, igikorwa ciwe kikaba cerekeza ku bintu* vyohavuye bivugwa mu nyuma. 6 Mugabo Kristu yari umwana w’umwizigirwa+ aganza inzu y’Imana. Ni twebwe inzu y’Imana+, dukire gusa kuguma twumiye cane ku mwidegemvyo wacu wo kuvuga no ku cizigiro twiratira, gushika kw’iherezo.
7 Nk’uko rero impwemu nyeranda ibivuga+, «uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo, 8 ntimukomantaze imitima nka ca gihe mwantera ishavu ry’umururazi, nka wa musi mwangeza mu bugaragwa+, 9 aho ba sogokuruza banyu bangerageza bakansomborotsa naho bari barabonye ibikorwa vyanje mu kiringo c’imyaka 40+. 10 Ni co catumye nsesemwa n’uru runganwe, maze mvuga nti: “Imitima yabo iguma izimira, kandi ntibigeze bamenya inzira zanje.” 11 Naciye ndahira n’ishavu n’akantu nti: “Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje+.”»
12 Mwiyubare bavukanyi, kugira ntihagire n’umwe muri mwebwe ava kuri ya Mana nzima bigatuma agira umutima mubi utizera+. 13 Ahubwo mugume muremeshanya ku musi ku musi, hacitwa «uyu musi+», kugira ntihagire n’umwe muri mwebwe akomantaza umutima bivuye ku bubasha buhendana bw’igicumuro. 14 Kuko ducika vy’ukuri abasangira Kristu* ari uko gusa twumiye rwose gushika kw’iherezo kuri kwa kujijuka twari dufise mu ntango+. 15 Nakare tubwirwa ngo: «Uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo, ntimukomantaze imitima nka ca gihe mwantera ishavu ry’umururazi+.»
16 None ni bande bumvise yamara bakamutera ishavu ry’umururazi? Mbega si abavuye mu Misiri bose barongowe na Musa+? 17 Vyongeye, ni bande basesemye Imana mu myaka 40+? Mbega si bamwe bacumura, imivyimba yabo ikagwa mu bugaragwa+? 18 Ni bande kandi yarahiye yuko batokwinjiye mu karuhuko kayo? Mbega si bamwe bagambarara? 19 Turabona rero ko batashoboye kukinjiramwo kubera ukutizera+.