Ni indirimbo y’abariko baraduga. Ni zaburi ya Salomo.
127 Yehova atubatse inzu,
abubatsi bayo baba bariko baruhira ubusa+.
Yehova atarinze igisagara+,
umunyezamu aba ateramiye ubusa.
2 Ni ivy’ubusa kubona muvyuka kare,
mukarara kw’ijoro,
mugakora mugatama murondera ibifungurwa,
kuko abo akunda abaronsa ivyo bakeneye, akabaha n’agatiro+.
3 Abana ni ingabire Yehova atanga+.
Ibibondo ni impera atanga+.
4 Abana umuntu avyaye akiri muto
bameze nk’imyampi iri mu kuboko kw’umuntu w’intwari+.
5 Hahiriwe umuntu ayuzuza agasaho kiwe k’imyampi+.
Ntibazomaramara,
kuko bazovugana n’abansi mw’irembo ry’igisagara.