ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abakorinto 7
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Abakorinto: ibirimwo

      • Twiyuhagire ibintu vyose bihumanya (1)

      • Pawulo agira umunezero kubera Abakorinto (2-4)

      • Tito azana amakuru meza (5-7)

      • Umubabaro uhuye n’ivyo Imana igomba be n’ukwigaya (8-16)

2 Abakorinto 7:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Kr 6:16
  • +Rm 12:1; 1Tm 1:5; 3:9; 1Yh 3:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 40

    Be maso!,

    no. 3 2019 rup. 4

    “Urukundo rw’Imana,” rup. 93-95

    Umunara w’Inderetsi,

    1/11/2006, rup. 26

    Agahimbare mu rugo, rup. 45-48

2 Abakorinto 7:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 12:10; 2Kr 6:12, 13
  • +Ivk 20:33, 34; 2Kr 12:17

2 Abakorinto 7:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Fp 2:17; Fm 7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2006, rup. 15

2 Abakorinto 7:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu kigiriki havuga ngo «umubiri wacu waronse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 20:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/6/2014, rup. 23

    1/11/1996, rup. 25-26

2 Abakorinto 7:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Kr 1:3, 4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 166

    Umunara w’Inderetsi,

    1/11/1996, rup. 25-26

2 Abakorinto 7:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu kigiriki havuga ngo «n’umwete mumfitiye.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 166

2 Abakorinto 7:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Kr 2:4

2 Abakorinto 7:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 32:5; 1Yh 1:9

2 Abakorinto 7:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mutanduye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 3:8

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/12/1997, rup. 24

2 Abakorinto 7:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Kr 5:5

2 Abakorinto 7:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Kr 2:9; Heb 13:17

2 Abakorinto 7:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «kugira umutima rugabo kubera mwebwe.»

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Kor. 7:12Kr 6:16
2 Kor. 7:1Rm 12:1; 1Tm 1:5; 3:9; 1Yh 3:3
2 Kor. 7:2Rm 12:10; 2Kr 6:12, 13
2 Kor. 7:2Ivk 20:33, 34; 2Kr 12:17
2 Kor. 7:4Fp 2:17; Fm 7
2 Kor. 7:5Ivk 20:1
2 Kor. 7:62Kr 1:3, 4
2 Kor. 7:82Kr 2:4
2 Kor. 7:10Zb 32:5; 1Yh 1:9
2 Kor. 7:11Mt 3:8
2 Kor. 7:121Kr 5:5
2 Kor. 7:152Kr 2:9; Heb 13:17
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Abakorinto 7:1-16

Abakorinto ba kabiri

7 Ko rero dufise iyo mihango+ ga bakundwa, twiyuhagire ibintu vyose bihumanya umubiri n’umutima+, kugira tube aberanda bimwe bikwiye mu gutinya Imana.

2 Muduhe ikibanza mu mitima yanyu+. Nta we twagiriye nabi, nta we twatumye yononekara, nta we twariye imitsi+. 3 Ivyo sindabivuze kugira ndabacire urubanza kuko maze kuvuga yuko muri mu mitima yacu, twaba dupfa canke tubaho. 4 Mvugana umwidegemvyo mwinshi ku biberekeye. Ndabiratira cane. Narahojejwe cane rwose. Mu marushwa yacu yose mfise umunezero usesekaye+.

5 Mu bisanzwe igihe twashika i Masedwane+, nta gahengwe twaronse*, ahubwo twashishikaye gutezwa amarushwa mu buryo bwose: hanze hari intambara, imbere na ho ubwoba. 6 Ariko ya Mana ihoza abavunitse umutima+, yaraduhojeje aho Tito aziye akagumana natwe. 7 Ntitwahojejwe gusa no kuba ari ho ari. Twarahojejwe kandi n’uruhoza yaronse kubera mwebwe, kuko yatwiganiye inkumbu mumfitiye, intuntu mwagize n’ukuntu mumbabaye cane*. Vyatumye ndushiriza kunezerwa.

8 Naho ikete ryanje ryabateye umubabaro+, sindavyicuza. Ego ni ko mu ntango naravyicujije (kubera ko iryo kete ryabateye umubabaro, naho vyabaye akanya gatoyi gusa). 9 Mugabo ubu ndanezerwa, atari kubera ko mwagize umubabaro, ahubwo kubera ko mwagize umubabaro utuma mwigaya. Mwagize umubabaro uhuye n’ivyo Imana igomba, ku buryo ata ngorane mwagize kubera twebwe. 10 Kuko umubabaro uhuye n’ivyo Imana igomba utuma umuntu yigaya bikamushikana ku bukiriro, kandi nta kwicuza asigarana+. Mugabo umubabaro w’isi uzana urupfu. 11 Raba ingene umubabaro uhuye n’ivyo Imana igomba mwagize watumye mugira ishaka ryinshi, ingene watumye mwikurako ibara mwari mwambaye, ingene watumye mushavuzwa n’ikibi cabaye, ingene watumye mutinya Imana, ingene watumye mugira icipfuzo gikomeye, ingene watumye mugira umwete n’ingene watumye musubiza ibintu mu buryo+! Muri vyose mwarerekanye ko mwera* ku bijanye n’ico kibazo. 12 Naho nabandikiye, sinabigize ku bw’uwakoze ikibi+ canke ku bw’uwagiriwe nabi, ahubwo nabigize kugira ngo umwete mufise wo kwumva ivyo tubabwira wibonekeze muri mwebwe imbere y’Imana. 13 Ni co gituma twahojejwe.

Ariko rero hambavu y’uruhoza twaronse, umunezero wa Tito watumye turushiriza kunezerwa cane, kubera ko mwese mwaruhuriye umutima wiwe. 14 Kuko nimba narabiratiye imbere yiwe, sinamaramaye. Mugabo nk’uko ivyo twababwiye vyose ari ukuri, ni ko n’ukwirata kwacu imbere ya Tito kwabonetse ko ari ukuri. 15 Vyongeye, iyo yibutse ukugamburuka kwanyu mwese+, ingene mwamwakiranye ugutinya n’ukujugumira, ikibabarwe abafitiye kirushiriza kugwira. 16 Ndanezerwa n’uko nshobora kubizigira* muri vyose.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika