Ivyahishuriwe Yohani
19 Inyuma y’ivyo, numva ikintu kimeze nk’ijwi rirenga ry’isinzi rinini riri mw’ijuru, rivuga riti: «Shemeza Yehova*+! Ubukiriro, ubuninahazwa n’ububasha ni ivy’Imana yacu, 2 kuko imanza zayo ari iz’ukuri kandi ziragororotse+. Yarashikije urubanza yaciriye wa mumaraya akomeye, umwe yonona isi akoresheje ubusambanyi* bwiwe, kandi yarahoye amaraso y’abashumba bayo uwo mumaraya yavishije*+.» 3 Ubwo nyene iryo sinzi rica rivuga ubugira kabiri riti: «Shemeza Yehova*+! Kuko umwotsi wa wa mumaraya uguma uduga gushika ibihe bidahera+.»
4 Ba bakurambere 24+ na vya binyabuzima bine+ bica birapfukama, maze bisenga Imana yicaye kuri ya ntebe y’ubwami, bivuga biti: «Amen! Shemeza Yehova*+!»
5 Hanyuma ijwi rivuye kuri ya ntebe y’ubwami rivuga riti: «Nimushemeze Imana yacu, mwebwe mwese abashumba bayo+ muyitinya, abato n’abahambaye+.»
6 Maze numva ijwi rimeze nk’iry’isinzi rinini, nk’iry’amazi menshi, nk’iry’imituragaro ikomeye, rivuga riti: «Shemeza Yehova*+, kuko Yehova* Imana yacu Mushoboravyose+ yatanguye kuganza+. 7 Nimuze tunezerwe, duhimbarwe cane! Nimuze tumuninahaze, kuko ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama bwageze, kandi umugore wiwe yiteguye. 8 Egome, yaratewe iteka ryo kwambara impuzu y’ilino* nziza, yakaka kandi isukuye, kuko iyo mpuzu y’ilino nziza igereranya ibikorwa bigororotse vy’aberanda+.»
9 Aca ambwira ati: «Andika uti: hahiriwe abatumiwe ku nzimano* y’ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama+.» Yongerako ati: «Ayo ni amajambo y’Imana, kandi ni ay’ukuri.» 10 Nca ndapfukama* imbere y’ibirenge vyiwe kugira ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: «Uragaba! Ntukore ivyo+! Ndi umushumba mugenzawe gusa n’umushumba mugenzi wa benewanyu bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu+. Nusenge Imana+! Kuko ubuhanuzi bufise intumbero yo gushingira intahe Yezu+.»
11 Hanyuma mbona ijuru ryuguruye, nca mbona n’ifarasi yera+. Uwari ayicayeko yitwa Mwizigirwa+ na Munyakuri+, kandi aca imanza akongera akarwana intambara mu bugororotsi+. 12 Amaso yiwe ni urubeya rw’umuriro+, kandi yambaye ingori nyinshi ku mutwe. Afise izina ryanditswe kuri we ata wundi arizi kiretse we. 13 Yambaye impuzu iriko* amaraso, kandi yitwa Jambo+ w’Imana. 14 Vyongeye, ingabo zo mw’ijuru zariko ziramukurikira ziri ku mafarasi yera, zambaye impuzu z’ilino nziza, zera kandi zisukuye. 15 Mu kanwa kiwe hariko havayo inkota ndende ikarishe+ kugira ayikubite amahanga, kandi azoyaragiza inkoni y’icuma+. Vyongeye, ni we aganira mu ruganiro umuvinyu w’ishavu rikaze ry’Imana Mushoboravyose+. 16 Ku mpuzu yiwe, emwe kw’itako ryiwe, hari izina ryanditswe ngo: Umwami w’abami n’Umukama w’abakama+.
17 Mbona kandi umumarayika ahagaze mu zuba, maze asemerera n’ijwi rirenga abwira inyoni zose ziguruka mu kirere* ati: «Nimuze mukoranire ku nzimano* nyinshi Imana yabateguriye+, 18 kugira murye inyama z’abami, iz’abakuru mu gisirikare*, iz’abantu bakomakomeye+, iz’amafarasi n’abayagenderako+, emwe murye inyama z’abantu bose, iz’abidegemvya n’abashumba, iz’abantu batobato n’abahambaye.»
19 Maze mbona ca gikoko n’abami b’isi n’ingabo zabo bikoraniye hamwe kugira birwanye umwe yicaye kuri ya farasi n’ingabo ziwe+. 20 Ca gikoko gica kirafatwa, hamwe na wa muhanuzi w’ikinyoma+ yahora akorera ibimenyetso imbere yaco kugira azimize abashizweko ikimenyetso c’ico gikoko+ n’abasenga ishusho yaco+. Vyose uko ari bibiri bica bitererwa mu kiyaga caka umuriro n’amazuku*, bikiri bizima+. 21 Ariko abasigaye bose, bicwa na ya nkota ndende iva mu kanwa k’umwe yicaye kuri ya farasi+. Inyoni zose ziraheza zihaga inyama zabo+.