Yeremiya
20 Pashuri mwene Imeri, umuherezi, akaba kandi yari icariho kizigenza mu nzu ya Yehova, yariko arumviriza igihe Yeremiya yavuga ayo majambo y’ubuhanuzi. 2 Pashuri aca akubita umuhanuzi Yeremiya, yongera amushira mu mpatane z’ibiti+ zari kw’irembo ryitwa irembo ryo haruguru rya Benyamini, ryari hafi y’inzu ya Yehova. 3 Mugabo ku musi ukurikira, Pashuri akura Yeremiya muri nya mpatane z’ibiti, maze Yeremiya amubwira ati:
«Yehova ntakikwise Pashuri, mugabo akwise “Iterabwoba irya n’ino+.” 4 Kuko Yehova avuze ati: “Nzotuma uba ikintu gituma wewe n’abagenzi bawe bose mugira ubwoba, kandi bazokwicwa n’inkota y’abansi babo urorera+. Nzotuma umwami wa Babiloni atsinda Ubuyuda bwose, ababayo abajane mu bunyagano i Babiloni, abicishe inkota+. 5 Nzoha abansi babo ibintu vyose vyo muri iki gisagara, ubutunzi bwaco bwose, ibintu vy’agaciro vyaco vyose n’amatunga yose y’abami b’Ubuyuda+. Bazobisahura maze babifate babijane i Babiloni+. 6 Nayo wewe ga Pashuri hamwe n’ababa mu nzu yawe bose, muzojanwa kugirwa imbohe. Uzoja i Babiloni maze upfireyo, kandi ni yo uzohambwa mwe n’abagenzi bawe bose, kuko wababwiye ubuhanuzi bw’ibinyoma+.”»
7 Ewe Yehova, warampenze ndahendeka.
Warandushije inkomezi, uratsinda+.
Basigaye bangira agatwengo bukarinda bwira.
Nabaye akamenyo kuri bose+.
8 Kuko igihe cose mvuze, ntegerezwa gusemerera, nkatangaza nti:
«Hari ubukozi bw’ikibi n’agatikizo!»
Kubera ijambo rya Yehova, barantuka, bakancokora bukarinda bwira+.
Mugabo mu mutima wanje ijambo ryiwe ryabaye nk’umuriro ururumba, wugaraniwe mu magufa yanje.
Naruhishijwe no kuwigumizamwo,
sinashobora kuguma ndawihanganiye+.
Bavuga bati: «Nimuvuge ivyiwe. Nimuze tubivuge.»
Abantu bose banyipfuriza amahoro, baba bareretse ko notemba+.
Bavuga bati: «Hari aho yokwihenda agakora ikosa,
natwe tukamutsinda, tukamwihora.»
11 Mugabo Yehova yari kumwe nanje nk’umurwanyi ateye ubwoba+.
Ni co gituma abampama bazotsitara, kandi ntibazotsinda+.
Bazomaramara bimwe bikomeye kuko batazokwererwa.
Agateterwe kamaho bazogira ntikazokwibagirana+.
12 Mugabo wewe Yehova Nyeningabo, urasuzuma umugororotsi.
13 Nimuririmbire Yehova! Nimushemeze Yehova!
Kuko yarokoye umworo mu maboko y’inkozi z’ikibi.
14 Umusi navukiyeko urakavumwa!
Umusi mawe yamvyariyeko ntugahezagirwe+!
15 Arakavumwa umuntu yazaniye inkuru nziza dawe, akamubwira ati:
«Uvyaye umwana w’umuhungu!»,
bigatuma anezerwa cane.
16 Uwo muntu arakamera nk’ibisagara Yehova yatembagaje ntiyicuze.
Aze yumve amaborogo mu gitondo n’akaruru k’intambara sasita.