35 Elihu abandanya kwishura ati:
2 «Aho urabona neza ko uri mu kuri ku buryo uvuga ngo:
“Ndagororotse kurusha Imana+”?
3 Kuko uvuga ngo: “Bimaze iki?
Hari ico nungutse ngo ni uko ntacumuye+?”
4 Reka ndakwishure
mwe na bagenzawe+ muri kumwe.
5 Rangamiza hejuru urabe,
witegereze ibicu+ biri hejuru yawe.
6 Mbega iyo ucumuye, uyigira iki+?
Ivyaha vyawe vyongerekanye, biyitwara iki+?
7 Nimba uri umugororotsi, biyimarira iki?
Mbega hari ico biyungura+?
8 Ububisha bwawe bugirira nabi umuntu nkawe gusa,
n’ubugororotsi bwawe bwungura umwana w’umuntu gusa.
9 Abantu baguma batabaza kubera agahahazo gakomeye.
Baguma batabaza ngo bakurweko agacinyizo k’abahambaye+.
10 Ariko nta n’umwe abaza ati: “Imana iri hehe, Umuremyi wanje ahambaye+,
umwe atuma abantu bahibongoza uturirimbo mw’ijoro+?”
11 Ni yo itwigisha+ kuruta ibikoko vyo kw’isi+,
ikaducisha ubwenge kuruta inyoni zo mu kirere.
12 Abantu baguma batabaza, ariko ntiyishura+,
kubera ubwishime bw’ababisha+.
13 Erega Imana ntiyumva abantu bikomesha amaruru+.
Mushoboravyose ntabitaho na gatoyi.
14 Hari akantu wewe uguma widoga ngo ntuyibona+!
Urubanza rwawe ruri imbere yayo, nuyirindire ubishashaye rero+.
15 Kuko itagushavuriye ngo ikubaze ivyo wakoze,
canke ngo ishire umutima ku majambo yawe yo guhuruduka+.
16 Yobu avuga ibintu bitagira akamaro.
Avuga amajambo menshi ku bintu atazi+.»