33 Yemwe bagororotsi, nimunezerwe kubera Yehova+.
Birabereye ko abagororotsi bamuhayagiza.
2 Nimukengurukire Yehova mukoresheje inanga,
mumuririmbire amashemezo n’igicurarangisho c’imirya cumi.
3 Nimumuririmbire indirimbo nshasha+,
mumucurarangire neza mwiha akaruru k’umunezero.
4 Kuko ijambo rya Yehova rigororotse+,
kandi ivyo akora vyose ni ivyo kwizigirwa.
5 Akunda ubugororotsi n’ubutungane+.
Isi yose yuzuye urukundo rwa Yehova+.
6 Ijambo rya Yehova ni ryo ryaremye ijuru+,
impwemu yiwe ni yo yaremye ibiri muri ryo vyose.
7 Atangira amazi yo mu biyaga nk’urugomero+,
agashira mu bigega amazi asuriranya.
8 Isi yose nitinye Yehova+.
Ababa kw’isi bose nibamwubahe.
9 Kuko yavuze maze ibintu vyose bikabaho+.
Yaratanze itegeko na vyo birakomera+.
10 Yehova yahinduye ubusa amayeri y’amahanga+,
asambura imigambi y’imigwi y’abantu+.
11 Ariko ingingo Yehova yashinze zizokwamaho+.
Ivyiyumviro vyiwe bizogumaho uko urunganwe ruzokurikira urundi.
12 Hahiriwe ihanga Imana yaryo ari Yehova+,
abantu yitoreye ngo bamwegukire+.
13 Yehova aritegereza ari mw’ijuru,
akabona abana b’abantu bose+.
14 Yitegereza ababa kw’isi
ari ahantu yibera.
15 Ni we abumbabumba imitima y’abantu bose,
agasuzuma ibikorwa vyabo vyose+.
16 Ingabo nyinshi si zo zirokora umwami+,
kandi umunyenkomezi ntakizwa n’inguvu ziwe nyinshi+.
17 Uwizigiye gukizwa n’ifarasi aba yihenze+.
Inguvu zayo nyinshi si zo zituma umuntu arokoka.
18 Ehe! Ijisho rya Yehova riri ku bamutinya+,
barya barindiriye urukundo rwiwe
19 kugira abakize urupfu
no kugira abazigame mu gihe c’inzara+.
20 Yehova ni we twiteze.
Ni we mutabazi wacu n’inkinzo yacu+.
21 Imitima yacu iranezerewe kubera we,
kuko twizigiye izina ryiwe ryeranda+.
22 Ewe Yehova, ese urukundo rwawe rwoguma kuri twebwe+,
mu gihe tuguma tukurindiriye+!