13 Umwana w’ubwenge aremera ko se amutoza indero+,
ariko umwana w’ikigaba ntiyemera gukosorwa+.
2 Amajambo ava mu kanwa k’umuntu atuma yironkera ivyiza+,
ariko umuhemu nta kindi yipfuza atari ugukora ikibi.
3 Uwucungera ivyo avuga aba akingiye ubuzima bwiwe+,
ariko uwuvuga menshi yikwegera ivyago+.
4 Ikinebwe kiripfuza ibintu mugabo nta na kimwe kironka+,
ariko umunyamwete azoronka ivyo yipfuza vyose+.
5 Umugororotsi aranka ibinyoma+,
ariko ibikorwa vy’umubisha bizana ibimaramare n’agateterwe.
6 Ubugororotsi bukingira umuntu w’intungane+,
ariko ububisha butembagaza umucumuzi.
7 Hari uwigira umutunzi kandi ata kintu afise+,
hakaba n’uwigira umukene kandi atunze ibintu vyinshi.
8 Ubutunzi bw’umuntu buracungura ubuzima bwiwe+,
ariko abakene nta n’uwubakomakoma+.
9 Umuco w’abagororotsi urabonesha cane+,
ariko itara ry’ababisha rizozima+.
10 Ukwita imbere kuzana ibihari gusa+,
ariko abarondera impanuro baba bafise ubukerebutsi+.
11 Itunga rije bukwi na bukwi rizokamangana+,
ariko itunga ry’uwuza aregeranya dukeduke rizogwira.
12 Iyo umuntu yiteze ibintu bigateba aravunika umutima+,
ariko iyo icipfuzo kirangutse kimera nk’igiti c’ubuzima+.
13 Uwusuzugura itegeko azohanwa+,
ariko uwubahiriza amabwirizwa azoronka impera+.
14 Inyigisho y’umunyabwenge ni isoko ry’ubuzima+,
kugira umuntu ntagwe mu mitego y’urupfu.
15 Ugutahura kwimbitse gutuma umuntu ashimwa,
ariko inzira y’ibihemu irimwo ingorane nyinshi.
16 Umunyabwenge akorana ubumenyi+,
ariko ikijuju gishira ahabona ubujuju bwaco+.
17 Intumwa mbi igwa mu ngorane+,
ariko intumwa yizigirwa irakiza+.
18 Uwanka gutozwa indero yikwegera ubukene n’ibimaramare,
ariko uwemera gukosorwa azoninahazwa+.
19 Umuntu araryoherwa iyo icipfuzo ciwe kirangutse+,
ariko ibijuju ntibivirira ikibi+.
20 Uwugendana n’abanyabwenge azoba umunyabwenge+,
ariko uwifatanya n’ibijuju azokwibonerako+.
21 Ivyago biguma bikurikirana abacumuzi+,
ariko abagororotsi bironkera ivyiza vyinshi+.
22 Umuntu mwiza asigira intoranwa abuzukuru biwe,
ariko ubutunzi bw’umucumuzi buzobikirwa umugororotsi+.
23 Umurima w’umukene urimbuka cane,
ariko barashobora kuwumutwara ku karenganyo.
24 Uwurinda inkoni umwana wiwe aba amwanka+,
ariko uwumukunda aritwararika kumukosora+.
25 Umugororotsi ararya agahaga+,
ariko inda y’umubisha iguma igaragara+.