Mika
6 Ndabinginze mwumve ivyo Yehova avuga.
Haguruka ushikirize imburano zawe imbere y’imisozi,
imirambi yumve ijwi ryawe+.
2 Nimwumve, mwa misozi, imburano za Yehova,
namwe mishinge ikomeye y’isi+,
kuko Yehova afitaniye imburano n’abantu biwe.
Aburana na Isirayeli+ ati:
3 «Bantu banje, mbega nabakoreye iki?
Nabaruhishije gute+?
Nimunyagirize.
4 Kuko nabakuye mu gihugu ca Misiri+
aho mwari abashumba*, ndabacungura+.
Narungitse Musa, Aroni na Miriyamu+ ngo babaje imbere.
5 Bantu banje, ndabinginze mwibuke ivyiyumviro Balaki umwami wa Mowabu yashikirije+,
n’ivyo Balamu mwene Beyori yamwishuye+.
Mwibuke ivyabaye kuva i Shitimu+ gushika i Gilugali+,
kugira ngo mumenye ibintu bigororotse Yehova yakoze.»
6 Mbega nzorengukana iki imbere ya Yehova?
Nzokwibangikanya iki ngiye kwunama imbere y’Imana yo mw’ijuru?
Noba nzorengukana imbere yiwe amashikanwa aturirwa uko yakabaye,
nkarengukana inyana zimaze umwaka+?
Mbega nzotanga umuhungu wanje w’imfura ngo mbabarirwe ubugarariji bwanje,
ntange ubura bwanje kugira mparirwe igicumuro canje+?
8 Ewe muntu, yarakubwiye iciza ico ari co.
None hari ikindi Yehova agusaba*?
9 Ijwi rya Yehova rirasemerera ribwira igisagara.
Abafise ubukerebutsi nyabwo bazotinya izina ryawe.
Nimushire umutima ku gihano* no kuri nyene kugitanga+.
10 Mbega mu nzu y’umubisha haracariyo amatunga y’ububisha,
n’ingero ya efa* idakwiye, imwe Imana yanka?
12 Kuko abatunzi baho buzuye ubukozi bw’ikibi,
abahaba na bo bakavuga ibinyoma+.
Ururimi rw’akanwa kabo rurabesha+.
Ivyo uzoshira ku ruhande, ntuzoshobora kubitwara ngo ubizigame,
n’ivyo uzoba washoboye gutwara, nzobiha umwansi*.
15 Uzobiba imbuto mugabo ntuzokwimbura.