Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: ikwiye kuba iregereye kw’ijwi ryo hasi*. Ni zaburi ya Dawidi.
12 Ewe Yehova, nunkize kuko intahemuka zaherengeteye.
Abantu b’abizigirwa bahonye.
3 Yehova azoca iminwa y’abantu bose basigana inkore ku maso,
hamwe n’ururimi rw’abantu bose biyemera+,
4 barya birata ngo: «Ururimi rwacu ruzotuma dutsinda.
Turashobora kuvuga ivyo dushatse vyose.
Ni nde yoshobora kutuganza+?»
5 «Kubera yuko abagorwa bariko baracinyizwa,
kubera yuko abakene bariko baraboroga+,
ngira mpaguruke», ni ko Yehova avuze,
«ngira ndabatabare abariko barabahahaza.»