ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 18
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Umwe wese azobazwa ibicumuro vyiwe (1-32)

        • Umuntu acumura ni we azopfa (4)

        • Umwana ntazobazwa ikosa rya se (19, 20)

        • Imana ntihimbarwa n’uko umubisha apfa (23)

        • Kwigaya bituma umuntu abaho (27, 28)

Ezekiyeli 18:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 31:29, 30

Ezekiyeli 18:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo ni «nefeshi.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/1997, rup. 27

Ezekiyeli 18:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 12:2; Yr 3:6
  • +Lw 20:10
  • +Lw 18:19; 20:18

Ezekiyeli 18:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 14:21
  • +Gus 24:12, 13
  • +Lw 6:2, 4
  • +Gus 15:11
  • +Yes 58:6, 7; Yak 2:15, 16

Ezekiyeli 18:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 22:25; Zb 15:5; Lk 6:34, 35
  • +Lw 19:35
  • +Lw 19:15; 25:14; Gus 1:16

Ezekiyeli 18:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 18:5

Ezekiyeli 18:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «uwusesa amaraso.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 19:13
  • +It 9:6; Kv 21:12

Ezekiyeli 18:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 15:7, 8
  • +Lw 26:30
  • +2Bm 21:11

Ezekiyeli 18:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 22:12

Ezekiyeli 18:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 16:20; Rm 10:5

Ezekiyeli 18:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 24:16; Yr 31:30; Ezk 18:4
  • +Yes 3:10, 11; Gl 6:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2010, rup. 28-29

    1/10/1997, rup. 27

Ezekiyeli 18:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 55:7; Ezk 3:21; 33:12, 19; Ivk 3:19

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2012, rup. 18

Ezekiyeli 18:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «kizokwibukwa ngo agihanirwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 33:12, 13; Zb 25:7; Yes 43:25
  • +Ezk 33:16

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2012, rup. 18

Ezekiyeli 18:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Int 3:33; Ezk 33:11; 1Tm 2:3, 4; 2Pt 3:9
  • +Mik 7:18

Ezekiyeli 18:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ibitagororotse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 33:12, 18; Heb 10:38; 2Yh 8
  • +Img 21:16; Ezk 3:20

Ezekiyeli 18:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yb 35:2; Img 19:3; Ezk 33:17, 20
  • +Gus 32:4
  • +Yes 55:9; Yr 2:17

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2010, rup. 3-4

Ezekiyeli 18:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 55:7; 1Tm 4:16

Ezekiyeli 18:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 18:25; Zb 145:17; Yes 40:14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2013, rup. 11-12

Ezekiyeli 18:30

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yb 34:11; Rm 2:6

Ezekiyeli 18:31

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mwironse umutima mushasha n’impwemu nshasha.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 34:14; Yes 1:16
  • +Zb 51:10; Yr 32:39; Ezk 11:19; Ef 4:23, 24
  • +Gus 30:15; Img 8:36; Ivk 13:46

Ezekiyeli 18:32

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 29:11; Int 3:33; Ezk 33:11; Lk 15:10; 2Pt 3:9
  • +Gus 30:16

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 18:2Yr 31:29, 30
Ezk. 18:6Gus 12:2; Yr 3:6
Ezk. 18:6Lw 20:10
Ezk. 18:6Lw 18:19; 20:18
Ezk. 18:7Img 14:21
Ezk. 18:7Gus 24:12, 13
Ezk. 18:7Lw 6:2, 4
Ezk. 18:7Gus 15:11
Ezk. 18:7Yes 58:6, 7; Yak 2:15, 16
Ezk. 18:8Kv 22:25; Zb 15:5; Lk 6:34, 35
Ezk. 18:8Lw 19:35
Ezk. 18:8Lw 19:15; 25:14; Gus 1:16
Ezk. 18:9Lw 18:5
Ezk. 18:10Lw 19:13
Ezk. 18:10It 9:6; Kv 21:12
Ezk. 18:12Gus 15:7, 8
Ezk. 18:12Lw 26:30
Ezk. 18:122Bm 21:11
Ezk. 18:13Ezk 22:12
Ezk. 18:19Gus 16:20; Rm 10:5
Ezk. 18:20Gus 24:16; Yr 31:30; Ezk 18:4
Ezk. 18:20Yes 3:10, 11; Gl 6:7
Ezk. 18:21Yes 55:7; Ezk 3:21; 33:12, 19; Ivk 3:19
Ezk. 18:222Ng 33:12, 13; Zb 25:7; Yes 43:25
Ezk. 18:22Ezk 33:16
Ezk. 18:23Int 3:33; Ezk 33:11; 1Tm 2:3, 4; 2Pt 3:9
Ezk. 18:23Mik 7:18
Ezk. 18:24Ezk 33:12, 18; Heb 10:38; 2Yh 8
Ezk. 18:24Img 21:16; Ezk 3:20
Ezk. 18:25Yb 35:2; Img 19:3; Ezk 33:17, 20
Ezk. 18:25Gus 32:4
Ezk. 18:25Yes 55:9; Yr 2:17
Ezk. 18:27Yes 55:7; 1Tm 4:16
Ezk. 18:29It 18:25; Zb 145:17; Yes 40:14
Ezk. 18:30Yb 34:11; Rm 2:6
Ezk. 18:31Zb 34:14; Yes 1:16
Ezk. 18:31Zb 51:10; Yr 32:39; Ezk 11:19; Ef 4:23, 24
Ezk. 18:31Gus 30:15; Img 8:36; Ivk 13:46
Ezk. 18:32Yr 29:11; Int 3:33; Ezk 33:11; Lk 15:10; 2Pt 3:9
Ezk. 18:32Gus 30:16
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 18:1-32

Ezekiyeli

18 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mbega uyu mugani muca muri Isirayeli usobanura iki? Muvuga ngo: “Ba sebibondo barariye inzabibu zidahiye, mugabo amenyo y’abana aba ari yo ajiginyurwa+.”

3 “Ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “ntimuzobandanya guca uwo mugani muri Isirayeli. 4 Raba! Abantu bose ni abanje. Sebibondo n’umwana, bose ni abanje. Umuntu* acumura ni we azopfa.

5 Dufate ko umuntu ari umugororotsi, akaba akora ibigororotse n’ibibereye. 6 Ntarira ku misozi ibimazi vyashikaniwe ibigirwamana+. Ntahanga amaso ibigirwamana bisesemye* vy’Abisirayeli. Ntahumanya umugore wa mugenziwe+ canke ngo aryamane n’umugore ari mu butinyanka+. 7 Nta muntu afata nabi+, ahubwo asubiza uwumufitiye ideni ingwati yatanze+. Nta we yiba+, ahubwo agaburira uwushonje+, akambika agahuzu uwuri gusa+. 8 Iyo aguranye ntasaba inyungu canke ngo arondere kwunguka ivy’umurengera+, ahubwo yirinda kurenganya+. Aratunganiriza neza umuntu n’uwundi+. 9 Aguma akurikiza ivyagezwe vyanje, akubahiriza ingingo nashinze kugira agume ari umwizigirwa mu vyo akora. Umuntu nk’uyo ni umugororotsi kandi vy’ukuri azobandanya kubaho+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

10 “Ariko dufate ko avyaye umwana, akaba umusuma+ canke umwicanyi*+, canke akagira ikindi akora muri ibi bintu 11 (mugabo se ata na kimwe yakoze muri ivyo): uwo mwana arira ku misozi ibimazi vyashikaniwe ibigirwamana, agahumanya umugore wa mugenziwe, 12 agafata nabi umugorwa n’umworo+, akiba, ntasubize icatanzwe nk’ingwati, agahanga amaso ibigirwamana bisesemye+, agakora ibintu bishisha+, 13 akarondera kwunguka ivy’umurengera kandi agasaba inyungu uwo aguranye+. Uwo mwana ntazoheza ngo abandanye kubaho. Azokwicwa ata kabuza kubera ivyo bintu vyose bishisha yakoze. Amaraso yiwe azoja ku gatwe kiwe.

14 Ariko dufate ko sebibondo afise umwana abona ibicumuro vyose se akora, mugabo naho abibona ntabikore. 15 Ntarira ku misozi ibimazi vyashikaniwe ibigirwamana. Ntahanga amaso ibigirwamana bisesemye vy’Abisirayeli. Ntahumanya umugore wa mugenziwe. 16 Nta muntu afata nabi. Ingwati yahawe ntayigumana. Ntiyiba. Agaburira uwushonje, akambika agahuzu uwuri gusa. 17 Ntacinyiza umworo. Ntarondera kwunguka ivy’umurengera canke ngo asabe inyungu uwo aguranye. Arubahiriza ingingo nashinze, agakurikiza ivyagezwe vyanje. Umuntu nk’uyo ntazopfa kubera ikosa rya se. Vy’ukuri azobandanya kubaho. 18 Mugabo se azopfa azize ikosa ryiwe kubera ko yakoze ivy’uruyeri, yiba mwenewabo, akora n’ikibi mu bantu b’iwabo.

19 Mugabo muzovuga muti: ‘Kubera iki umwana atabazwa ikosa rya se?’ Uwo mwana vy’ukuri azobandanya kubaho kubera ko yakoze ibigororotse n’ibibereye, agakurikiza ivyagezwe vyanje vyose, akavyubahiriza+. 20 Umuntu acumura ni we azopfa+. Umwana ntazobazwa ikosa rya se, na sebibondo ntazobazwa ikosa ry’umwana wiwe. Ubugororotsi bw’umugororotsi ni we wenyene buzoharurwako, n’ububisha bw’umubisha ni we wenyene buzoharurwako+.

21 Nayo umubisha niyaheba ibicumuro vyose akora, akubahiriza ivyagezwe vyanje, agakora ibigororotse n’ibibereye, vy’ukuri azobandanya kubaho. Ntazopfa+. 22 Nta gicumuro na kimwe yakoze kizomwagira*+. Azobandanya kubaho kubera akora ibigororotse+.”

23 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Mbega mugira ngo ndahimbarwa na gato n’uko umubisha apfa+? Mugira sinshima ko yoheba ingeso ziwe akabandanya kubaho+?”

24 “Ariko umugororotsi niyaheba gukora ibigororotse agakora ibibi*, agakora ibintu vyose bishisha ababisha bakora, ugira ngo azobaho? Mu bikorwa vyose vy’ubugororotsi yakoze, nta na kimwe kizokwibukwa+. Azopfa kubera ubuhemu bwiwe no kubera igicumuro yakoze+.

25 Mugabo muzovuga ngo: ‘Inzira ya Yehova ntigororotse+.’ Enda nimwumve yemwe Bisirayeli! Mbega inzira yanje ni yo itagororotse+? Canke inzira zanyu ni zo zitagororotse+?

26 Umugororotsi niyaheba gukora ibigororotse, agakora ibibi bigatuma apfa, azoba apfuye kubera ibibi yakoze.

27 Umubisha niyaheba ibintu vy’ububisha akora, agatangura gukora ibigororotse n’ibibereye, azokiza ubuzima bwiwe+. 28 Niyabona ibicumuro vyose yakoze maze akabiheba, vy’ukuri azobandanya kubaho. Ntazopfa.

29 Mugabo Abisirayeli bazovuga ngo: ‘Inzira ya Yehova ntigororotse.’ Mbega vy’ukuri inzira zanje ni zo zitagororotse ga yemwe Bisirayeli+? Canke inzira zanyu ni zo zitagororotse?”

30 “Ku bw’ivyo rero yemwe Bisirayeli, umwe wese muri mwebwe nzomucira urubanza nisunze ivyo akora+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Nimuhebe, ni ukuri nimuhebe rwose ibicumuro vyose mukora, kugira ntibibabere igitsitaza gituma mwagirwa n’icaha. 31 Nimute kure ibicumuro vyose mukora+, muhindure umutima wanyu n’ukuntu mwiyumvira*+. Ni kuki none mwokwirirwa murapfa+ ga yemwe Bisirayeli?”

32 “Simpimbarwa na gato n’uko hagira umuntu apfa+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Nimwigarure rero mubone kubaho+.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika