ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 36
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yesaya: ibirimwo

      • Senakeribu atera Ubuyuda (1-3)

      • Rabushake acokora Yehova (4-22)

Yesaya 36:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 10:5
  • +2Bm 18:13; 2Ng 32:1; Yes 8:7, 8; 10:28-32; 33:8

Yesaya 36:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umukuru w’abahereza ibinyobwa umwami.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 32:9
  • +2Bm 19:8
  • +Yes 7:3
  • +2Bm 18:17, 18

Yesaya 36:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ivyo mu rugo rw’umwami.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 22:20, 21
  • +2Bm 19:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2007, rup. 8-9

Yesaya 36:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 18:19-25; 19:10

Yesaya 36:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 18:1, 7

Yesaya 36:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 17:4; Yes 30:2, 7; Yr 37:7

Yesaya 36:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza vyayo bitaramutse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 18:1, 4; 2Ng 31:1
  • +Gus 12:11; 2Ng 7:12; 32:12

Yesaya 36:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «upinge», «uhige.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 18:13

Yesaya 36:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu gisiriya.»

  • *

    Ni ukuvuga igiheburayo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 22:15
  • +2Bm 18:17
  • +Ezr 4:7; Dn 2:4
  • +2Bm 18:26, 27

Yesaya 36:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 32:18
  • +2Bm 18:28-35

Yesaya 36:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 32:11, 15; Dn 3:15

Yesaya 36:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 19:22

Yesaya 36:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 17:6, 22, 23

Yesaya 36:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 19:11, 12; 2Ng 32:14; Yes 37:11, 12

Yesaya 36:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 49:23
  • +2Bm 17:24
  • +2Bm 17:6, 22, 23; Yes 10:11

Yesaya 36:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 19:17, 18; 2Ng 32:15; Yes 37:23

Yesaya 36:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 18:36, 37; Img 9:7

Yesaya 36:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ivyo mu rugo rw’umwami.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 22:15

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yes. 36:1Yes 10:5
Yes. 36:12Bm 18:13; 2Ng 32:1; Yes 8:7, 8; 10:28-32; 33:8
Yes. 36:22Ng 32:9
Yes. 36:22Bm 19:8
Yes. 36:2Yes 7:3
Yes. 36:22Bm 18:17, 18
Yes. 36:3Yes 22:20, 21
Yes. 36:32Bm 19:2
Yes. 36:42Bm 18:19-25; 19:10
Yes. 36:52Bm 18:1, 7
Yes. 36:62Bm 17:4; Yes 30:2, 7; Yr 37:7
Yes. 36:72Bm 18:1, 4; 2Ng 31:1
Yes. 36:7Gus 12:11; 2Ng 7:12; 32:12
Yes. 36:82Bm 18:13
Yes. 36:11Yes 22:15
Yes. 36:112Bm 18:17
Yes. 36:11Ezr 4:7; Dn 2:4
Yes. 36:112Bm 18:26, 27
Yes. 36:132Ng 32:18
Yes. 36:132Bm 18:28-35
Yes. 36:142Ng 32:11, 15; Dn 3:15
Yes. 36:152Bm 19:22
Yes. 36:172Bm 17:6, 22, 23
Yes. 36:182Bm 19:11, 12; 2Ng 32:14; Yes 37:11, 12
Yes. 36:19Yr 49:23
Yes. 36:192Bm 17:24
Yes. 36:192Bm 17:6, 22, 23; Yes 10:11
Yes. 36:202Bm 19:17, 18; 2Ng 32:15; Yes 37:23
Yes. 36:212Bm 18:36, 37; Img 9:7
Yes. 36:22Yes 22:15
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yesaya 36:1-22

Yesaya

36 Mu mwaka ugira 14 umwami Hezekiya aganza, Senakeribu umwami wa Ashuri+ aja gutera ibisagara vyose vy’Ubuyuda bikingijwe ibihome, arabifata+. 2 Maze umwami wa Ashuri arungika Rabushake*+ i Yeruzalemu kuraba umwami Hezekiya ari kumwe n’ingabo nyinshi. Bava i Lakishi+ baragenda, bahagarara iruhande y’umugende w’ikidengeri co haruguru+ uri iruhande y’ibarabara rikuru rija kw’itongo ry’umumesuzi+. 3 Eliyakimu+ mwene Hilikiya yari ajejwe ivyo ku kirimba*, n’umunyamabanga Shebuna+ na Yowa mwene Asafu, umwanditsi w’ivyaja biraba, baca baja iyo ari.

4 Rabushake ababwira rero ati: «Ndabasavye mubwire Hezekiya muti: “Umwami ahambaye, umwami wa Ashuri, avuze ati: ‘Ivyizigiro vyawe bishingiye ku ki+? 5 Uvuga uti: “Ndafise ubuhinga bwo kurwana n’ingabo zishoboye urugamba.” Ako ni akarimi gusa. Wizigiye nde, aho wubahuka kungarariza+? 6 Wizigiye Misiri kandi ari irenga rijanjaguritse? Umuntu aryishimikije rica rimutobora ikiganza. Ukwo ni ko Farawo umwami wa Misiri amerera abamwizigira bose+. 7 Mumbwiye na ho ko mwizigiye Imana yanyu Yehova, kwoba ari ukwihenda. Mbega Hezekiya si we yakuyeho ibibanza vyo kuyisengeramwo* n’ibicaniro vyayo+, agaca abwira abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu ati: “Muzoze murunamira Imana imbere y’iki gicaniro+”?’” 8 Nimba uri umugabo Hezekiya, ndagusavye wemeranye iki kintu* na databuja umwami wa Ashuri+: reka nguhe amafarasi 2.000 turabe ko uronka abasoda bakwiye boyagenderako. 9 Ahantu wizigira imikogote yo mu Misiri n’abasoda baho bagendera ku mafarasi, wumva woshobora gute gutsinda? Na buramatari umwe gusa wo hasi mu basuku ba databuja ntiwomutsinda. 10 Ugira ngo naduze gutera iki gihugu ngo ndagitikize ata ruhusha ruvuye kuri Yehova mfise? Yehova ubwiwe yambwiye ati: “Duga utere ico gihugu, ugitikize.”»

11 Eliyakimu na Shebuna+ na Yowa baca babwira Rabushake+ bati: «Turagusavye databuja, uvugane natwe mu giharameya*+, turacumva. Reka kutubwira mu kiyuda* imbere y’aba bantu bahagaze ku ruzitiro+.» 12 Mugabo Rabushake yishura ati: «Mbega mwibaza ko databuja yantumye kubwira aya majambo mwe na shobuja gusa? Erega yantumye kubibwira n’abo bagabo bahagaze ku ruzitiro, bazohava barya umwanda wabo mukuru, bakanywa n’umwanda wabo mutoyi cokimwe namwe.»

13 Rabushake aca asemerera mu kiyuda+ ati: «Nimwumve ivyo umwami ahambaye avuze, umwami wa Ashuri+. 14 Umwami avuze ati: “Hezekiya ntabahende, kuko adashobora kubakiza+. 15 Kandi Hezekiya ntabahende ngo mwizigire Yehova+, ababwira ngo: ‘Yehova ntazobura kudukiza, kandi umwami wa Ashuri ntazogenda afashe iki gisagara.’ 16 Ntimwumvirize Hezekiya. Umwami wa Ashuri avuze ati: ‘Nimwemere mwishikane tubane amahoro. Umwe wese muri mwebwe azoheza arye ku muzabibu wiwe no ku giti ciwe c’umusukoni, anywe n’amazi yo mw’itangi ryiwe, 17 gushika nje nkabatwara mu gihugu kimeze nk’igihugu canyu+. Ni igihugu cuzuyemwo intete n’umuvinyu mushasha, imikate n’imirima y’imizabibu. 18 Ntimwemere ko Hezekiya abahenda ngo: “Yehova azodukiza.” Mbega mu mana zose z’amahanga, hari n’imwe yashoboye gukingira igihugu cayo ngo ntigifatwe n’umwami wa Ashuri+? 19 Imana z’i Hamati n’i Arupadi+ ziri hehe? Iz’i Sefaruvayimu+ ziri hehe? Zoba zarakingiye Samariya sindahafate+? 20 Mu mana zose z’ayo mahanga, ni iyihe yakingiye igihugu cayo ngo sindagifate? None Yehova wewe, mwibaza ko azokingira Yeruzalemu ngo sindahafate+?’”»

21 Mugabo ntihagira n’uwukurako umunwa ngo agire ico amwishuye, kuko umwami yari yabategetse ati: «Ntihagire ico mumwishura+.» 22 Maze Eliyakimu mwene Hilikiya yari ajejwe ivyo ku kirimba*, n’umunyamabanga Shebuna+ na Yowa mwene Asafu, umwanditsi w’ivyaja biraba, baja kuraba Hezekiya bitaburiyeko impuzu, bamwiganira ivyo Rabushake yavuze.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika