Yesaya
39 Ico gihe umwami wa Babiloni Merodaki-Baladani mwene Baladani arungikira Hezekiya amakete n’ingabire+, kuko yari yumvise ko yarwaye kandi ko yakize+. 2 Nuko Hezekiya yakirana umunezero* abantu uwo mwami yatumye, maze abereka ububiko bw’itunga ryiwe+: uri ifeza, inzahabu, amavuta amota neza* n’ayandi mavuta y’agaciro, ibirwanisho vyiwe vyose n’ibindi bintu vyose yari atunze. Nta na kimwe Hezekiya ataberetse mu nzu* yiwe no mu bwami bwiwe bwose.
3 Inyuma y’ivyo, umuhanuzi Yesaya aja kuraba umwami Hezekiya, amubaza ati: «Abo bantu bavuze iki? Mbe hoho baje bava he?» Hezekiya yishura ati: «Baje bavuye mu gihugu ca kure, i Babiloni+.» 4 Yesaya aca amubaza ati: «Ni ibiki babonye mu nzu* yawe?» Hezekiya yishura ati: «Babonye ibintu vyose biri mu nzu* yanje. Nta na kimwe ntaberetse mu vyo ntunze.»
5 Nuko Yesaya abwira Hezekiya ati: «Niwumve ivyo Yehova Nyeningabo avuze: 6 “Mu misi iri imbere, ibiri mu nzu* yawe vyose n’ibintu vyose ba sogokuruza bawe barundanije gushika n’uyu musi, bizotwarwa i Babiloni. Nta na kimwe kizosigara+. Ni jewe Yehova ndabivuze+. 7 Kandi bamwe mu bahungu uzovyara, bazotwarwa babe abakozi bo ku kirimba c’umwami wa Babiloni+.”»
8 Hezekiya yishura Yesaya ati: «Ijambo rya Yehova umbwiye ni ryiza.» Yongerako ati: «Kuko hazoba hari amahoro n’umutekano* igihe nzoba nkiriho*+.»