Yesaya
22 Ng’ubu ubutumwa bwerekeye umubande w’ukwerekwa*+:
Ni amaki ko abantu bawe bose baduze hejuru ku nzu*?
2 Wari igisagara cuzuye uruyogoyogo,
gisebagirika, kandi cigina.
Abantu bawe bishwe, ntibicishijwe inkota
canke ngo bagwe ku rugamba+.
3 Abatwaza igikenye iwawe bose bahungiye icarimwe+.
Bagizwe imbohe ata muheto wiriwe urakenerwa.
Ababonetse bose bagizwe imbohe+
naho bari bahungiye kure.
5 Kuko ari umusi w’uruhagarara, wo gutsindwa no guta umutwe+,
umusi uvuye ku Mukama Segaba Yehova Nyeningabo,
mu mubande w’ukwerekwa.
Uruzitiro rwasituwe+,
kandi hari akaruru kerekeza ku musozi.
7 Ibiyaya vyawe vyiza kuruta ibindi
bizokwuzura imikogote y’intambara.
Amafarasi* azotonda kw’irembo,
8 igikingira Ubuyuda na co gikurweho.
Kuri uwo musi muzohanga amaso ububiko bw’ibirwanisho buri muri ya nyubakwa yitwa inzu y’ikibira+, 9 musange uruzitiro rw’igisagara ca Dawidi rwaramenywe+ ahantu henshi. Kandi muzokwegeranya amazi y’ikidengeri+ c’epfo. 10 Muzosuzuma* amazu y’i Yeruzalemu, maze musiturire hasi amwamwe kugira ngo mukomeze uruzitiro. 11 Muzokwimba hagati ya za mpome zibiri ikinogo kijamwo amazi y’ikidengeri ca kera. Ariko ntimuzohanga amaso Imana ihambaye yabikoze, kandi ntimuzoshira umutima ku wabiteguye kuva kera.
12 Kuri uwo musi Umukama Segaba Yehova Nyeningabo
azobwira abantu barire, bagandare+,
bamwe imishatsi yabo, bambare n’amagunira.
Muvuga ngo: “Turye, tunywe kuko ejo tuzopfa+.”»
14 Maze numva ijwi rya Yehova Nyeningabo rigira riti: «“Ntimuzobabarirwa iryo kosa* gushika mupfuye+”, ni ko Umukama Segaba Yehova Nyeningabo avuze.»
15 Umukama Segaba Yehova Nyeningabo avuze ati: «Genda kwa Shebuna+ umukuru* ahagarikiye inzu y’umwami*, umubwire uti: 16 “Urondera iki ng’aha? Uhafise nde ko uhimba imva yawe?” Shebuna ariko yiyimbira imva ahantu hataramutse, akitegurira ikibanza co kuruhukiramwo* mu rutare. 17 Umubwire kandi uti: “Raba wa mugabo we! Yehova agira agute hasi n’ishavu ryinshi, ace agucakira. 18 Menya yuko azokuzinga akudadire, aguterere mu gihugu cagutse nka kurya kw’umupira. Aho ni ho uzopfira kandi ni ho imikogote yawe myiza cane izoba iri. Bizoba ari agaterasoni ku rugo rwa shobuja. 19 Nzokwaka ubukuru wari ufise, ndagukure mu mabanga wari ujejwe.
20 Kuri uwo musi nzotumako umusavyi wanje Eliyakimu+ mwene Hilikiya. 21 Nzomwambika ikanzu yawe, ndamukenyeze neza umukanda wawe umufate+, ndamuhe n’ubukuru* bwawe. Azobera se ababa i Yeruzalemu n’abo mu Buyuda. 22 Nzoshira urupfunguruzo rw’inzu ya Dawidi+ ku rutugu rwiwe. Niyugurura nta wuzokwugara, niyugara na ho nta wuzokwugurura. 23 Nzomutsindagira nk’urumambo ahantu hakomeye, kandi azoba nk’intebe y’icubahiro ku muryango wa se. 24 Bazomumanikako icubahiro* cose c’umuryango wa se, abamukomokako n’abana*, ivyombo vyose bitobito, ivyombo bimeze nk’amabakure hamwe n’imibindi yose minini.
25 Kuri uwo musi”, ni ko jewe Yehova Nyeningabo mvuze, “urumambo rutsindagiye ahantu hakomeye ruzokurwaho+, rutemwe rugwe. Ibintu rwari rushigikiye bizokoroka bimenagurike, kuko ari jewe Yehova ndabivuze.”»