ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 22
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yesaya: ibirimwo

      • Ubutumwa bwerekeye umubande w’ukwerekwa (1-14)

      • Umukuru Shebuna asubirirwa na Eliyakimu (15-25)

        • Urumambo rw’ikigereranyo (23-25)

Yesaya 22:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Biboneka ko ari i Yeruzalemu.

  • *

    Amazu menshi yari afise igisenge gishashe. Bahakorera ibikorwa bitandukanye.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 6:6

Yesaya 22:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 3:1; Yr 38:2; Int 4:9

Yesaya 22:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:4, 5
  • +2Bm 25:11

Yesaya 22:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «k’umukobwa w’abantu banje.» Ijambo «umukobwa» ni ingereranyo ndyoshamvugo ishobora kuba yakoreshejwe kugira haserurwe impuhwe n’ikigongwe.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 4:19; 8:18, 19; 9:1
  • +Mik 1:8, 9

Yesaya 22:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mik 7:4
  • +2Bm 25:10; Neh 1:3

Yesaya 22:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abagendera ku mafarasi.»

  • *

    Canke «iteguye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 10:22
  • +2Bm 16:9

Yesaya 22:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abagendera ku mafarasi.»

Yesaya 22:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 7:1, 2

Yesaya 22:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:9, 10; Yr 52:7
  • +Neh 3:15

Yesaya 22:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «muzoharura.»

Yesaya 22:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yw 2:17

Yesaya 22:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 5:12; 56:12; Am 6:1, 4; Lk 17:27; Yak 5:5
  • +1Kr 15:32

Yesaya 22:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «iryo kosa ntirizotangirwa impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:31; Yes 1:11; Yr 15:1; Ezk 24:13

Yesaya 22:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umubwiriza.»

  • *

    Canke «ikirimba.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 18:37; 19:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    3/2018, rup. 25

Yesaya 22:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ahantu ho kuba.»

Yesaya 22:19

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2007, rup. 8-9

Yesaya 22:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 18:26, 37

Yesaya 22:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ubutegetsi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 41:41, 42; Est 8:15

Yesaya 22:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivh 3:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2009, rup. 31

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 63

Yesaya 22:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «uburemere.»

  • *

    Canke «imivyaro.»

Yesaya 22:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 22:15, 17

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yes. 22:1Yr 6:6
Yes. 22:2Yes 3:1; Yr 38:2; Int 4:9
Yes. 22:32Bm 25:4, 5
Yes. 22:32Bm 25:11
Yes. 22:4Yr 4:19; 8:18, 19; 9:1
Yes. 22:4Mik 1:8, 9
Yes. 22:5Mik 7:4
Yes. 22:52Bm 25:10; Neh 1:3
Yes. 22:6It 10:22
Yes. 22:62Bm 16:9
Yes. 22:81Bm 7:1, 2
Yes. 22:92Bm 25:9, 10; Yr 52:7
Yes. 22:9Neh 3:15
Yes. 22:12Yw 2:17
Yes. 22:13Yes 5:12; 56:12; Am 6:1, 4; Lk 17:27; Yak 5:5
Yes. 22:131Kr 15:32
Yes. 22:14Lw 26:31; Yes 1:11; Yr 15:1; Ezk 24:13
Yes. 22:152Bm 18:37; 19:2
Yes. 22:202Bm 18:26, 37
Yes. 22:21It 41:41, 42; Est 8:15
Yes. 22:22Ivh 3:7
Yes. 22:25Yes 22:15, 17
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yesaya 22:1-25

Yesaya

22 Ng’ubu ubutumwa bwerekeye umubande w’ukwerekwa*+:

Ni amaki ko abantu bawe bose baduze hejuru ku nzu*?

 2 Wari igisagara cuzuye uruyogoyogo,

gisebagirika, kandi cigina.

Abantu bawe bishwe, ntibicishijwe inkota

canke ngo bagwe ku rugamba+.

 3 Abatwaza igikenye iwawe bose bahungiye icarimwe+.

Bagizwe imbohe ata muheto wiriwe urakenerwa.

Ababonetse bose bagizwe imbohe+

naho bari bahungiye kure.

 4 Ni co gituma navuze nti: «Nimureke kundaba.

Maze ndire cane+.

Yaco mwigora mumpoza

kubera agatikizo k’abantu b’iwacu*+.

 5 Kuko ari umusi w’uruhagarara, wo gutsindwa no guta umutwe+,

umusi uvuye ku Mukama Segaba Yehova Nyeninga⁠bo,

mu mubande w’ukwerekwa.

Uruzitiro rwasituwe+,

kandi hari akaruru kerekeza ku musozi.

 6 Elamu+ itoye agasaho k’imyampi,

itora n’imikogote y’intambara n’amafarasi*.

Kiri+ na yo isokoroye* inkinzo.

 7 Ibiyaya vyawe vyiza kuruta ibindi

bizokwuzura imikogote y’intambara.

Amafarasi* azotonda kw’irembo,

 8 igikingira Ubuyuda na co gikurweho.

Kuri uwo musi muzohanga amaso ububiko bw’ibirwanisho buri muri ya nyubakwa yitwa inzu y’ikibira+, 9 musange uruzitiro rw’igisagara ca Dawidi rwaramenywe+ ahantu henshi. Kandi muzokwegeranya amazi y’ikidengeri+ c’epfo. 10 Muzosuzuma* amazu y’i Yeruzalemu, maze musiturire hasi amwamwe kugira ngo mukomeze uruzitiro. 11 Muzokwimba hagati ya za mpome zibiri ikinogo kijamwo amazi y’ikidengeri ca kera. Ariko ntimuzohanga amaso Imana ihambaye yabikoze, kandi ntimuzoshira umutima ku wabiteguye kuva kera.

12 Kuri uwo musi Umukama Segaba Yehova Nyeningabo

azobwira abantu barire, bagandare+,

bamwe imishatsi yabo, bambare n’amagunira.

13 Yamara hari ukwigina n’umunezero,

kubaga inka n’intama,

kurya inyama no kunywa umuvinyu+.

Muvuga ngo: “Turye, tunywe kuko ejo tuzopfa+.”»

14 Maze numva ijwi rya Yehova Nyeningabo rigira riti: «“Ntimuzobabarirwa iryo kosa* gushika mupfuye+”, ni ko Umukama Segaba Yehova Nyeningabo avuze.»

15 Umukama Segaba Yehova Nyeningabo avuze ati: «Genda kwa Shebuna+ umukuru* ahagarikiye inzu y’umwami*, umubwire uti: 16 “Urondera iki ng’aha? Uhafise nde ko uhimba imva yawe?” Shebuna ariko yiyimbira imva ahantu hataramutse, akitegurira ikibanza co kuruhukiramwo* mu rutare. 17 Umubwire kandi uti: “Raba wa mugabo we! Yehova agira agute hasi n’ishavu ryinshi, ace agucakira. 18 Menya yuko azokuzinga akudadire, aguterere mu gihugu cagutse nka kurya kw’umupira. Aho ni ho uzopfira kandi ni ho imikogote yawe myiza cane izoba iri. Bizoba ari agaterasoni ku rugo rwa shobuja. 19 Nzokwaka ubukuru wari ufise, ndagukure mu mabanga wari ujejwe.

20 Kuri uwo musi nzotumako umusavyi wanje Eliyakimu+ mwene Hilikiya. 21 Nzomwambika ikanzu yawe, ndamukenyeze neza umukanda wawe umufate+, ndamuhe n’ubukuru* bwawe. Azobera se ababa i Yeruzalemu n’abo mu Buyuda. 22 Nzoshira urupfunguruzo rw’inzu ya Dawidi+ ku rutugu rwiwe. Niyugurura nta wuzokwugara, niyugara na ho nta wuzokwugurura. 23 Nzomutsindagira nk’urumambo ahantu hakomeye, kandi azoba nk’intebe y’icubahiro ku muryango wa se. 24 Bazomumanikako icubahiro* cose c’umuryango wa se, abamukomokako n’abana*, ivyombo vyose bitobito, ivyombo bimeze nk’amabakure hamwe n’imibindi yose minini.

25 Kuri uwo musi”, ni ko jewe Yehova Nyeningabo mvuze, “urumambo rutsindagiye ahantu hakomeye ruzokurwaho+, rutemwe rugwe. Ibintu rwari rushigikiye bizokoroka bimenagurike, kuko ari jewe Yehova ndabivuze.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika