Abaheburayo
7 Kuko uyo Melekisedeki, umwami wa Salemu, umuherezi w’Imana Musumbavyose, yasanganiye Aburahamu igihe yari avuye gusasika abami aramuhezagira+, 2 Aburahamu aca amuha* ic’icumi c’ivyo yari yagaruje vyose. Ubwa mbere hoho izina ryiwe risobanura ngo «Umwami w’ubugororotsi.» Vyongeye, ni umwami wa Salemu, ni ukuvuga «Umwami w’amahoro.» 3 Kubera ko atagira se, ntagire nyina canke amamuko, kandi intango n’iherezo ry’ubuzima bwiwe bikaba ata ho vyanditswe, bituma amera nk’Umwana w’Imana, akaguma ari umuherezi ibihe vyose+.
4 Iyumvire namwe ingene uwo muntu yari ahambaye, umuntu Aburahamu wa mukuru* w’umuryango yahaye ic’icumi mu bintu vyizavyiza yari yanyaze+. 5 Ego ni ko, hisunzwe amategeko, Abalewi+ bafise ibanga ry’ubuherezi basabwa kwegeranya ivy’icumi mu bantu+, ni ukuvuga muri benewabo, naho abo benewabo bakomoka kuri Aburahamu*. 6 Mugabo wa muntu atamuka muri bo yarakiriye ivy’icumi ahawe na Aburahamu, uwari yarahawe imihango, yongera aramuhezagira+. 7 Nta wohakana ko umuntu mutoyi ahezagirwa n’umukuru. 8 Vyongeye, Abalewi baronka ivy’icumi ni abantu bapfa, mugabo uwo muntu wundi yaronse ivy’icumi, ashingirwa intahe yuko ari muzima+. 9 Kandi twovuga ko na Lewi umwe yahabwa ivy’icumi, yabitanze biciye kuri Aburahamu, 10 kuko yari akiri mu nda* ya sekuruza igihe Melekisedeki yamusanganira+.
11 Ubuherezi bw’Abalewi bwashizweho hisunzwe amategeko yahawe abantu+. Iyaba bwashobora gutuma abantu baba abatagira akanenge, kubera iki vyokwiriwe birakenerwa ko haboneka uwundi muherezi ameze nka Melekisedeki+ aho kumera nka Aroni? 12 Ko rero ubuherezi buriko burahindurwa, bica biba ngombwa ko n’amategeko ahindurwa+. 13 Kuko umuntu avugwako ivyo bintu yavuye mu wundi muryango kandi nta n’umwe akomoka muri uwo muryango yakoreye ku gicaniro+. 14 Si agaseseshwarumuri yuko Umukama wacu yakomotse mu muryango wa Yuda+, ariko Musa nta baherezi yavuze bakomoka muri uwo muryango.
15 Kandi ivyo birarushiriza kwibonekeza cane kuko ubu habonetse uwundi muherezi+ ameze nka Melekisedeki+. 16 Ntiyamubaye hisunzwe itegeko risaba ko akomoka mu muryango kanaka, ahubwo yamubaye hisunzwe ububasha butuma agira ubuzima budashobora gukurwaho+, 17 kuko ashingirwa intahe ngo: «Uri umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki+.»
18 Ibwirizwa ryahahora rero rirakurwaho kubera rigoyagoya no kubera ko ata co rishikako+. 19 Kuko ata kintu na kimwe cabaye ikitagira akanenge biciye ku mategeko+. Mugabo icizigiro ciza kuruta+ duhabwa n’Imana carabishitseko, kandi biciye kuri co turiko turegera Imana+. 20 Vyongeye, Yezu yabaye umuherezi biciye ku ndahiro. 21 (Hariho vy’ukuri abantu babaye abaherezi bidaciye ku ndahiro. Mugabo uyo wewe yamubaye biciye ku ndahiro imwerekeye yarahiwe n’Umwe yavuga ati: «Yehova* yararahiye, kandi ntazokwivuguruza*. Yavuze ati: “Uri umuherezi ibihe vyose+.”») 22 Ni co gituma Yezu yacitse ikimenyamenya cemeza isezerano* ryiza kuruta+. 23 Vyongeye, abaherezi benshi barakurakuranywe+ kubera ko urupfu rwababuza kuguma muri iryo banga. 24 Mugabo uwo muherezi we kubera ko aguma ari muzima ibihe vyose+, nta wumusubirira. 25 Arashoboye rero no gukiza neza abariko baregera Imana biciye kuri we, kuko yama ari muzima kugira atakambe ku bwabo+.
26 Birabereye ko tugira umuherezi mukuru nk’uwo: ntahemuka, ni intungane, ntahumanye+, nta ho ahuriye n’abacumuzi, kandi yashizwe hejuru y’amajuru+. 27 Aratandukanye na ba baherezi bakuru kuko we adakeneye gushikana ibimazi buri musi+, ubwa mbere ku bw’ibicumuro vyiwe bwite hanyuma ku bw’ibicumuro vy’abantu+ (kuko ivyo yabigize rimwe rizima igihe yishikana+). 28 Kuko amategeko agena abantu bafise ubugoyagoye ngo babe abaherezi bakuru+, mugabo ijambo rya ya ndahiro+ yarahiwe inyuma y’amategeko rikagena Umwana. Uwo mwana yagizwe uwutunganye+ ibihe vyose.