ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 33
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Ngoma: ibirimwo

      • Manase, umwami w’Ubuyuda (1-9)

      • Manase yigaya ibibi yakoze (10-17)

      • Urupfu rwa Manase (18-20)

      • Amoni, umwami w’Ubuyuda (21-25)

2 Ngoma 33:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 1:10
  • +2Bm 21:1

2 Ngoma 33:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 21:2-6

2 Ngoma 33:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

  • *

    Izo ngabo ni izuba, ukwezi, inyenyeri n’ibindi bisyo vyo mu kirere.

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «arazikorera.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 18:1, 4
  • +Gus 4:19; 2Bm 23:5

2 Ngoma 33:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 16:10, 11
  • +Gus 12:11; 2Ng 6:6

2 Ngoma 33:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 6:36; 7:12

2 Ngoma 33:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «yaracishije mu muriro abahungu biwe.»

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo (Uwuhanuza abapfuye).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 16:1, 3
  • +Yos 15:8, 12; 2Bm 23:10
  • +Lw 19:26
  • +Lw 20:6; Gus 18:10, 11

2 Ngoma 33:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:6
  • +2Bm 21:7-9; 23:27; 2Ng 7:16

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    10/2021, rup. 4

2 Ngoma 33:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 18:24; Yos 24:8; 2Bm 21:11, 16

2 Ngoma 33:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:15, 16

2 Ngoma 33:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ingobe ni ivyuma vyigonze nk’igera. Hashobora kandi kuvugwa ngo «bamufatira mu myobo.»

2 Ngoma 33:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 1:18
  • +Dn 4:25

2 Ngoma 33:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 5:9; 2Ng 32:2, 5
  • +2Ng 32:30
  • +Neh 3:3
  • +2Ng 27:1, 3

2 Ngoma 33:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 21:1, 7
  • +2Bm 21:1, 4, 5

2 Ngoma 33:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 29:18
  • +Lw 3:1
  • +Lw 7:12

2 Ngoma 33:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 33:12, 13
  • +2Bm 21:2, 9
  • +2Bm 21:3, 7

2 Ngoma 33:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 21:18, 19

2 Ngoma 33:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 1:10
  • +2Bm 21:19-24

2 Ngoma 33:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «abikorera.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 33:1, 2
  • +2Bm 21:1, 7

2 Ngoma 33:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 8:12
  • +2Ng 33:12, 13

2 Ngoma 33:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 12:20; 2Ng 25:27

2 Ngoma 33:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 25:1, 3
  • +2Bm 21:25, 26

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Ngo. 33:1Mt 1:10
2 Ngo. 33:12Bm 21:1
2 Ngo. 33:22Bm 21:2-6
2 Ngo. 33:32Bm 18:1, 4
2 Ngo. 33:3Gus 4:19; 2Bm 23:5
2 Ngo. 33:42Bm 16:10, 11
2 Ngo. 33:4Gus 12:11; 2Ng 6:6
2 Ngo. 33:51Bm 6:36; 7:12
2 Ngo. 33:62Bm 16:1, 3
2 Ngo. 33:6Yos 15:8, 12; 2Bm 23:10
2 Ngo. 33:6Lw 19:26
2 Ngo. 33:6Lw 20:6; Gus 18:10, 11
2 Ngo. 33:72Bm 23:6
2 Ngo. 33:72Bm 21:7-9; 23:27; 2Ng 7:16
2 Ngo. 33:9Lw 18:24; Yos 24:8; 2Bm 21:11, 16
2 Ngo. 33:102Ng 36:15, 16
2 Ngo. 33:13Yes 1:18
2 Ngo. 33:13Dn 4:25
2 Ngo. 33:142Sm 5:9; 2Ng 32:2, 5
2 Ngo. 33:142Ng 32:30
2 Ngo. 33:14Neh 3:3
2 Ngo. 33:142Ng 27:1, 3
2 Ngo. 33:152Bm 21:1, 7
2 Ngo. 33:152Bm 21:1, 4, 5
2 Ngo. 33:162Ng 29:18
2 Ngo. 33:16Lw 3:1
2 Ngo. 33:16Lw 7:12
2 Ngo. 33:192Ng 33:12, 13
2 Ngo. 33:192Bm 21:2, 9
2 Ngo. 33:192Bm 21:3, 7
2 Ngo. 33:202Bm 21:18, 19
2 Ngo. 33:21Mt 1:10
2 Ngo. 33:212Bm 21:19-24
2 Ngo. 33:222Ng 33:1, 2
2 Ngo. 33:222Bm 21:1, 7
2 Ngo. 33:23Yr 8:12
2 Ngo. 33:232Ng 33:12, 13
2 Ngo. 33:242Bm 12:20; 2Ng 25:27
2 Ngo. 33:252Ng 25:1, 3
2 Ngo. 33:252Bm 21:25, 26
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Ngoma 33:1-25

Ngoma za kabiri

33 Manase+ yari afise imyaka 12 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 55 aganza i Yeruzalemu+.

2 Yakoze ivyo Yehova abona ko ari bibi, yigana imigenzo ishisha y’amahanga Yehova yari yaromoye akabisa Abisirayeli+. 3 Yasubiye kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana* se Hezekiya yari yarasenyuye+, yubakira za Bayali ibicaniro yongera ahingura inkingi nyeranda z’ibiti*, yunamira n’ingabo zose zo kw’ijuru* arazisenga*+. 4 Yarubatse n’ibicaniro mu nzu ya Yehova+ kandi ku vyerekeye iyo nzu, Yehova yari yaravuze ati: «I Yeruzalemu ni ho hazokwama hitirirwa izina ryanje+.» 5 Yarubakiye ibicaniro n’ingabo zose zo kw’ijuru, avyubaka mu bigo bibiri vy’inzu ya Yehova+. 6 Yaranaturiye abahungu biwe bwite abatangako ikimazi*+ mu mubande wa mwene Hinomu+, akora ivy’amageza+, araraguza, aja mu vy’uburozi, ashiraho abakora ivyo guhanuza abapfuye*, ashiraho na ba rumenyi+. Akora ku rugero runini ivyo Yehova abona ko ari bibi, kugira ngo amubabaze.

7 Vyongeye, igishusho yari yahinguye agishira mu nzu y’Imana y’ukuri+, kandi Imana yari yarabwiye Dawidi n’umuhungu wiwe Salomo ku bijanye n’iyo nzu iti: «Muri iyi nzu no mu gisagara ca Yeruzalemu natoye mu miryango yose ya Isirayeli, hazokwama hitirirwa izina ryanje+. 8 Kandi sinzokwongera gukura Abisirayeli mu gihugu nahaye ba sekuruza, nibakurikiza neza amabwirizwa yose nabahaye, bakisunga amategeko yose, ni ukuvuga ivyagezwe vyanje n’ingingo nashinze, ivyo nabahaye biciye kuri Musa.» 9 Manase yagumye yosha nabi abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu, atuma bakora ibibi biruta ivyakorwa n’amahanga Yehova yazimanganije igihe Abisirayeli binjira mu gihugu+.

10 Yehova yaguma aburira Manase n’abanyagihugu, mugabo ntibumve+. 11 Nuko Yehova atuma abakuru b’ingabo z’umwami wa Ashuri babatera. Maze Manase bamufatisha ingobe*, bamubohesha amapingu abiri y’umujumpu hanyuma bamujana i Babiloni. 12 Ageze mu marushwa, atakambira Yehova Imana yiwe, aguma yicisha bugufi cane imbere y’Imana ya ba sekuruza. 13 Aguma asenga Imana, na yo igira akagongwe kubera ugutabaza kwiwe. Yumva ugutakamba kwiwe, iraheza imusubiza i Yeruzalemu ku ntebe yiwe y’ubwami+. Maze Manase amenya ko Yehova ari we Mana y’ukuri+.

14 Inyuma y’ivyo, yubakira igisagara ca Dawidi+ uruhome rw’inyuma rurerure cane. Rwaca mu burengero bw’isoko ry’amazi Gihoni+ riri mu mwonga, rukagenda gushika kw’irembo ry’amafi+, rukazunguruka gushika i Ofeli+. Vyongeye, ashira abakuru b’ingabo mu bisagara vyose bikingijwe ibihome vyo mu Buyuda. 15 Aca akura mu nzu ya Yehova imana z’inyamahanga na ca gishusho c’ikigirwamana+, n’ibicaniro vyose yari yarubatse ku musozi w’inzu ya Yehova+ n’i Yeruzalemu, araheza ategeka ko babita hanze y’igisagara. 16 N’ikindi kandi, asanura igicaniro ca Yehova+ maze atangura kugishikanako ibimazi vyo gusangira+ n’ibimazi vyo gukenguruka+. Hanyuma abwira abo mu Buyuda gukorera Yehova Imana ya Isirayeli. 17 Yamara abantu bari bagishikanira ibimazi mu bibanza basengeramwo naho babishikanira gusa Yehova Imana yabo.

18 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Manase, ni ukuvuga isengesho yatuye Imana yiwe, n’ivyo abavuga ivyo beretswe n’Imana bamubwiye mw’izina rya Yehova Imana ya Isirayeli, vyanditswe mu nkuru zivuga ivy’abami ba Isirayeli. 19 Vyongeye, isengesho ryiwe+, ukuntu Imana yumvise ugutabaza kwiwe, ibicumuro vyose yakoze n’ingene yahemutse+, ahantu yatunganije ibibanza vyo gusengeramwo akahashinga inkingi nyeranda z’ibiti+ n’ibishusho bibajwe imbere y’uko yicisha bugufi, vyanditswe mu vyavuzwe n’abamubwira ivyo beretswe n’Imana. 20 Nuko Manase arapfa bamuhamba iwe. Maze umuhungu wiwe Amoni atangura kuganza mu kibanza ciwe+.

21 Amoni+ yari afise imyaka 22 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka ibiri aganza i Yeruzalemu+. 22 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi nka se Manase+. Yarashikaniye ibimazi ibishusho bibajwe vyose se wiwe Manase yari yarakoze+, aguma abisenga*. 23 Mugabo Amoni ntiyicishije bugufi imbere ya Yehova+ nka se Manase+. Ahubwo yarongereje cane ibicumuro vyiwe. 24 Mu nyuma abasuku biwe bategura umugambi wo kumugirira nabi+, maze bamwicira mu nzu iwe. 25 Mugabo abanyagihugu bica abantu bose bari muri uwo mugambi wo kwica umwami Amoni+, maze bimika umuhungu wiwe Yosiya+ ngo aganze mu kibanza ciwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika