Ezekiyeli
34 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi bw’ibizoshikira abungere ba Isirayeli. Vuga ubuhanuzi, ubwire abungere uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Baragowe abungere ba Isirayeli+ baguma bigaburira ubwabo! Mbega abungere ntibari bakwiye kugaburira ubusho+? 3 Murya ibinure, mukambara impuzu zikozwe mu bwoya, mugakerera n’ibitungwa bivyibushe kuruta ibindi+. Ariko ntimugaburira ubusho+. 4 Ntimwakomeje izigoyagoya canke ngo muvure izirwaye canke ngo mutubike izakomeretse canke ngo mugarure izataye inzira canke ngo murondere izatakaye+. Ahubwo mwarazihahaje muzitwaza igikenye+. 5 Zaciye zisanzara kubera ata mwungere yariho+. Zarasanzaye ziribwa n’ibikoko vyose vyo mu gahinga. 6 Intama zanje zazimiriye ku misozi yose no ku mirambi yose miremire. Intama zanje zasanzariye kw’isi yose, ntihagira n’umwe aja kuzirondera canke agerageza kumenya iyo ziri.
7 None rero mwa bungere, nimwumve ijambo rya Yehova: 8 “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ndirahiye jewe Imana nzima. Ko intama zanje zisigaye zihigwa, zikaribwa n’ibikoko vyose vyo mu gahinga kubera ko zitagira umwungere, kandi abungere banje bakaba batarondeye intama zanje, ahubwo bakaguma bigaburira ubwabo aho kugaburira intama zanje’”, 9 nimwumve rero mwa bungere ijambo rya Yehova. 10 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ngira ndwanye abo bungere, kandi nzogira ico ndababaza ku bijanye n’intama zanje*. Nzobaka ibanga ryo kugaburira* intama zanje+, kandi abo bungere ntibazokwongera kwigaburira ubwabo. Nzorokora intama zanje ndazikure mu kanwa kabo, ntibabe bakizirya.”’
11 Kuko ibi ari vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ehe ndi hano, kandi jewe ubwanje nzorondera intama zanje, ndaziteho+. 12 Nzokwitaho intama zanje nka kurya umwungere agaburira intama ziwe yatoye zari zasanzaye+. Nzozirokora ndazikure mu bibanza vyose zari zarasanzariyemwo ku musi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya+. 13 Nzozikura mu mahanga, ndazegeranye ndazikuye mu bihugu, ndazizane mu gihugu cazo. Nzozigaburirira ku misozi yo muri Isirayeli+, iruhande y’imigezi n’iruhande y’ahantu hose haba abantu mu gihugu. 14 Nzozigaburirira mu buragiro bwiza, kandi ku misozi miremire yo muri Isirayeli ni ho zizorisha+. Aho ni ho zizovyagira mu bwatsi bwiza+, zirishe mu buragiro bwiza cane ku misozi ya Isirayeli.’
15 ‘Jewe ubwanje nzogaburira intama zanje+, kandi jewe ubwanje nzozivyagiza+’, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 16 ‘Iyatakaye nzoyirondera+, iyataye inzira ndayigarure, iyakomeretse ndayitubike, iyigoyagoya ndayikomeze. Mugabo iyivyibushe canke iyikomeye nzoyizimanganya, ndayigaburire urubanza.’
17 Ku bijanye namwe ntama zanje, Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ngira nce urubanza hagati y’intama n’iyindi, hagati y’impfizi z’intama n’iz’impene+. 18 Ko murisha mu buragiro bwiza kuruta ubundi bwose, mbega ivyo ntivyari bikwiye? Muteko mukandagire uburagiro bwanyu busigaye? Mumaze kunywa amazi meza cane, muce muyonona mu kuyahonyanga? 19 None intama zanje zirishe mu buragiro mwakandagiye, zinywe n’amazi mwononye mu kuyahonyanga?’
20 Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova azibwiye: ‘Ndi hano, kandi jewe ubwanje nzoca urubanza hagati y’intama ivyibushe n’intama yonze, 21 kuko izirwaye zose mwagumye muzisunurisha ikiyunguyungu n’urutugu, mukaguma muzisunikisha amahembe yanyu, gushika muzisanzarije kure. 22 Nzokiza intama zanje, kandi ntizizosubira kuribwa n’ibikoko+. Nzoca urubanza hagati y’intama n’iyindi. 23 Nzoziha umwungere umwe+, umusavyi wanje Dawidi+, kandi azozigaburira. Ni we azozigaburira, abe umwungere wazo+. 24 Jewe Yehova nzoba Imana yazo+, umusavyi wanje Dawidi na we abe umukuru wazo+. Jewe Yehova ndavuze.
25 Nzogirana na zo isezerano ry’amahoro+, nzimanganye mu gihugu ibikoko bikaze+, kugira zibere mu mutekano mu gahinga, zisinzire zibereye mu bibira+. 26 Zo hamwe n’akarere gakikuje umurambi wanje nzobigira umuhezagiro+, ngwishe imvura mu gihe kibereye. Imihezagiro izocuncubuka nk’imvura+. 27 Ibiti vyo mu gahinga bizokwama ivyamwa, isi yimbuke+, intama zibere mu mutekano mu gihugu cazo. Kandi zizomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova ninavunagura ibiti baziremetse vyo kwikoreza imizigo*+, nkazirokora nkazikiza abo zari zishumbiye. 28 Ntizizokwongera guhigwa n’amahanga kandi ibikoko vyo mw’ishamba ntibizozirotsa. Zizokwibera mu mutekano, ata n’umwe azitera ubwoba+.
29 Nzozironsa umurima wa rurangiranwa. Ntizizokwongera kwicwa n’inzara mu gihugu+ kandi ntizizokwongera guteterezwa n’amahanga+. 30 “Kandi bazomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova Imana yabo ndi kumwe na bo, kandi ko na bo, ni ukuvuga Abisirayeli, ari abantu banje+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.’”
31 “Nayo mwebwe ntama zanje+, intama nitwararika, muri abantu buntu, nanje nkaba Imana yanyu”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»