Itanguriro
27 Izahaki amaze gusaza n’amaso yiwe atakibona, ahamagara Esawu+ umuhungu wiwe mukuru, amubwira ati: «Mwananje!» Na we ati: «Sabwe!» 2 Abandanya ati: «Ehe ndashaje kandi sinzi igihe nsigaje kubaho. 3 Ndagusavye rero utore umuheto wawe n’imyampi*, uje mw’ishamba umpigire akanyama+. 4 Uheze untegurire ibifungurwa biryoshe, nka bimwe nyene nkunda, hanyuma ubinzanire ndabirye kugira ndaguhezagire imbere y’uko mpfa.»
5 Rebeka yariko arumviriza igihe Izahaki yavugana na Esawu umuhungu wiwe. Nuko Esawu aja mw’ishamba guhiga akanyama kugira akazanire se wiwe+. 6 Rebeka aca abwira umuhungu wiwe Yakobo+ ati: «Mpejeje kwumva so wawe ariko abwira mwenewanyu Esawu ngo: 7 “Nzanira akanyama maze untegurire ibifungurwa biryoshe, hanyuma ndabirye kugira ndaguhezagirire imbere ya Yehova ntarapfa+.” 8 Ubu rero mwananje, nyumviriza neza, ukore ivyo ngira nkubwire+. 9 Ndagusavye ugende mu busho, unzanire imyagazi ibiri y’impene myizamyiza, kugira ntegurire so wawe ibifungurwa biryoshe, nka bimwe nyene akunda. 10 Nawe uheze ubishire so wawe abirye, kugira aguhezagire imbere y’uko apfa.»
11 Yakobo abwira nyina wiwe Rebeka ati: «Esawu mwenewacu afise ubwoya bwinshi+, ariko jewe nta bwo mfise. 12 Hamwe dawe yonkorako na ho+? Ntazoca abona ko ndiko ndabesha, agaca amvuma aho kumpezagira?» 13 Nyina wiwe amwishura ati: «Mwananje, uwo muvumo uraca ufata jewe. Wewe gusa gira ivyo nkubwiye, ugende unzanire iyo myagazi+.» 14 Aca aja gutora iyo myagazi ayizanira nyina, na we aca ategura ibifungurwa biryoshe cane, nk’ivyo se wiwe akunda. 15 Hanyuma Rebeka yinjira mu nzu, atora impuzu nziza kuruta izindi mu za Esawu umuhungu wiwe mukuru, azambika Yakobo umuhungu wiwe mutoyi+. 16 Atora n’inshato za ya myagazi, azimwambika ku maboko no kw’izosi+. 17 Araheza aha Yakobo vya bifungurwa biryoshe n’umukate yari yateguye+.
18 Nuko Yakobo yinjira iyo se wiwe ari, amubwira ati: «Da!» Na we ati: «Sabwe! Uri nde ga mwananje?» 19 Yakobo amwishura ati: «Ndi Esawu imfura yawe+. Nakoze ivyo wantumye. Niwicare urye akanyama nakuzaniye, kugira umpezagire+.» 20 Izahaki amubaza ati: «Vyagenze gute ngo ukaronke ningoga ga mwananje?» Amwishura ati: «Ni Yehova Imana yawe yamfashije kukaronka.» 21 Izahaki aca abwira Yakobo ati: «Igira hano mwananje kugira ndagukoreko, numve vy’ukuri ko uri umuhungu wanje Esawu canke ko utari we+.» 22 Yakobo aca yegera se wiwe Izahaki, na we atangura kumukorako maze avuga ati: «Ijwi ni irya Yakobo, mugabo amaboko ni aya Esawu+.» 23 Ariko ntiyamumenye, kuko amaboko yiwe yariko ubwoya nk’aya mwenewabo Esawu. Aca aramuhezagira+.
24 Hanyuma amubaza ati: «Wewe uri umuhungu wanje Esawu vy’ukuri?» Na we amwishura ati: «Ndi we.» 25 Aca amubwira ati: «Nzanira rero ako kanyama mwananje, ndakarye hanyuma ndaguhezagire.» Aca arakamuzanira ararya, amuzanira n’umuvinyu aranywa. 26 Maze Izahaki se wiwe amubwira ati: «Nyegera unsome, mwananje+.» 27 Nuko aramwegera aramusoma, maze Izahaki yumva akamoto k’impuzu ziwe+. Aca aramuhezagira, avuga ati:
«Ooh, akamoto k’umuhungu wanje kameze nk’akamoto k’umurima Yehova yahezagiye. 28 Imana y’ukuri niguhe urume ruvuye mw’ijuru+ n’ivu ryo kw’isi ryimbuka+ hamwe n’intete nyinshi n’umuvinyu mushasha+. 29 Imigwi y’abantu nigukorere, amahanga nakwunamire. Nuganze benewanyu, kandi benewanyu nibakwunamire+. Uwukuvuma arakavumwa, uwuguhezagira na we aragahezagirwa+.»
30 Izahaki agiheza guhezagira Yakobo, Yakobo na we akiva imbere ya se wiwe Izahaki, Esawu aca arashika avuye guhiga+. 31 Na we nyene aca ategura ibifungurwa biryoshe maze abizanira se wiwe, amubwira ati: «Da, vyuka urye akanyama nakuzaniye, kugira umpezagire.» 32 Izahaki aca amubaza ati: «Uri nde?» Na we ati: «Ndi umuhungu wawe, imfura yawe Esawu+.» 33 Izahaki aca atangura kujugumira cane, avuga ati: «None ni nde yagiye kumpigira akanyama akakanzanira? Nakariye imbere y’uko uza nongera ndamuhezagira, kandi nta gisivya azohezagirwa!»
34 Esawu ngo yumve ivyo se wiwe avuze, aca araturikisha ararira, araboroga n’intuntu nyinshi, avuga ati: «Mpezagira da! Mpezagira nanje+!» 35 Mugabo amubwira ati: «Mwenewanyu yambeshe kugira atware umuhezagiro wawe.» 36 Esawu aca avuga ati: «Ni co gituma yitwa Yakobo*. Agiye mu kibanza canje kabiri kose+: uburenganzira bwanje bw’imfura yaramaze kubutwara+, none ubu na ho atwaye umuhezagiro wanje+!» Yongerako ati: «None nta muhezagiro wambikiye?» 37 Izahaki amwishura ati: «Ehe namugenye ngo abe shobuja+, namuhaye benewabo bose ngo bamubere abasuku, kandi namuhaye intete n’umuvinyu mushasha+. Wumva hari ikindi nsigaranye noguha ga mwananje?»
38 Esawu amubwira ati: «None ufise umuhezagiro umwe gusa ga da? Mpezagira da! Mpezagira nanje.» Esawu aca araturikisha ararira cane+. 39 Izahaki amwishura ati:
«Uzoba kure y’ivu ryimbuka be n’urume ruva mw’ijuru+. 40 Uzobeshwaho n’inkota yawe+, kandi uzokorera mwenewanyu+. Ariko niwamwiyama, uzomwikurako*+.»
41 Ariko Esawu agirira inzigo Yakobo kubera umuhezagiro se yari yamuhaye+, aguma yibwira ati: «Dawe ari mu gupfa+. Ikigandaro nicahera, nzoca nica Yakobo mwenewacu.» 42 Rebeka yumvise ivyo Esawu umuhungu wiwe mukuru yari yavuze, aca atumako Yakobo umuhungu wiwe mutoyi, amubwira ati: «Umve, mwenewanyu Esawu ariko ategura kukwica kugira akwihore. 43 Ubu rero mwananje, nukore ivyo ngira nkubwire. Nuhungire i Harani kwa musazanje Labani+. 44 Ube uragumyeyo gushika ishavu rya mwenewanyu rihwamye, 45 gushika inzigo agufitiye igabanutse, akibagira ivyo wamukoreye. Nzoheza ngutumeko. Kuki nobaburira umusi umwe mwempi?»
46 Inyuma y’ivyo, Rebeka aguma abwira Izahaki ati: «Numva ubuzima bundambiye kubera abakobwa b’Abahetikazi+. Hamwe Yakobo yozana umugore w’Umuhetikazi, nk’aba bakobwa bo muri iki gihugu, kubaho vyoba bimariye iki+?»