Yoweli
1 Iri ni ryo jambo Yehova yabwiye Yoweli* mwene Petuweli:
Mbega hari ibintu nk’ibi vyari bwigere biba mu gihe canyu,
canke mu gihe ca ba sokuruza banyu+?
3 Nimuvyiganire abana banyu,
abana banyu bavyiganire abana babo,
abana babo na bo baze bavyiganire urunganwe* rukurikira.
4 Ivyasigajwe n’inzige zikegeta vyariwe n’inzige z’amababa+,
ivyasigajwe n’inzige z’amababa vyariwe n’inzige zitagira amababa,
ivyasigajwe n’izitagira amababa na vyo vyariwe n’inzige zitema zigatongora+.
5 Ikangure mwa mborerwa+ maze murire!
Nimuboroge yemwe banywi b’umuvinyu mwese,
kuko umuvinyu usosa wakuwe mu kanwa kanyu+.
6 Hari ihanga rikomeye kandi ry’abantu benshi riduze gutera igihugu canje+.
Amenyo yaryo n’imibangabanga yaryo bimeze nk’ivy’intambwe+.
7 Ryaratikije umuzabibu wanje, risiga umusukoni wanje ari igishitsi gusa.
Ryarabishishaguye vyose ribiterera nka hariya,
risiga amashami yavyo yera.
9 Ishikanwa ry’intete+ n’iry’ibinyobwa+ ntibikiboneka mu nzu ya Yehova.
Abaherezi, ari bo basuku ba Yehova, baragandaye.
10 Ibiterwa vyo mu mirima vyahonye, ubutaka buragandaye+,
kuko intete zahonye, umuvinyu mushasha ukabura n’amavuta agahera+.
11 Abarimyi bihebuye, abakorera mu mirima y’imizabibu bariko baraboroga
kuko ingano na sayiri vyabuze.
Nta mwimbu ukiboneka mu mirima.
12 Umuzabibu wumye,
igiti c’imisukoni cakabiranye.
Igiti c’ikomamanga, ikigazi, igiti c’ipome,
emwe ibiti vyose vyo mu murima vyumye+.
Umunezero w’abantu wahindutse ibimaramare.
Nimwinjire, murare mwambaye amagunira, mwa basuku b’Imana yanje,
kuko abantu batakizana ishikanwa ry’intete+ n’iry’ikinyobwa+ mu nzu y’Imana yanyu.
14 Nimutangaze* igihe co kwisonzesha, mutangaze ikoraniro ridasanzwe+.
Nimukoranirize abashingantahe n’ababa mu gihugu bose
ku nzu ya Yehova Imana yanyu+, maze mutabaze Yehova.
15 Muragowe kubera uwo musi!
Kuko umusi wa Yehova uri hafi+,
kandi uzoza nk’agatikizo kavuye kuri Musumbavyose.
16 Mbega ibifungurwa ntivyatwawe tubona,
umunezero n’akanyamuneza na vyo bigakurwa mu nzu y’Imana yacu?
Ibigega bisigaye bigaragara.
Ububiko bw’intete bwarasambutse kuko intete zumye.
18 Mbere n’ibitungwa biraniha!
Ubusho bw’inka buguma buyerera kuko butagira uburagiro,
kandi n’ubusho bw’intama buri mu gihano.
19 Ewe Yehova, ni wewe ntabaza+,
kuko umuriro warigase uburagiro bwo mu gahinga,
urubeya na rwo rugaturira ibiti vyose vyo mw’ishamba.
20 Mbere n’ibikoko vyo mw’ishamba ni wewe bihanze amaso,
kuko imigezi y’amazi yakamye,
umuriro na wo ukayogeza uburagiro bwo mu gahinga.»