Zaburi
Ni zaburi ya Dawidi igenewe kwibutsa.
3 Umubiri wanje wose urarwaye* kubera wanshavuriye.
Nta mahoro mfise* kubera igicumuro canje+.
5 Ibikomere vyanje biranuka kandi vyuzuye amashira
kubera ubupfu bwanje.
6 Amaganya aranyishe kandi nihebuye cane.
Ngendana intuntu bukarinda bwira.
8 Umubiri wanje watimvye kandi wajanjaguritse wose.
Nguma mboroga* cane kubera intuntu mfise mu mutima.
9 Ewe Yehova, urazi ivyipfuzo vyanje vyose,
kandi ntuyobewe amaborogo yanje.
11 Abakunzi n’abagenzi banje bampevye kubera ivyago vyanje,
kandi abagenzi banje somambike basigaye banca kure.
12 Abarondera ubuzima bwanje bantega imitego.
Abarondera kungirira nabi baguma bavuga ibijanye no kunyica+.
Birirwa baravuga ibinyoma bukarinda bwira.
14 Nsigaye meze nk’umuntu atumva,
adashobora kwiburanira n’akanwa kiwe.
16 Navuze nti: «Ese batonyigambako
canke ngo banyirateko ikirenge canje kinyereye!»
20 Nabakoreye ivyiza ariko banyishura ibibi.
Bagumye bandwanya kubera nshaka gukora iciza.
21 Ewe Yehova, ntumpebe!
Ntugume kure yanje, ewe Mana yanje+!