Ivyakozwe n’intumwa
14 Maze aho muri Ikoniyo Pawulo na Barunaba binjira mw’isinagogi y’Abayuda. Nuko bavuga ijambo ry’Imana ku buryo Abayuda n’Abagiriki* benshi cane bizera. 2 Mugabo Abayuda banse kwizera bagumura abanyamahanga babosha kurwanya abavukanyi+. 3 Bamara rero igihe kitari gito bavuga badatinya biciye ku bubasha bwa Yehova*. Imana yarashingira intahe ijambo ry’ubuntu bwayo buhebuje* mu kubashoboza gukora ibimenyetso n’ibitangaza+. 4 Ariko abantu benshi bo muri ico gisagara bicamwo imigwi. Bamwe baja ku ruhande rw’Abayuda, abandi na bo ku ruhande rw’intumwa. 5 Igihe rero abanyamahanga n’Abayuda hamwe n’abatware babo barondera kubagirira nabi bimwe biteye isoni no kubatera amabuye+, 6 Pawulo na Barunaba barabimenye maze bahungira mu bisagara vya Lukawoniya, Lusitira na Derube no mu karere ko mu micungararo+. 7 Bashitseyo babandanya kumenyesha inkuru nziza.
8 Aho i Lusitira hari hicaye umugabo amugaye ibirenge. Ubwo bumuga yari yarabuvukanye, kandi ntiyari bwigere atambuka. 9 Uyo mugabo yariko yumviriza ivyo Pawulo avuga. Pawulo amwitegereje neza akabona ko afise ukwizera kwotuma akizwa+, 10 amubwira n’ijwi rirenga ati: «Haguruka.» Uwo mugabo aca ava hasi arasimba, atangura gutambuka+. 11 Amasinzi ngo abone ivyo Pawulo akoze, asemerera mu kinyalukawoniya ati: «Imana zihinduye nk’abantu zimanuka muri twebwe+!» 12 Barunaba bamwita Zeyu, Pawulo na we Herumesi, kuko ari we yaja imbere mu kuvuga. 13 Umuherezi wa Zeyu azana impfizi z’inka n’ingori z’amashurwe ku marembo, ashaka gushikana ibimazi ari kumwe na nya masinzi. Urusengero rwa Zeyu rwari mu bwinjiriro bw’igisagara.
14 Ariko aho intumwa Barunaba na Pawulo bavyumviye, bitaburirako impuzu, basimbira muri nya sinzi, basemerera bati: 15 «Bagabo, kubera iki mugira ivyo? Na twebwe turi abantu bafise utunenge nkamwe+. Turiko tubamenyesha inkuru nziza kugira muhindukire muve muri ivyo bintu vy’imburakimazi muje ku Mana nzima yaremye* ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose+. 16 Mu bihe* vya kera, yararetse amahanga yose ngo abandanye kugendera mu nzira zayo+. 17 Naho ari ukwo, ntiyabuze kwishingira intahe+ mu gukora ivyiza. Yarabahaye imvura iva mw’ijuru n’ibihe vy’umwimbu+, ibahaza ibifungurwa, yuzuza n’imitima yanyu umunezero+.» 18 Naho bavuze ivyo, ntivyaboroheye kubuza nya masinzi kubashikanira ibimazi.
19 Mugabo hashika Abayuda bavuye i Antiyokiya no muri Ikoniyo maze bosha ayo masinzi+, hanyuma abantu batera amabuye Pawulo, bamuburutira inyuma y’igisagara biyumvira ko yapfuye+. 20 Ariko aho abigishwa baziye bakamukikuza, arahaguruka yinjira mu gisagara. Bukeye avayo ajana na Barunaba i Derube+. 21 Bamaze kumenyesha inkuru nziza muri ico gisagara bagahindura abatari bake abigishwa, basubira i Lusitira, muri Ikoniyo n’i Antiyokiya. 22 Bashitseyo, bakomeza abigishwa+, babaremesha kuguma mu kwizera, bavuga bati: «Dutegerezwa kwinjira mu bwami bw’Imana duciye mu makuba menshi+.» 23 Vyongeye, bagena abakurambere mu mashengero yabo yose+. Barasenze bashizeko n’ukwisonzesha+, babaragiza Yehova*, uwo bari basigaye bizera.
24 Nuko baca i Pisidiya bashika i Pamfiliya+. 25 Bamaze kumenyesha rya jambo i Peruga, bamanuka i Ataliya. 26 Baca bavayo bafata ubwato baja i Antiyokiya. Aho ni ho batanguriye urugendo igihe abavukanyi babaragiza Imana n’ubuntu bwayo buhebuje kugira bakore igikorwa bari bahejeje kurangura+.
27 Aho bamariye gushika bagakoraniriza ishengero hamwe, bigana ibintu vyinshi Imana yari yakoze biciye kuri bo, be n’ukuntu yari yugururiye amahanga umuryango ujana ku kwizera+. 28 Nuko bamarana n’abigishwa igihe kitari gito.