17 Impwemu zanje ziraheze, imisi yanje irarangiye.
Itongo ry’abapfuye rirandindiriye+.
2 Nkikujwe n’abacokoranyi+,
kandi amaso yanje aguma yitegereza ubugarariji bwabo.
3 Ewe Mana, ndagusavye wakire ingwati yanje uyigumye.
Hari uwundi none twokorana mu ntoke akemera kunyishinga+?
4 Imitima yabo warayihishije ugutahura+.
Ni co gituma utabareka ngo baroranirwe.
5 Hari abemera gusangira ivyabo n’abagenzi,
kandi abana babo bariko bicwa n’inzara.
6 Imana yangize agatwengo mu bantu+,
ku buryo basigaye bancira amate mu maso+.
7 Amaso yanje asigaye abona ivyijiji kubera intuntu+.
Ibihimba vy’umubiri wanje vyose vyaranyunyutse.
8 Abagororotsi barabiraba bakumirwa,
kandi umuntu w’intungane arababazwa n’abatubaha Imana.
9 Umugororotsi aguma mu nzira yiwe+,
kandi umuntu w’intungane aguma arushiriza gukomera+.
10 Ariko nimubandanye amajambo yanyu,
kuko nasanze ata n’umwe afise ubukerebutsi muri mwebwe+.
11 Imisi yanje yo kubaho iraheze+.
Imigambi yanje, ivyo umutima wanje wipfuza, bipfuye ubusa+.
12 Ijoro baguma baryita umurango,
bakivugira ngo: “Umuco ugira uboneke kuko bwije.”
13 Hasigaye igihe gito ukuzimu kukaba inzu yanje+.
Nzosasa igitanda canje mu mwiza+.
14 Nzosemerera mbwira icobo+ nti: “Uri dawe!”
Urunyo na rwo ndarubwire nti: “Uri mawe na mushikanje!”
15 None icizigiro canje kiri hehe+?
Ni nde akimbonera ga yemwe?
16 Kizomanuka mu marembo y’ukuzimu
ninamanukana na co mu mukungugu+.»