ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 18
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

1 Abami: ibirimwo

      • Eliya ahura na Obadiya be na Ahabu (1-18)

      • Eliya n’abahanuzi ba Bayali ku musozi Karumeli (19-40)

        • «Muzogeza ryari kuba ba ntahompagaze?» (21)

      • Imyaka itatu n’igice y’uruzuba irangira (41-46)

1 Abami 18:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «haheze imisi myinshi, mu mwaka ugira gatatu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lk 4:25; Yak 5:17
  • +Zb 65:9, 10; Yr 14:22

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/4/2008, rup. 19

1 Abami 18:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:26; Gus 28:24

1 Abami 18:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2006, rup. 20

1 Abami 18:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 16:31

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2006, rup. 20

1 Abami 18:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «inyumpu.» Ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.

1 Abami 18:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 1:8

1 Abami 18:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 17:2, 3

1 Abami 18:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 2:15, 16; Mt 4:1; Ivk 8:39

1 Abami 18:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 18:4

1 Abami 18:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mpagarara imbere.»

1 Abami 18:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 20:4; 1Bm 9:9; 16:30-33

1 Abami 18:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «barira ku meza ya Yezebeli.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 19:26, 31
  • +1Bm 16:33

1 Abami 18:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «gucumbagira ku bibando bibiri.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 2:11; Hs 10:2; Mt 12:30; 1Kr 10:21; 2Kr 6:14, 15
  • +Kv 20:5; Yos 24:15; 1Sm 7:3; Zb 100:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 46

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    3/2017, rup. 14-15

    Niwigane, rup. 86-87

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2008, rup. 19

    15/12/2005, rup. 24-29

    1/7/2005, rup. 30-31

1 Abami 18:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 19:9, 10

1 Abami 18:23

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 87

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2008, rup. 19

1 Abami 18:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 6:31
  • +Lw 9:23, 24; Gus 4:24; Abc 6:21; 1Ng 21:26; 2Ng 7:1

1 Abami 18:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 45:20; Yr 10:5; Dn 5:23; Hab 2:18, 19; 1Kr 8:4

1 Abami 18:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «yafashe urugendo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 41:23

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 88

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2008, rup. 20

1 Abami 18:28

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «intambi.»

1 Abami 18:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «babandanya kwifata nk’abahanuzi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 44:19, 20

1 Abami 18:30

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 19:14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 88-90

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2008, rup. 20

    15/12/2005, rup. 26

1 Abami 18:31

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 32:28, 30; 35:10; Yes 48:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 88-90

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2008, rup. 20

1 Abami 18:32

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ingero za seya.» Seya imwe yaja mu kintu c’amalitiro 7,33. Raba Inyongera ya B14.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 20:25; Gus 27:6

1 Abami 18:33

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 22:9; Lw 1:7, 8

1 Abami 18:36

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 29:41
  • +It 26:24
  • +It 28:13
  • +Gh 16:28; Yoh 11:42

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 90

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2010, rup. 4-5

    1/1/2008, rup. 20

1 Abami 18:37

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 31:18; Ezk 33:11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 90

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2010, rup. 4-5

    1/1/2008, rup. 20

1 Abami 18:38

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 9:23, 24; Abc 6:21; 2Ng 7:1
  • +1Bm 18:23, 24

1 Abami 18:40

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku mwonga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 5:20, 21; Zb 83:9
  • +Gus 13:1-5; 18:20

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 90-91

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2008, rup. 20-21

1 Abami 18:41

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 17:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 93, 94-95

    Umunara w’Inderetsi,

    1/4/2008, rup. 17-18

1 Abami 18:42

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yak 5:17, 18

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 93-94

    Umunara w’Inderetsi,

    1/4/2008, rup. 17-18

1 Abami 18:43

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 94-95

    Umunara w’Inderetsi,

    1/4/2008, rup. 18-19

1 Abami 18:44

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 95-97

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2009, rup. 15-16

    1/4/2008, rup. 19-20

1 Abami 18:45

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 12:18; Yb 38:37
  • +Yos 19:17, 18; 1Bm 21:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 97

    Umunara w’Inderetsi,

    1/4/2008, rup. 20

1 Abami 18:46

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «akenyera mu mafyinga.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 98-99

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2011, rup. 18

    1/4/2008, rup. 20

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

1 Abm. 18:1Lk 4:25; Yak 5:17
1 Abm. 18:1Zb 65:9, 10; Yr 14:22
1 Abm. 18:2Lw 26:26; Gus 28:24
1 Abm. 18:41Bm 16:31
1 Abm. 18:72Bm 1:8
1 Abm. 18:101Bm 17:2, 3
1 Abm. 18:122Bm 2:15, 16; Mt 4:1; Ivk 8:39
1 Abm. 18:131Bm 18:4
1 Abm. 18:18Kv 20:4; 1Bm 9:9; 16:30-33
1 Abm. 18:19Yos 19:26, 31
1 Abm. 18:191Bm 16:33
1 Abm. 18:21Yr 2:11; Hs 10:2; Mt 12:30; 1Kr 10:21; 2Kr 6:14, 15
1 Abm. 18:21Kv 20:5; Yos 24:15; 1Sm 7:3; Zb 100:3
1 Abm. 18:221Bm 19:9, 10
1 Abm. 18:24Abc 6:31
1 Abm. 18:24Lw 9:23, 24; Gus 4:24; Abc 6:21; 1Ng 21:26; 2Ng 7:1
1 Abm. 18:26Yes 45:20; Yr 10:5; Dn 5:23; Hab 2:18, 19; 1Kr 8:4
1 Abm. 18:27Yes 41:23
1 Abm. 18:29Yes 44:19, 20
1 Abm. 18:301Bm 19:14
1 Abm. 18:31It 32:28, 30; 35:10; Yes 48:1
1 Abm. 18:32Kv 20:25; Gus 27:6
1 Abm. 18:33It 22:9; Lw 1:7, 8
1 Abm. 18:36Kv 29:41
1 Abm. 18:36It 26:24
1 Abm. 18:36It 28:13
1 Abm. 18:36Gh 16:28; Yoh 11:42
1 Abm. 18:37Yr 31:18; Ezk 33:11
1 Abm. 18:38Lw 9:23, 24; Abc 6:21; 2Ng 7:1
1 Abm. 18:381Bm 18:23, 24
1 Abm. 18:40Abc 5:20, 21; Zb 83:9
1 Abm. 18:40Gus 13:1-5; 18:20
1 Abm. 18:411Bm 17:1
1 Abm. 18:42Yak 5:17, 18
1 Abm. 18:451Sm 12:18; Yb 38:37
1 Abm. 18:45Yos 19:17, 18; 1Bm 21:1
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
  • 38
  • 39
  • 40
  • 41
  • 42
  • 43
  • 44
  • 45
  • 46
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
1 Abami 18:1-46

Abami ba mbere

18 Haciye igihe, mu mwaka ugira gatatu+ kuva uruzuba rutanguye*, Yehova abwira Eliya ati: «Genda ubonane na Ahabu, kuko ndi mu kugwisha imvura mu gihugu+.» 2 Eliya agenda rero kubonana na Ahabu. Ico gihe inzara yari ikaze+ i Samariya.

3 Muri uwo mwanya, Ahabu ahamagara umugabo yagaba ivyo mu rugo rwiwe yitwa Obadiya. (Obadiya yaratinya cane Yehova. 4 Igihe Yezebeli+ yica abahanuzi ba Yehova, Obadiya yafashe abahanuzi 100 abanyegeza mu masenga mu migwi y’abantu 50, akaza arabaronsa umukate n’amazi.) 5 Maze Ahabu abwira Obadiya ati: «Gendagenda mu gihugu, uje ahantu hose hari amasoko y’amazi no mu myonga yose. Hari aho tworonka ivyatsi bikwiye vyo kugaburira amafarasi n’indogobwa*. Ahandiho ibitungwa vyacu vyose vyohona.» 6 Nuko bagabura akarere baza gucamwo. Ahabu ajana inzira imwe, Obadiya na we ajana iyindi, umwe wese agenda ukwiwe.

7 Obadiya ariko aragenda, Eliya aza amutumbereye. Obadiya aca aramumenya maze aramwunamira mu maso hiwe hashika hasi, avuga ati: «Uwo mbona ni wewe ga databuja Eliya+?» 8 Eliya amubwira ati: «Ni jewe. Genda ubwire shobuja ko ndi ng’aha.» 9 Mugabo Obadiya avuga ati: «Ni igicumuro ikihe nagukoreye aho undungika kwa Ahabu ngo anyice jewe umusuku wawe? 10 Ndakurahiye Yehova Imana nzima, yo Mana yawe, yuko ata hanga canke ubwami na bumwe umwami atarungitsemwo abantu kuguhiga. Abo muri ubwo bwami canke iryo hanga bavuze ngo: “Nta wuhari”, umwami yaca ababwira barahire yuko bakubuze+. 11 None nawe uriko unsaba ngo nje kumubwira ko uri ng’aha? 12 Nitwamara kuvana, impwemu ya Yehova ica ikujana+ aho ntazi. Wumva none ninabwira Ahabu ko uri ng’aha hanyuma akakubura, adaca anyica? Yamara jewe umusavyi wawe namye ntinya Yehova kuva mu buto bwanje. 13 Databuja, ntibakubwiye ivyo nakoze igihe Yezebeli yica abahanuzi ba Yehova? Naranyegeje mu masenga abahanuzi ba Yehova 100, ndabanyegeza mu migwi y’abantu 50, nkaza ndabaronsa umukate n’amazi+. 14 Ninagenda kubwira databuja yuko uri ng’aha nk’uko ubinsavye, ntagenda atanyishe.» 15 Ariko Eliya avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Nyeningabo, we Mana nzima nkorera*, uyu musi ndabonana na shobuja.»

16 Obadiya agenda rero kubibwira Ahabu maze Ahabu aja kubonana na Eliya.

17 Ahabu akimara kubona Eliya, aca amubwira ati: «Uwo mbona ni wewe, n’ingene wakwegeye ivyago bikomeye Isirayeli?»

18 Na we amwishura ati: «Si jewe nakwegeye ivyago Isirayeli. Wewe n’abo mu nzu ya so ni mwe mwakweze ivyago, kuko mwaretse gukurikiza amabwirizwa ya Yehova mukurikira za Bayali+. 19 Koranya Abisirayeli bose duhurire ku musozi Karumeli+, ukoranye n’abahanuzi ba Bayali 450 be n’abahanuzi 400 basenga inkingi nyeranda y’igiti*+, bagaburirwa na Yezebeli*.» 20 Nuko Ahabu arungika intumwa mu Bisirayeli bose maze akoraniriza abo bahanuzi ku musozi Karumeli.

21 Eliya aca yegera abantu bose ababwira ati: «Muzogeza ryari kuba ba ntahompagaze*+? Nimba Yehova ari we Mana y’ukuri, nimumusenge+. Nimba na ho Bayali ari yo Mana y’ukuri, nimuyisenge.» Abantu ntibamwishura ijambo na rimwe. 22 Eliya yongera kubwira abantu ati: «Ni jewe jenyene nsigaye mu bahanuzi ba Yehova+, mugabo abahanuzi ba Bayali ni 450. 23 Nibatuzanire amashuri abiri. Maze batore ishuri imwe bayibage hanyuma ibihimba vyayo babishire ku nkwi, ariko ntibashireko umuriro. Nanje ndabaga iyindi shuri hanyuma ndayishire ku nkwi, mugabo sinza gushirako umuriro. 24 Muraheza mwambaze izina ry’imana yanyu+, nanje ndambaza izina rya Yehova. Imana iza kwishura ikarungika umuriro izoba ari yo Mana y’ukuri+.» Abantu bose baca bishura bati: «Ni vyiza turavyemeye.»

25 Eliya aca abwira abahanuzi ba Bayali ati: «Ko ari mwe muri benshi, ba ari mwe mutangura gutora ishuri muheze muyibage. Muce mwambaza izina ry’imana yanyu, mugabo ntimushireko umuriro.» 26 Nuko bafata ishuri batoye barayibaga, maze bambaza izina rya Bayali kuva mu gitondo gushika mu masasita bavuga bati: «Ewe Bayali, nutwishure!» Mugabo babura ikibishura, ntihagira n’ijwi bumva+. Baguma bacumbagira irya n’ino y’igicaniro bari bakoze. 27 Nko mu masasita Eliya atangura kubatwenga, avuga ati: «Erega nimuhamagare n’ijwi ryanyu ryose. None si imana+? Ishobora kuba yatwawe n’ivyiyumviro canke ikaba yagiye kwituma*. Canke wosanga isinziriye bikenewe ko bayivyura!» 28 Baguma bahamagara n’ijwi ryabo ryose bongera bikebaguza ibibugita* n’amacumu nk’uko babigira mu migenzo yabo. Barabandanya gushika n’aho bava amaraso umubiri wose. 29 Sasita irateba irarengana, mugabo babandanya kugira ibintu bitabaho* gushika igihe co gutanga ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba kigeze. Ariko nta wabishura canke ngo hagire ijwi ryumvikana. Bayali ntiyariko irabumviriza+.

30 Vyakabaye kera, Eliya abwira abantu bose ati: «Nimwegere hano.» Nuko abantu bose baramwegera. Maze atangura gusanasana igicaniro ca Yehova cari carasambuwe+. 31 Eliya aca atora amabuye 12 ahuye n’igitigiri c’imiryango ya bene Yakobo, uwo Yehova yabwiye ati: «Uzokwitwa Isirayeli+.» 32 Ayo mabuye ayubakisha igicaniro+ citirirwa izina rya Yehova. Irya n’ino y’ico gicaniro ahaca umuvo ungana n’ahantu bashobora kubiba ingero* zibiri z’imbuto. 33 Hanyuma agishirako inkwi, abaga ya shuri maze ibihimba vyayo abishira kuri nya nkwi+. Aca ababwira ati: «Nimwuzuze amazi imibindi minini ine, muyasuke kuri iri shikanwa riturirwa no ku nkwi.» 34 Maze avuga ati: «Subira mubigire.» Nuko basubira kubigira. Avuga kandi ati: «Nimubigire ubugira gatatu.» Na bo barabigira ubugira gatatu. 35 Nuko amazi akwira irya n’ino ya nya gicaniro, yuzura no muri wa muvo.

36 Nuko mu masaha yo gutanga ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba+, umuhanuzi Eliya aregera avuga ati: «Ewe Yehova, Mana ya Aburahamu+, Izahaki+ na Isirayeli, uyu musi nibimenyekane yuko uri Imana muri Isirayeli. Nibimenyekane kandi yuko jewe ndi umusavyi wawe be n’uko ari wewe wambwiye ngo nkore ibi bintu vyose+. 37 Nunyishure, Yehova. Nunyishure kugira aba bantu bamenye yuko wewe Yehova ari wewe Mana y’ukuri kandi ko ugomba kugarukana imitima yabo kuri wewe+.»

38 Umuriro wa Yehova uca urakoroka uvuye mw’ijuru, uturira rya shikanwa+, na za nkwi, na ya mabuye, n’umukungugu, ufyeta na ya mazi yari mu muvo+. 39 Abantu bose babibonye, baca barunama mu maso hashika hasi, bavuga bati: «Yehova ni we Mana y’ukuri! Yehova ni we Mana y’ukuri!» 40 Maze Eliya ababwira ati: «Nimucakire abahanuzi ba Bayali! Ntihagire n’umwe muri bo abajana!» Baca barabacakira, hanyuma Eliya abamanukana ku mugezi* Kishoni+, abicirayo+.

41 Eliya araheza abwira Ahabu ati: «Nuduge uje kurya no kunywa kuko numva urwamo rw’imvura y’isegenya+.» 42 Nuko Ahabu aduga kurya no kunywa. Nayo Eliya aduga kw’isonga ry’umusozi Karumeli maze arapfukama, yubika umutwe hafi y’amavi+. 43 Maze abwira umusuku wiwe ati: «Ndagusavye uduge urabe amaja ku kiyaga.» Nuko araduga araraba maze avuga ati: «Nta na kimwe mbona.» Mu nyuma Eliya amubwira ati: «Subirayo.» Yamusubijeyo incuro indwi. 44 Ku ncuro igira indwi, wa musuku wiwe avuga ati: «Ehe ndabonye agacu kangana n’ikiganza c’umuntu, kaduga kavuye mu kiyaga.» Eliya amwishura ati: «Genda ubwire Ahabu uti: “Bohera umukogote ku mafarasi umanuke ugende kugira ngo imvura y’isegenya ntigusange ng’aha.”» 45 Muri uwo mwanya ijuru rica ririrabura kubera ibicu, umuyaga urahuhuta, imvura y’isegenya itangura kugwa+. Ahabu abandanya urugendo ari ku mukogote wiwe, aja i Yezireli+. 46 Mugabo impwemu* ya Yehova iza kuri Eliya maze akenyera neza impuzu*. Ariruka asiga Ahabu gushika i Yezireli.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika