Imigani
6 Mwananje, nimba warishinze ingurane ya mugenzawe+,
ukishinga ingurane* y’umuntu utazi+,
2 nimba waguye mu mutego w’ivyo wasezeranye,
ugafatwa n’amajambo y’akanwa kawe+,
3 ng’ibi rero ivyo ukwiye gukora mwananje kugira wirokore,
kuko waguye mu maboko ya mugenzawe:
genda wicishe bugufi imbere yiwe, umutakambire wivuye inyuma+.
4 Ntukundire amaso yawe gusinzira
canke ngo wemere gutora agatiro.
5 Niwirokore nka kurya kw’ingeregere mu kuboko kw’umuhigi,
nka kurya kw’inyoni mu kuboko kw’umuhigi w’inyoni.
7 Naho kidafise umukomanda canke umurongozi canke umutware,
8 kiregeranya indya zaco mu gihe c’iyimbura,
kigategura ibifungurwa vyaco mu ci+.
9 Uzoguma wiryamiye gushika ryari ga wa kinebwe we?
Uzokwikangura ryari?
10 Iryamire gatoyi, wisinzirire gatoyi,
uzinge amaboko wiruhukire+
11 maze ubukene buzokuzako nk’igisuma,
amagorwa akuzeko nk’umuntu yitwaje ikirwanisho+.
12 Umuntu w’imburakimazi kandi w’umubisha aguma ayerera avuga ibinyoma+.
13 Aravunagura ingohe+, akagira ibimenyetso n’ikirenge be n’intoke.
16 Hari ibintu bitandatu bishisha Yehova,
emwe, ibintu indwi bimusesema:
17 amaso yishira hejuru+, ururimi rubesha+, amaboko asesa amaraso y’intungane+,
18 umutima utegura imigambi y’ububisha+, ibirenge vyirukira ikibi,
19 icabona c’ikinyoma kiguma kibesha+
hamwe n’umuntu atera amahane mu bavukana+.
21 Niwame ubiboheye ku mutima wawe,
ubizingire mw’izosi ryawe.
25 Ntukipfuze ubwiza bwiwe mu mutima wawe+
canke ngo ureke amaso yiwe meza agukwegakwege,
26 kuko umumaraya atuma usigara utunzwe n’akamanyu k’umukate gusa+,
ariko umugore w’abandi agutwara ubuzima.
27 Mbega umuntu yorunda umuriro mu gikiriza ciwe ariko impuzu ziwe ntizishe+?
28 Canke umuntu yogendera ku makara yaka ariko ibirenge vyiwe ntibishe?
29 Ni ko bigenda no ku muntu wese asambana n’umugore w’abandi.
Uwumukorako wese ntazogenda adahanywe+.
30 Abantu ntibasuzugura igisuma
iyo civye kugira cimare inzara.