Yobu
15 Elifazi+ w’i Temani amwishura ati:
2 «Mbega umuntu w’inkerebutsi yovuga ibintu ata co bimaze*?
Canke yokwuzuza inda yiwe umuyaga wo mu buseruko?
3 Gukosora ukoresheje amajambo gusa nta co bimaze,
kandi kuvuga vyonyene nta co vyungura.
4 Kuko utuma abantu batabandanya gutinya Imana,
kandi ugatuma batabandanya kuyiyumvira.
7 Mbega ni wewe watanze abantu bose kuvuka?
Canke waratanze imisozi kubaho?
8 Woba wumviriza amabanga y’Imana?
Canke ugira ngo ni wewe gusa ufise ubukerebutsi?
9 Ni ibiki uzi twebwe tutazi+?
Ni ibiki utahura twebwe tudatahura?
11 Mbega ukwirurwa kuvuye ku Mana,
canke amajambo bakubwiranye ubwitonzi ntibikubumba?
12 Kubera iki ureka umutima wawe ukakuzimiza,
n’amaso yawe akarungura kubera ishavu?
13 Erega ushavuriye Imana ubwayo.
Ni co gituma uriko uvuga amajambo mwene ayo.
17 Nyumviriza ndakubwire,
ndakwiganire ivyo niboneye,
18 ivyo abantu b’inkerebutsi batanyegeje,
ivyo biganye babibwiwe na ba sekuruza babo+.
19 Ni bo bonyene baba mu gihugu bahawe,
kandi nta munyamahanga yari muri bo.
20 Umubisha amara ubuzima bwiwe bwose mu mibabaro.
Uwuhahaza abandi amara imyaka yiwe yose mu vyago.
23 Arayerera arondera ibifungurwa*, ariko abikura he?
Arazi neza ko umusi w’umwiza ugira ushike.
24 Amaganya n’umubabaro biguma bimutera ubwoba.
Bimuzako nka kurya kw’umwami yiteguriye igitero.
25 Aramvura ukuboko kugira arwanye Imana ubwayo,
akagerageza kwihanga* Mushoboravyose.
26 Ayirukako n’akagagazo n’akantu,
yitwaje inkinzo ikomeye, ifise intimbatimba nini*.
27 Yarakakamye mu maso kubera ukuvyibuha.
Mu mafyinga yiwe huzuye ibinure*.
28 Ibisagara abamwo bizocika umusaka.
Amazu abamwo nta wuzosubira kuyabamwo,
azosigara ari ibirundo vy’amabuye gusa.
29 Ntazoba umutunzi, ivyo afise ntibizokwongerekana.
Ibintu atunze ntibizokwiragira mu gihugu.
30 Ntazohunga umwiza.
Urubeya ruzoturira umuvyaro wiwe*,
kandi azokwicwa n’impemu zivuye mu kanwa k’Imana+.
31 Ntaze yihende ngo yizigire ibitagira akamaro,
kuko yokwimbura ibitagira akamaro.
32 Ivyo bizomushikira budakeye na kabiri,
kandi amashami yiwe ntazokwigera atotahara+.
33 Azomera nk’igiti gitibagura inzabibu zaco zitarera,
nk’igiti c’umwelayo* gitibagura amashurwe yaco.
34 Kuko ikoraniro ry’abantu batubaha Imana* ata co rivamwo+,
kandi umuriro uzoturira amahema y’abarya igiturire.
35 Batwara inda y’ibibi bakavyara ibintu bibabaza,
kandi inda zabo zuzuye ububeshi.»