Yobu
4 Elifazi+ w’i Temani aca yishura ati:
2 «Mbega uwogira ico akubwiye wovyihanganira?
Ariko hari uworeka kugira ico avuze ga yemwe!
3 Ni ivy’ukuri ko wakosoye benshi,
kandi wahora ukomeza abagoyagoya.
4 Amajambo yawe yarahagurutsa uwutsitaye,
kandi warakomeza abadashobora guhagarara.
5 Ariko ubu ni wewe bishikiye, none raba urarengewe*!
Ni wewe bikozeko, none ehe urahagaritse umutima!
6 Mbega ugutinya Imana kwawe ntigutuma uyizigira?
Ugutungana kwawe+ ntigutuma ugira icizigiro?
7 Mbwira nawe: Hari umuntu w’intungane yigeze ahona?
Ni ryari umuntu w’umugororotsi yigeze atikira?
9 Batikizwa n’impemu z’Imana,
bakarandurwa n’igihuhusi c’ishavu ryayo.
10 Intambwe iraroha, imikangara y’intambwe ikivuga,
ariko n’amenyo y’intambwe zikomeye* aravunagurika.
11 Intambwe irapfa iyo ibuze ico ifata,
ivyana vyayo bigashwiragira.
12 Hari ijambo numvise mw’ibanga,
ugutwi kwanje kwararyumvise mu bwongoshwe.
13 Nareretswe ibintu bitesha umutwe mw’ijoro,
igihe abantu baba batwawe n’agatiro.
14 Naciye ntangura kujugumira cane,
amagufa yanje yose aradegedwa,
15 maze impwemu inca mu maso,
ubwoya bwo ku mubiri wanje buramerereza.
16 Yaciye ihagarara idakakaza,
ariko sinabonye uko yasa.
Nabona ikintu imbere y’amaso yanje.
Nuko haba agacerere, hanyuma numva ijwi rivuga riti:
17 “Mbega umuntu buntu yoba intungane kurusha Imana?
Umuntu yoba uwutyoroye gusumba Uwamuremye?”
19 Hari akantu rero ababa mu mazu y’ibumba,
imishinge yayo ikaba iri mu mukungugu+!
Bafyonyoka ningoga nka kurya kw’agakoko*.
20 Bafyonyagurwa kuva mu gitondo gushika ku mugoroba.
Baratikira ntihagire n’umwe avyitaho.
21 Bameze nk’ihema rifyaramye kubera baranduye umugozi waryo.
Bicwa no kubura ubwenge*.