Mika
Umucamanza wa Isirayeli bamukubita inkoni kw’itama+.
2 Nayo wewe ga Betelehemu Efurata+,
naho uri mutoyi cane ku buryo utoharurwa mu miryango minini* yo mu Buyuda,
iwawe hazova uwuzombera umutware muri Isirayeli+.
Amamuko yiwe ni ayo kuva mu bihe vya kera, kuva mu misi ya kera cane.
3 Ni co gituma Imana izobaheba,
gushika aho uwibaruka azokwibarukira.
Benewabo n’uwo mutware* basigaye bazogaruka mu Bisirayeli.
4 Azohagarara aragire ubusho biciye ku nkomezi za Yehova+,
biciye ku bukuru bw’izina rya Yehova Imana yiwe.
Umwashuri aramutse ateye igihugu cacu, agahonyoza ikirenge ku minara yacu ikomeye+,
tuzohagurutsa abungere indwi bo kumurwanya, duhagurutse indongozi* umunani dukuye mu bantu.
Uwo mutware azodukiza Umwashuri+
niyatera igihugu cacu, agahonyoza ikirenge mu karere kacu.
7 Abakomoka kuri Yakobo basigaye, amahanga menshi abakikuje
bazoyabera nk’urume ruvuye kuri Yehova,
nk’imvura nyinshi igwa ku bimera.
Urwo rume n’imvura ntivyitega umuntu
canke ngo birindire abana b’abantu.
8 Abakomoka kuri Yakobo basigaye,
mu mahanga no mu migwi myinshi y’abantu ibakikuje,
bazoba nk’intambwe mu bikoko vyo mw’ishamba,
nk’intambwe y’umukangara* mu masho y’intama.
Iyo irenganye, irabisimbirako ikabitabagura,
hakabura uwubitabara.
9 Uzoduza ukuboko wigina intsinzi ku bansi bawe,
kandi abansi bawe bose bazohonywa.»
10 Yehova avuze ati: «Kuri uwo musi
nzokuraho amafarasi ari iwawe, ntikize n’imikogote yawe.
11 Nzosambura ibisagara vyo mu gihugu cawe,
nsenyure ibibanza vyawe vyose bikingijwe ibihome.
13 Nzotikiza ibishusho bibajwe be n’inkingi z’amabuye biri iwawe,
kandi ntuzosubira kwunamira ivyakozwe n’amaboko yawe+.
15 Nzokwihora amahanga atagamburutse,
nshavuye kandi naratse.»